Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Take care not to practice your righteousness before others to be seen by them, or you have no reward from your Father in heaven. Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.
2 So when you give to the needy, don't announce it with a trumpet, like the hypocrites do in synagogues and streets, to be praised by people. I assure you: they've already received their full reward. Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.
3 But when you give to the needy, don't let your left hand know what your right hand does, Ariko niwagira ico uha umukene, ukuboko kwawe kw’i bubamfu, ntigukwiye kumenya ico ukuboko kw’i buryo gukoze.
4 so that your gift stays secret. Your Father, who sees in secret, will repay you. Gutyo, gutanga kwawe kugume ari ibanga, kandi So wo mw’ijuru abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.
5 "When you pray, don't be like hypocrites who love praying standing in synagogues and on street corners to be seen by others. Truly, I tell you: they've already received their full reward. Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.
6 But when you pray, go into your room, shut the door, and pray to your Father in secret. Your Father who sees in secret will reward you. Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.
7 When you pray, don't babble like those who don't know the Father, because they think many words will get them heard. Iyo musenga, ntimuvuge amajambo menshi nk’abatizera Imana, biyumvira ko Imana ibumva kubera amajambo menshi bavuze.
8 Do not be like them, for your Father knows what you need before you ask him. Ntimugire nka bo, kuko Data wo mw’ijuru azi neza ivyo mukeneye imbere y’uko munabimusaba.
9 This, then, is how you should pray: 'Our Father in heaven, may your name be honored as holy, Mukwiye gusenga muvuga muti: Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryubahwe,
10 your kingdom come, your will be done, on earth as it is in heaven. Ubwami bwawe buze, ivyo ugomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru.
11 Give us today our daily bread. Uduhe ivyokurya bidukwiye uwu musi,
12 And forgive us our debts, as we also have forgiven our debtors. uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.
13 And lead us not into temptation, but deliver us from the evil one.' Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]
14 "For if you forgive others their sins, your heavenly Father will also forgive you. Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.
15 But if you do not forgive others their sins, neither will your Father forgive your sins. Ariko nimutaharira abandi ibibi vyabo, na So wo mw’ijuru ntazobaharira namwe ibibi vyanyu.
16 "When you fast, don't look gloomy like the hypocrites—they disfigure their faces to show others they're fasting. Truly, I tell you, they have their full reward. Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.
17 But when you fast, put oil on your head and wash your face, Ariko wewe, iyo wisonzesheje, woge mu maso hanyuma wisige amavuta mu mutwe,
18 so you don't appear to others as fasting, but only to your Father, who is hidden. Then your Father, who sees what's hidden, will reward you. kugira ngo ntiwereke abantu ko wisonzesheje; ahubwo uvyereke So ari ahihishije; maze So, we abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.
19 "Do not store up treasures for yourselves on earth, where moth and rust destroy, and thieves break in and steal. Ntimukirundanirize ubutunzi mw’isi, aho imiswa, inyenzi n’ingese bishobora kubwonona, kandi n’ibisuma bigashobora kumena bikabwiba.
20 But store up treasures in heaven for yourselves, where neither moth nor rust destroys, and thieves can't break in and steal. Ariko, mwirundanirize ubutunzi mw’ijuru, aho imiswa, inyenzi n’ingese bidashika ngo bibwonone canke abasuma badashika ngo bamene babwibe;
21 For where your treasure is, there your heart will be also. kuko aho ubutunzi bwawe buri, ari ho n’umutima wawe uzoba.
22 "The eye is the body's lamp. If your eye is clear, your whole body will be full of light. Amaso ni yo matara y’umubiri. Iyo amaso yawe abona neza, umubiri wawe wose uba mu muco.
23 But if your eye is bad, your whole body will be dark. If then the light in you is darkness, how great that darkness is! Ariko iyo atabona neza, umubiri wawe wose uca uba mu mwijima. Nimba wibaza ko ufise umuco kandi ari umwijima, umwijima uri muri wewe n’umuzitanya!
24 "No one can serve two masters: he'll hate one and love the other, or hold to one and despise the other. You can't serve our Father and money. Nta muntu n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe yosanga yahemukiye uwundi. Ntimushobora gukoreshwa n’Imana ngo mwongere mukoreshwe n’amahera.
25 "So I tell you: don't worry about your life—what you'll eat or drink—or body—what you'll wear. Isn't life more than food, body more than clothes? Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya kandi umubiri nturuta cane ivyambarwa?
26 Look at the birds in the sky: they don't plant, harvest, or store in barns, yet your heavenly Father feeds them. Aren't you worth more than they? Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane?
27 Can any of you by worrying add a single hour to your life? Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?
28 And why worry about clothing? Consider the lilies of the field, how they grow: they don't work or spin. Ni kuki mwiganyira kubera ivyo mwambara? Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu.
29 Yet I tell you: not even Solomon, in all his glory, was dressed like one of these. Ariko ndababwira ko na Salomo ubwiwe, mu cubahiro ciwe cose, atigeze ashaza nka rimwe muri yo.
30 If our Father clothes the field's grass like this—here today, thrown into the fire tomorrow—won't he much more clothe you, you of little faith? Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke?
31 "So don't worry, asking, 'What will we eat?' or 'What will we drink?' or 'What will we wear?' Ni co gituma mudakwiye kwiganyira; muvuga muti: ‘Mbega tuzorya iki? Tuzonywa iki? Tuzokwambara iki?’
32 For those who don't know the Father chase all these things, but your heavenly Father knows you need them. Ivyo ni vyo abatizera Imana birukira ubudasiba; ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.
33 But seek first our Father's kingdom and his righteousness, and all these will be added to you. Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.
34 So don't worry about tomorrow—it will worry about itself. Each day has enough trouble of its own." Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]