Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the Holy Spirit led Jesus into the wilderness to be tempted by the devil. Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani.
2 And after fasting forty days and forty nights, he was hungry. Amaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine ata co arya kandi ata co anywa, yumva arashonje.
3 The tempter came and said, "If you're the Son of God, tell these stones to become bread." Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”
4 But he answered, "It is written, 'People do not live by bread alone, but by every word from our Father's mouth.'" Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’”
5 Then the devil took him into the holy city, stood him on the temple's highest point, Hanyuma wa mubi amujana i Yerusalemu, igisagara cera, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse,
6 and told him, "If you're God's Son, throw yourself down, since Scripture says, 'He will command his angels about you, and they will carry you on their hands, so you won't strike your foot on a stone.'" amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo: ‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame. Bazokurerura mu maboko yabo kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’”
7 Jesus said to him, "Again it is written, 'You must not put your Father to the test.'" Yesu na we aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’”
8 Again the devil took him to a very high mountain and showed him all the world's kingdoms and their glory. Hanyuma Satani yongera kumujana ku musozi muremure cane amwereka ubwami bwose bwo mw’isi n’ubwiza bwabwo.
9 He said to him, "All these I will give you, if you bow down and worship me." Aramubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfukama ukansenga.”
10 Then Jesus told him, "Get away, Satan! For Scripture says, 'Worship your Father, and serve only him.'" Yesu aramwishura ati: “Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’”
11 Then the devil left him, and suddenly angels came and took care of him. Kuva ako kanya Satani aca aramureka, maze abamarayika baraza baramukorera.
12 Now when he heard that John had been arrested, he withdrew into Galilee. Yesu yumvise ko Yohana yashizwe mw’ibohero, aca aja i Galilaya.
13 He left Nazareth and settled in Capernaum, by the sea, in the territory of Zebulun and Naphtali, Hanyuma ava i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali,
14 so that what was spoken by the prophet Isaiah might be fulfilled: kugira ngo ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya bishike. Yavuze ati:
15 "The land of Zebulun and the land of Naphtali, the way of the sea, beyond the Jordan, Galilee of the Gentiles, “Mu ntara ya Zabuloni n’intara ya Nafutali, mu bice vyegereye ikiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya haba Abanyamahanga benshi;
16 the people dwelling in darkness have seen a great light, and for those dwelling in the region and shadow of death, on them a light has dawned." abantu bahora bicaye mu mwijima, babonye umuco mwinshi, kandi ababa mu gihugu c’igitutu c’urupfu, umuco warabarasiye.”
17 From that time Jesus began to preach, saying, "Repent, for the kingdom of our Father is near." Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
18 Walking by the Sea of Galilee, he saw two brothers, Simon called Peter and his brother Andrew, casting a net into the sea—they were fishermen. Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu kiyaga kuko bari abarovyi.
19 And he said to them, "Follow me, and I will make you fishers of people." Yesu arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.”
20 Immediately they left their nets and followed him. Ubwo nyene, baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
21 Going on from there, he saw two more brothers—James son of Zebedee and John his brother—in the boat with their father Zebedee, mending nets, and called them. Abandanije, abona abavukana babiri, Yakobo na Yohana bene Zebedayo bari kumwe na se mu bwato, bariko barasana insenga zabo. Maze Yesu arabahamagara,
22 Immediately they left the boat and their father and followed him. baca basiga ubwato na se baramukurikira.
23 He went all through Galilee, teaching in their synagogues, announcing the good news of the kingdom, and healing every disease and sickness among the people. Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.
24 News of him spread through all Syria. They brought him all who were sick—gripped by various diseases and pains, oppressed by demons, epileptic, paralyzed—and he healed them. Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abagwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.
25 Large crowds followed him from Galilee, the Decapolis, Jerusalem, Judea, and beyond the Jordan. Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi, i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]