Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days John the Baptist came, preaching in the wilderness of Judea, Muri iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya,
2 "Repent, for the kingdom of our Father has come near." avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
3 This is the one Isaiah the prophet spoke of, saying: "A voice calling out in the wilderness: Prepare the way of the Lord, make his paths straight." Uwo Yohana ni we yari yaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, igihe yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’”
4 John wore clothes of camel hair, with a leather belt around his waist; his food was locusts and wild honey. Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.
5 Then Jerusalem and all Judea and all the region around the Jordan went out to him, Abantu bava i Yerusalemu, i Yudaya no mu karere k’uruzi Yorodani, bakaja iyo ari.
6 and they were baptized by him in the Jordan River, confessing their sins. Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza muri Yorodani.
7 Seeing many Pharisees and Sadducees coming to be baptized, he said to them, "You brood of vipers! Who warned you to flee the coming wrath? Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?
8 Bear fruit, then, worthy of repentance. Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,
9 Don't presume to say to yourselves, 'Abraham is our father,' for I tell you: our Father can raise up children for Abraham from these stones. mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu,’ kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.
10 The axe already lies at the root of the trees, so every tree not bearing good fruit is cut down and thrown into the fire. Mbere incabiti ibanguriwe kw’imerero ry’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.
11 "I baptize you with water for repentance, but the one coming after me is stronger than I am—I'm not worthy to carry his sandals. He will baptize you with the Holy Spirit and fire. Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.
12 His winnowing fork is in his hand; he'll clear his threshing floor, gather his wheat into the barn, but burn the chaff with fire that never goes out." Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”
13 Then Jesus came from Galilee to the Jordan to John, to be baptized by him. Maze Yesu ava i Galilaya aja kuri Yorodani ngo abatizwe na Yohana.
14 But John tried to stop him: "I need baptism from you, yet you come to me?" Ariko Yohana agerageza kumwankira, avuga ati: “Ni jewe nkwiye kubatizwa nawe, none uje ngo abe ari jewe nkubatiza?”
15 Jesus replied to him, "Allow it now, for this is how we must fulfill all righteousness." So John allowed him. Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse vyose.” Yohana aca yemera kumubatiza.
16 After Jesus was baptized, he came up out of the water at once, and suddenly the heavens opened to him; he saw the Spirit of our Father coming down like a dove and settling on him. Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka mw’ishusho y’inuma ashika kuri we.
17 Then a voice from heaven said, "This is my Son, the one I love; I delight in him." Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]