Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Do not judge, so that you may not be judged. Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe.
2 For you'll be judged by the judgment you use, and measured by the measure you give. Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.
3 Why look at the speck in your brother's eye but miss the log in your own? Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?
4 Or how can you tell your brother, 'Let me remove the speck from your eye,' when a log is in yours? Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe?
5 Hypocrite, first remove the log from your own eye; then you'll see clearly to remove the speck from your brother's eye. Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.
6 "Don't give dogs what is holy, or throw your pearls before pigs—they'll trample them underfoot, then turn and tear you apart. Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.
7 "Ask, and you'll receive it; seek, and you'll find; knock, and it'll open for you. Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.
8 For everyone who asks receives, whoever seeks finds, and whoever knocks, it will be opened. Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
9 Or what person among you, if his son asks him for bread, will give him a stone? Ni nde muri mwebwe yoha umwana wiwe ibuye yamusavye umukate,
10 Or if he asks for a fish, will give him a snake? canke akamuha inzoka yamusavye ifi?
11 So if you, being evil, know how to give your children good gifts, how much more will your Father in heaven give good things to those who ask him? Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, none So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!
12 "So in everything, treat people the way you want them to treat you; for this is the Law and the Prophets. Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe, kuko ivyo ari vyo Ivyagezwe n’ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyigisha.
13 "Enter through the narrow gate, for the gate is wide, the road broad, leading to destruction, and many enter through it. Muce mw’irembo ryaga. Kuko irembo ryagutse n’inzira yagutse bijana mu mahonero, kandi abantu benshi ni ho baca.
14 But the gate is narrow, the road narrow, that leads to life; few find it. Ariko irembo ryaga n’inzira ntoya ni vyo bijana mu bugingo, kandi ababihitamwo ni bake.
15 "Beware false prophets: they come to you in sheep's clothing but are ravenous wolves inside. Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.
16 By their fruit you will recognize them. Are grapes gathered from thornbushes, or figs from thistles? Muzobamenyera ku vyo bama, ari vyo bikorwa vyabo. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, canke insukoni ku mitobotobo.
17 In the same way, every good tree bears good fruit, but the bad tree bears bad fruit. Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, kandi igiti kibi cama ivyamwa bibi.
18 A good tree cannot bear bad fruit, nor can a bad tree bear good fruit. Nta giti ciza cokwama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cokwama ivyamwa vyiza.
19 Every tree that does not bear good fruit is cut down and thrown into the fire. Igiti cose cama ivyamwa bibi kiracibwa kigatererwa mu muriro.
20 So then, by their fruit you will recognize them. Nuko rero, muzobamenyera ku bikorwa vyabo.
21 "Not everyone who says to me, 'Lord, Lord,' will enter the kingdom of our Father, but the one who does the will of my Father in heaven. Abampamagara ngo: Mwami, Mwami, si bose bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba.
22 Many will say to me on that day, 'Lord, Lord, didn't we prophesy in your name, drive out demons in your name, do many miracles in your name?' Ku musi w’urubanza, benshi bazombwira ngo: Mwami, Mwami, mbega ntitwavugishwa mw’izina ryawe, kandi ntitwirukana abadayimoni mw’izina ryawe bakava mu bantu, tugakora n’ibitangaza vyinshi?
23 Then I will tell them plainly: 'I never knew you; get away from me, you lawbreakers.' Ariko, nzobishura nti: ‘Nta ho nigeze ndabamenya. Nimumve i ruhande mwa nkozi z’ibibi mwe!’
24 "So anyone who hears these words of mine and does them will be like a wise man whose house was built on the rock. Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare.
25 Rain fell, floods came, winds blew and beat against that house, but it didn't fall, because it was founded on rock. Imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyose vyisuka kuri nya nzu, yamara ntiyasenyuka kuko umushinge wayo wari umase ku rutare.
26 And everyone who hears these words of mine and doesn't do them is like a foolish man who built his house on sand. Ariko umuntu wese yumva aya majambo yanje hanyuma ntayashire mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge buke yubatse inzu yiwe ku musenyi.
27 The rain fell, floods came, winds blew and hit that house, and it fell—and its fall was great." Imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyose vyisuka kuri nya nzu, hanyuma irasenyuka kandi isenyuka ryayo ryabaye irikomeye.”
28 When Jesus had finished saying these words, the crowds were astonished at his teaching, Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe;
29 because he was teaching them as one who had authority, and not as their scribes. kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe babo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]