Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 On that day Jesus went out of the house and sat down beside the sea. Uwo musi nyene, Yesu arasohoka ava mu nzu, aja ku nkengera y’ikiyaga, yicaraho.
2 Large crowds gathered around him, so he got in a boat and sat, while the whole crowd stood on the shore. Maze abantu isinzi baza aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo; abantu na bo bahagarara ku musenyi.
3 And he told them many things in parables, saying: "Look, a sower went out to sow. Maze abigisha vyinshi mu migani, avuga ati: “Umubivyi yagiye kubiba imbuto ziwe.
4 And as he sowed, some seed fell along the path, and the birds came and devoured it. Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura.
5 Other seed fell on rocky ground with little soil, and sprang up quickly since the soil lacked depth. Izindi na zo zigwa ku rutare, ahantu hatagira ivu ryinshi; zica zimera ningoga, kuko ivu ryari rike.
6 When the sun rose, the plants were scorched; since they had no root, they withered. Ariko izuba ryatse, za mbuto zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.
7 Other seed fell among thorns, and the thorns grew up and choked it. Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha.
8 Other seed fell on good soil, producing grain: some a hundredfold, some sixty, some thirty. Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu.
9 Whoever has ears, let them hear." Uwufise amatwi niyumve!”
10 Then the disciples came to him and asked, "Why do you speak to them in parables?" Abigishwa biwe baramwegera baramubaza bati: “Ni kuki wigisha abantu ukoresheje imigani?”
11 He said, "You've been given to know the secrets of the kingdom of our Father; they have not. Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe.
12 Whoever has will be given more and have plenty; whoever has none loses even what he has. Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise.
13 This is why I speak to them in parables: they look but don't see; they listen but don't hear or understand. Ni co gituma ndabigishiriza mu migani, kugira ngo naho boraba ntibabone; n’aho bokwumviriza ntibumve canke ngo batahure.
14 In them Isaiah's prophecy is fulfilled: 'You will hear and hear, yet never understand; you will see and see, yet never perceive.' Ivyo bishitsa kuri bo ivyo Yesaya yavugishijwe, aho yavuga ati: ‘Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimuzokwigera mutahura; kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.
15 For this people's heart has grown calloused; they hardly hear with their ears, and they have closed their eyes—otherwise they might see with their eyes, hear with their ears, understand with their heart, and turn, and I would heal them.' Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza. Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo, maze bagahindukira nanje nkabakiza.’
16 But blessed are your eyes, for they see, and your ears, for they hear. Ariko hahiriwe amaso yanyu kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva.
17 I assure you: many prophets and righteous people longed to see what you see, and didn't; to hear what you hear, and didn't. Kuko ndababwire ukuri, abavugishwa n’Imana n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ariko ntibavyumva.
18 Listen, then, to the parable of the sower. Nimwumvirize ico umugani w’umubivyi usigura:
19 Everyone who hears the kingdom's word and doesn't grasp it—the evil one comes and snatches what was sown in his heart. This is the seed sown beside the path. Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akanyakura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira.
20 Seed sown on rocky ground is the one who hears the word, immediately receiving it with joy, Imbuto zabibwe ku rutare zerekana ukuntu abantu bumva ijambo ry’Imana hanyuma bagaca baryakirana umunezero mu mitima yabo.
21 but having no root in themselves, they don't last; when trouble or persecution comes because of the word, they quickly fall away. Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa kubw’iryo jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.
22 The one sown among thorns hears the word, but worry over this age and wealth's deceit choke it, making it unproductive. Imbuto zaguye mu mahwa, zerekana umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.
23 But the seed sown on good soil hears the word and understands it. It bears fruit—100, sixty, or thirty times what was sown." Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana akaritahura. Uwo ni we aheza akama; bamwe bakama incuro ijana, abandi incuro mirongo itandatu, abandi incuro mirongo itatu z’ivyabibwe.”
24 He gave them another parable: "The kingdom of our Father is like a man who sowed good seed in his field. Yesu abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe.
25 But while everyone slept, his enemy came, sowed weeds among the wheat, and left. Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira.
26 When the wheat sprouted and produced grain, then the weeds appeared as well. Uburo bumaze gukura, no kuyangika, urwamfu na rwo rutangura kwibonekeza.
27 The owner's servants came saying, 'Master, didn't you sow good seed in your field? Where then did the weeds come from?' Abakozi ba nyene umurima baca baramubaza bati: ‘Nyakwubahwa, mbega ntiwari wabivye imbuto nziza; none uru rwamfu rwavuye hehe?’
28 'An enemy did this,' he replied. 'So do you want us to go pull them up?' the servants asked him. Arabishura ati: ‘Umwansi ni we yakoze ivyo.’ Baramubaza bati: ‘None urashaka ko tuja kururandura?’
29 'No,' he said, 'because while you are pulling the weeds, you may uproot the wheat with them. Arabishura ati: ‘Oya, kuko mu kurandura urwamfu mwohava murandurana n’uburo.
30 Let both grow together until harvest. At harvest time I'll tell the reapers: Gather the weeds first, bind them in bundles to burn; then gather the wheat into my barn.'" Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ ”
31 He told them another parable: "The kingdom of our Father is like a mustard seed a man took and planted in his field. Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe.
32 Though the smallest of all seeds, when grown it becomes the largest of garden plants, a tree where birds come to nest in its branches." Naho ari gatoya kurusha izindi mbuto zose, iyo kameze karakura, kakaruta ibindi biterwa vyose vyo mw’itongo, maze kagahinduka igiti kinini, ku buryo n’inyoni zo mu kirere ziza zikarika mu mashami yaco.”
33 He gave them another parable: "The kingdom of our Father is like yeast a woman took and mixed into about twenty-five pounds of flour, until it spread through all the dough." Yongera abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ingero zitatu , uwo mwambiro muke utuma igikandu cose c’umukate gikakama.”
34 Jesus said all these things to the crowds in parables; he said nothing to them without a parable. Ivyo vyose Yesu yabibwira abantu mu migani; nta kintu na kimwe yababwira adakoresheje imigani.
35 This fulfilled what was spoken through the prophet: "I will open my mouth in parables; I will utter what's been hidden since the world was founded." Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana yavuze vyashitse, ngo: “Nzokwugurura akanwa kanje mu migani, mvuge ivyagizwe amabanga kuva isi ikiremwa.”
36 Then he left the crowds and entered the house. His disciples approached him and said, "Explain to us the parable of the weeds in the field." Hanyuma Yesu asiga abantu ngaho, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: “Dusigurire umugani w’urwamfu mu murima.”
37 He answered, "The one who sowed the good seed is the Son of Man. Arabishura ati: “Uwabivye imbuto nziza ni Umwana w’Umuntu.
38 The field is the world. The good seed is the kingdom's children; the weeds are the evil one's children. Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi.
39 The enemy who sowed them is the devil; the harvest is the end of the age; the harvesters are angels. Umwansi yabivye urwamfu ni Satani. Iyimbura ni umuhero w’isi; abimbuzi ni abamarayika.
40 As the weeds are gathered and burned in fire, so it will be at the end of the age. Nk’uko begeranya urwamfu kugira ngo baruturire, ni ko bizomera ku muhero w’isi.
41 The Son of Man will send his angels to weed out of his kingdom everything that causes sin and all who do evil. Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe;
42 They will throw them into the blazing furnace, where there is weeping and grinding of teeth. babaterere mw’itanure ryaka umuriro; ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.
43 Then the righteous will shine like the sun in their Father's kingdom. The one with ears should listen." Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi niyumve.
44 The kingdom of our Father is like treasure hidden in a field. A man found it, hid it again, then joyfully sold all he had to buy that field. Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’ubutunzi buhishijwe mw’itongo. Umuntu umwe yabuserutseko, aca yongera arabuhisha. Hanyuma kubera umunezero mwinshi, aragenda ashora ivyo yari afise vyose, agura iryo tongo.
45 "Again, the kingdom of our Father is like a merchant searching for fine pearls. Kandi Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umudandaza yagiye kurondera amabuye y’agaciro.
46 Finding one priceless pearl, he went and sold all he had and bought it. Abonye irirusha agaciro ayandi, aca aragenda ashora ivyo yari afise vyose, ararigura.
47 Again, our Father's kingdom is like a net cast into the lake, gathering fish of every kind. Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose.
48 When full, the fishermen pulled it ashore, sat down, and collected the good fish in baskets, throwing out the bad. Rumaze kwuzura, abarovyi barukwegera i musozi, baricara batoranya ifi nziza bazishira mu masandugu, ifi mbi na zo barazita.
49 So it will be at the age's end: angels will go out and separate the wicked from among the righteous, Uko ni ko bizogenda ku muhero w’isi. Abamarayika bazosobanura abanyakibi mu bagororotsi,
50 and throw them into the blazing furnace, where they will weep and grind their teeth." babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.”
51 "Have you understood all these things?" "Yes," they replied. Yesu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega ivyo murabitahura?” Na bo bati: “Egome.”
52 He said to them, "Every teacher of the law trained for our Father's kingdom is like a homeowner who brings treasures new and old out of his storeroom." Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa w’Ubwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha bibitsweyo hamwe n’ivya kera.”
53 When Jesus had finished these parables, he moved on from there. Yesu ahejeje kwigishiriza muri iyo migani, aca ava ngaho.
54 Returning to his hometown, he taught in their synagogue, and they were amazed: "Where does this man get this wisdom and these mighty works? Ashitse mu gisagara yakuriyemwo, atangura kwigishiriza abantu mw’isinagogi yabo. Abamwumvirije bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ubwo bwenge n’ubwo bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?
55 Isn't this the carpenter's son? Isn't his mother named Mary, and his brothers James, Joseph, Simon, and Judas? Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda?
56 Aren't all his sisters here with us? Where then did this man get all these things?" Bashikiwe bose ntitubana? None ivyo vyose yabikuye hehe?”
57 They took offense at him. But Jesus said to them, "A prophet is honored everywhere except in his hometown and in his own household." Maze ivyiwe birabatsitaza, bituma batamwizera. Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.”
58 He didn't do many miracles there because of their lack of faith. Aho hantu Yesu ahakorera ibitangaza bike kuko abantu baho ata kwizera bari bafise.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]