Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When he came down from the mountain, great crowds followed him. Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye.
2 A man with leprosy approached, knelt before him, saying, "Lord, if you're willing, you can make me clean." Maze haza umuntu agwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”
3 Jesus reached out his hand and touched him: "I am willing; be clean." His leprosy vanished at once. Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene aca arakira ya mibembe.
4 Jesus told him, "Tell no one, but go show yourself to the priest and offer the gift Moses commanded, as testimony to them." Maze Yesu yongera amubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
5 When he entered Capernaum, a centurion came to him, appealing to him, Yesu ashitse i Kaperinawumu, intwazangabo mu basoda b’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe.
6 and saying, "Lord, my servant is lying at home paralyzed, suffering terribly." Amubwira ati: “Mwami, umukozi wanje aryamye i muhira, ntiyikoma kandi arababaye cane.”
7 He said to him, "I will come and heal him." Yesu aramwishura ati: “Ndaje kumukiza.”
8 The centurion replied, "Lord, I'm not worthy for you to come under my roof; just say the word, and my servant will be healed. Ariko, uwo musoda nawe aca amwishura ati: “Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira.
9 For I too am a man under authority, with soldiers under me. I tell one, 'Go,' and he goes; another, 'Come,' and he comes; my servant, 'Do this,' and he does it." Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: ‘Kora iki,’ aca agikora.”
10 Hearing this, Jesus was amazed and told his followers, "Truly, I tell you, I have found no one in Israel with such faith. Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.
11 I tell you, many will come from east and west and sit at the table with Abraham, Isaac, and Jacob in our Father's kingdom, Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, na Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru;
12 but the kingdom's sons will be thrown into the outer darkness, where there will be weeping and grinding of teeth." mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze mu mwijima, aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo.”
13 Jesus told the centurion, "Go, let it be done for you as you believed." His servant was healed that hour. Hanyuma Yesu aca abwira wa musoda mukuru ati: “Genda bikubere uko nyene uvyizeye.” Ako kanya nyene wa mukozi wiwe aca arakira.
14 When Jesus entered Peter's house, he saw Peter's mother-in-law lying in bed with a fever. Yesu aca aja i muhira kwa Petero, asanga inabukwe wa Petero ari ku buriri, agwaye kandi ashushe cane.
15 He touched her hand; the fever left her, and she rose and served him. Amukora ku kuboko, ako kanya nyene bwa bushuhe buca burahera, aca ava hasi aramuzimana.
16 That evening they brought him many oppressed by demons; he expelled the spirits with a word and healed everyone sick. Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abagwaye bose.
17 This fulfilled the prophet Isaiah's words: "He took our weaknesses and carried our diseases." Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati: “Yikoreye ubumuga bwacu, yishirako ingwara zacu zose.”
18 When Jesus saw a crowd around him, he ordered them to cross to the other side. Yesu abonye isinzi ry’abantu baje kumushengerera, aca abwira abigishwa biwe ngo bajabuke, baje hakurya y’ikiyaga.
19 And a scribe came up and said to him, "Teacher, I will follow you wherever you go." Umwe mu bigisha b’ivyagezwe aca aramwegera, amubwira ati: “Mwigisha, nditeguye kugukurikira aho uja hose.”
20 Jesus told him, "Foxes have dens and birds of the sky have nests, but the Son of Man has nowhere to lay his head." Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”
21 Another of the disciples said to him, "Lord, let me first go and bury my father." Uwundi mu bigishwa amubwira ati: “Mwami, ndeka mbanze ngende mpambe data.”
22 But Jesus said to him, "Follow me, and leave the dead to bury their own dead." Yesu aramwishura ati: “Nkurikira, reka abapfuye mu mpwemu bahambe abapfuye babo.”
23 When he got into the boat, his disciples followed him. Ivyo biheze, Yesu aca aja mu bwato, kandi abigishwa biwe bajana na we.
24 Suddenly a great storm arose on the sea, so waves covered the boat—but he was asleep. Ubwo nyene haza umuyaga w’igihuhusi mu kiyaga, ku buryo imipfunda yaza irisuka mu bwato; ariko Yesu yari asinziriye.
25 So they woke him: "Lord, save us! We're dying!" Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: “Mwami dukize, turapfuye!”
26 He said to them, "Why are you afraid, you of little faith?" Then he stood and rebuked the winds and sea, and a great calm followed. Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haba agahwekere.
27 The men were amazed: "What kind of man is this—even winds and sea obey him?" Maze bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”
28 Crossing to the other side, to the region of the Gadarenes, two demon-possessed men came out of the tombs to meet him, so violent no one could pass that way. Yesu ashitse hakurya y’ikiyaga, mu ntara ya Gadarene, abantu babiri baboshwe n’abadayimoni baza guhura na we, bavuye mw’itongo ry’abapfuye. Bari bateye ubwoba ku buryo ata muntu n’umwe yashobora guca muri iyo nzira.
29 They shouted, "What do you want with us, Son of God? Have you come here to torment us before the time?" Abo badayimoni bamubonye, baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kudukubagura kandi igihe cacu kitaragera?”
30 Now a herd of many pigs was feeding at some distance from them. Hafi y’aho hari umukuku munini w’ingurube zari ziragiwe ku musozi.
31 And the demons begged him, "If you cast us out, send us into the herd of pigs." Abo badayimoni binginga Yesu bati: “Ugomvye kutwirukana, twemerere tuje muri ziriya ngurube.”
32 He told them, "Go." They came out and entered the pigs, and the whole herd rushed down the cliff into the sea and died in the waters. Yesu arababwira ati: “Nimugende!” Baca bava muri abo bantu, bitera muri za ngurube. Ubwo nyene wa mukuku wose w’ingurube uca wiruka umanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.
33 The herdsmen fled into the city and reported everything, including what had happened to the demon-possessed men. Abari baragiye izo ngurube na bo baca bariruka barahunga; baja mu gisagara kuvuga ibibaye, n’ivyashikiye ba bantu babiri bahora baboshwe n’abadayimoni.
34 The whole city came out to meet Jesus; seeing him, they begged him to leave their region. Hanyuma abantu bose bo muri ico gisagara, baja gutegera Yesu, bamubonye baramwinginga ngo abavire mu ntara.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]