Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At that time Jesus went through the grainfields on the Sabbath. His disciples were hungry and began to pluck heads of grain and eat them. Hanyuma y’ivyo, Yesu aragenda aca mu mirima y’ingano kandi hari ku musi w’Isabato. Abigishwa biwe bari bashonje, baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete barazirya.
2 Seeing this, the Pharisees said to him, "Look—your disciples are doing what's unlawful on the Sabbath." Abafarisayo babibonye, baramubwira bati: “Ehe raba abigishwa bawe bariko bakora ikizira ku musi w’Isabato!”
3 He said to them, "Haven't you read what David did when he and his companions were hungry?" Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje?
4 how he entered the house of our Father and ate the Presence bread, unlawful for him and his companions, reserved only for priests? Yinjiye mu nzu y’Imana, arya imikate yashikaniwe Imana, yongera ahako n’abari kumwe na we; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya.
5 "Or haven't you read in the Law that on the Sabbath, priests in the temple break the Sabbath and are guiltless? Canke mbega ntimurasoma mu Vyagezwe ingene abaherezi batubahiriza umusi w’Isabato, iyo bariko barakora ibikorwa vyabo vyo mu rusengero kandi ntibabe bakoze icaha?
6 I tell you, something greater than the temple is here. Ariko ndababwire, hano hari uwurengeye urusengero!
7 If you knew what 'I want mercy, not sacrifice' means, you wouldn't have condemned the blameless. Iyo muba mutahura ijambo rivuga ngo: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi,’ ntimwari gutsindisha abatagira icaha.
8 For the Son of Man is Lord of the Sabbath." Kuko Umwana w’Umuntu ari Umwami w’Isabato.”
9 He went on from there and entered their synagogue. Avuye ngaho, yinjira mw’isinagogi yabo,
10 A man with a withered hand was there. They asked him, "Is it lawful to heal on the Sabbath?"—hoping to accuse him. ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Mu kurondera ico bafatirako kugira ngo bamwagirize, baramubaza bati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”
11 He said to them, "Who among you with a sheep, if it falls in a pit on the Sabbath, won't grab and pull it out? Na we arabishura ati: “Muri mwebwe uwoba afise intama imwe hanyuma ikagwa mu kinogo ku musi w’Isabato, ntiyoyikurayo?
12 How much more is a person worth than a sheep! So it's lawful to do good on the Sabbath." Namwe murazi neza ko umuntu afise agaciro karengeye ak’intama! Ni co gituma vyemewe gukora iciza ku musi w’Isabato.”
13 Then he told him, "Stretch out your hand." He stretched it out, and it was restored, healthy like the other. Hanyuma aca abwira uwo muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira neza kumera nk’ukundi.
14 But the Pharisees went out and plotted how to destroy him. Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama y’ingene bokwica Yesu.
15 Jesus, aware of this, withdrew from there. And many followed him, and he healed them all, Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira, akiza abagwaye bose bari muri bo,
16 and he ordered them not to tell anyone about him. ariko arabihanikiriza ngo ntihagire abandi babwira uwo ari we.
17 This was to fulfill what was spoken by the prophet Isaiah: Ivyo vyabaye kugira ngo ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze bishike, aho yavuze ati:
18 "Look, my servant—Jesus—whom I have chosen, my beloved in whom my soul delights. I will put my Spirit upon him, and he will proclaim justice to the nations. “Ng’uwu umukozi wanje natoranije, uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa. Nzomushirako Mpwemu wanje, na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.
19 He will not quarrel or shout, nor will anyone hear his voice in the streets. Ntazotongana canke ngo avuze urwamo; nta n’umwe azokwumva ijwi ryiwe mu mabarabara.
20 A bruised reed he will not break, and a smoldering wick he will not quench, until he brings justice to victory; Irenga rivunitse ntazorihohosha, kandi n’urumuri rwaka buhoro ntazoruzimya, kandi ivyo azobikora kugeza ubutungane busasagaye.
21 and in his name the nations will put their hope." Amahanga azokwizigira izina ryiwe.”
22 Then someone brought him a blind, mute demon-oppressed man, and he healed him so the man could speak and see. Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kutabona n’uburagi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.
23 And all the crowds were amazed and said, "Can this be the Son of David?" Maze abantu benshi bari aho baratangara cane, baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu yoba ari wa Mwana wa Dawidi?”
24 But hearing this, the Pharisees said, "This man drives out demons only by Beelzebul, prince of demons." Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”
25 Knowing their thoughts, he said to them, "Every kingdom divided against itself is ruined, and no city or house divided against itself will stand. Yesu amenye ivyiyumviro vyabo, aca ababwira ati: “Ubwami bwose iyo bwiciyemwo ibice buba bugiye gusenyuka. Kandi iyo igisagara canke umuryango vyiciyemwo ibice ntibishobora kurama.
26 And if Satan casts out Satan, he is divided against himself. How then will his kingdom stand? Nimba Satani yirukana Satani akicamwo ibice, none ubwami bwiwe bworama bute?
27 If I drive out demons by Beelzebul, by whom do your sons drive them out? So they will be your judges. Canke nimba Beyelizebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abigishwa banyu bo babishobozwa na nde? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.
28 But if I drive out demons by the Spirit of our Father, then the kingdom of our Father has reached you. Ariko nimba ari Mpwemu w’Imana anshoboza kwirukana abadayimoni, noneho Ubwami bw’Imana bwashitse muri mwebwe.
29 Or how can someone enter a strong man's house and carry off his goods, unless he first restrains the strong man? Then he can loot his house. Ikindi, umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha? Aho ni ho honyene ashobora kwinjira mu nzu akamunyaga ivyiwe.
30 Whoever is not with me is against me, and whoever does not gather with me scatters. Uwutari kumwe nanje wese arangwanya, kandi uwutariko aramfasha kwegeranya wese, aba ariko arasanzaza.
31 So I tell you, every sin and blasphemy will be forgiven people, but blasphemy against the Spirit will not be forgiven. Ni co gituma ndababwira ko icaha ico ari co cose, n’ugutuka Imana ukwo ari kwo kwose abantu bashobora kubiharirwa, ariko gutuka Mpwemu Yera ntibazoshobora kubiharirwa.
32 Whoever speaks against the Son of Man will be forgiven; whoever speaks against the Holy Spirit won't be forgiven—neither in this age nor the age to come. Umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu, azobiharirwa; ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa, haba muri kino gihe canke mu gihe kizoza.
33 Make the tree good and its fruit good, or the tree bad and its fruit bad, for a tree is known by its fruit. Igiti iyo ari ciza n’ivyamwa vyaco biba vyiza, kandi igiti iyo ari kibi n’ivyamwa vyaco biba bibi; kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco.
34 You brood of vipers! How can you speak good things since you're evil? For the mouth speaks the heart's overflow. Mwa bana b’inzoka mwe, mbega mwovuga ivyiza mute kandi muri babi? Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
35 A good person produces good from a good treasure; an evil person produces evil from an evil treasure. Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umuntu mubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe.
36 I tell you, on judgment day people will answer for every careless word they speak, Ariko ndababwira ko ku musi w’imanza, umuntu wese azobazwa ijambo ryose ritagira ikimazi yavuze.
37 for by your words you will be justified, and by your words you will be condemned." Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke utsindwa n’urubanza.”
38 Then some scribes and Pharisees said, "Teacher, we want a sign from you." Hanyuma bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baramubwira bati: “Mwigisha, dushaka ko uduha ikimenyetso cerekana ububasha bwawe.”
39 He answered, "This evil, adulterous generation demands a sign. None will be given it except the sign of the prophet Jonah. Arabishura ati: “Abantu ba kino gihe bameze nabi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa atari ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.
40 As Jonah was three days and three nights in the great fish's belly, so the Son of Man will be three days and three nights in the earth's heart. Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.
41 Ninevites will rise at the judgment with this generation and condemn it, for they repented at Jonah's preaching, and something greater than Jonah is here. Ku musi wo guca imanza, abantu b’i Ninewe bazohaguruka bagirize abantu ba kino gihe kandi babatsindishe, kuko bo bihanye bamaze kwumva ubutumwa bwa Yona; ariko raba uwuruta Yona ari hano.
42 The queen of the South will rise at the judgment with this generation and condemn it, for she came from earth's ends to hear Solomon's wisdom—and look, something greater than Solomon is here. Ku musi wo guca imanza, umwamikazi w’i Sheba azohaguruka yagirize abantu ba kino gihe kandi abatsindishe, kuko yahagurutse akava ku mpera z’isi aje kwumviriza amajambo y’ubwenge ya Salomo; ariko raba uwuruta Salomo ari hano.
43 When an unclean spirit leaves a person, it travels through dry places seeking rest, and finds none. Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica igenda iyerera mu bugaragwa irondera aho yoruhukira ariko ikahabura.
44 Then it says, 'I will return to my house I left.' Coming, it finds it empty, swept, and put in order. Maze, ica ivuga iti: ‘Reka nisubirire muri ya nzu nahoramwo.’ Ishitse, isanga iyo nzu yahoramwo ata kiyibamwo, isukuye kandi itunganije neza.
45 Then it goes and brings along seven other spirits more evil than itself; they enter and settle there, and that person ends up worse off than before. So it will be with this evil generation." Maze ica igenda, ikazana izindi mpwemu mbi indwi ziyirusha ububi, zikinjira muri wa muntu, zikibera ngaho. Ivya nyuma vy’uwo muntu biba bibi kurusha ivya mbere. Uko ni ko bizogenda ku bantu ba kino gihe kibi.”
46 While he was still speaking to the crowds, his mother and brothers stood outside, wanting to speak with him. Yesu akiriko aravugana n’abantu benshi bari ngaho, nyina na bene nyina baraza bahagarara hanze, bashaka kuvugana na we.
47 Someone told him, "Look, your mother and your brothers are standing outside, wanting to speak to you." Umuntu umwe araza aramubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bashaka kuvugana nawe.”
48 He answered the one who told him, "Who is my mother, and who are my brothers?" Yesu na we amwishura ati: “Mbega mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?”
49 And stretching out his hand toward his disciples, he said, "Here are my mother and my brothers! Nuko atunga urutoke abigishwa biwe, avuga ati: “Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama.
50 For whoever does the will of my Father in heaven is my brother and sister and mother." Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]