Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 3 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yohana Umubatizi ategurira Yesu inzira

1Muri iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya, 2avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.” 3Uwo Yohana ni we yari yaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, igihe yavuga ati:“Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati:‘Nimutegurire Uhoraho aho aca,mugorore inzira agenderamwo.’”

4Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. 5Abantu bava i Yerusalemu, i Yudaya no mu karere k’uruzi Yorodani, bakaja iyo ari. 6Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza muri Yorodani.

7Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza? 8Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, 9mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu,’ kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu. 10Mbere incabiti ibanguriwe kw’imerero ry’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.

11Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro. 12Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”

Yohana abatiza Yesu

13Maze Yesu ava i Galilaya aja kuri Yorodani ngo abatizwe na Yohana. 14Ariko Yohana agerageza kumwankira, avuga ati: “Ni jewe nkwiye kubatizwa nawe, none uje ngo abe ari jewe nkubatiza?”

15Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse vyose.” Yohana aca yemera kumubatiza.

16Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka mw’ishusho y’inuma ashika kuri we. 17Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]