Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At that time Herod the tetrarch heard the reports about Jesus. Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu;
2 He told his attendants, "This is John the Baptist, raised from the dead—that's why these powers are at work in him." aca abwira abagendanyi biwe ati: “Uwo ategerezwa kuba ari Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye! Ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”
3 For Herod had arrested John, chained him, and locked him in prison over Herodias, his brother Philip's wife, Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Kandi ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, yahora ari umugore w’uwo bavukana yitwa Filipo.
4 because John had been telling him, "It is not lawful for you to have her." Yohana yama abwira Herode ati: “Ntivyemewe ko urongora uwo mugore.”
5 Herod wanted to kill him but feared the crowd, since they held John as a prophet. Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko babona Yohana nk’uwuvugishwa n’Imana.
6 But when Herod's birthday came, the daughter of Herodias danced before them and pleased Herod, Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane,
7 so he promised with an oath to give her whatever she asked. bituma amusezeranira ashizeko n’indahiro ko amuha ico amusaba cose.
8 Prompted by her mother, she said, "Give me John the Baptist's head here, on a platter." Uwo mukobwa amaze kwoshwa na nyina wiwe, abwira Herode ati: “Ndasavye umpere kuri iyi siniya umutwe wa Yohana Umubatizi.”
9 The king was grieved, but because of his oaths and his dinner guests, he gave the order, Maze umwami Herode arababara cane kubera ivyo yavuze, ariko kubera indahiro yari yarahiriye imbere y’abatumire biwe, avuga ko uwo mukobwa bamuha ico asavye.
10 and he sent and had John beheaded in the prison. Nuko arungika umuntu asanga Yohana Umubatizi mw’ibohero, amuca umutwe,
11 His head was brought on a platter, given to the girl, who brought it to her mother. awuzana kw’isiniya, awuha wa mukobwa, na we awushira nyina.
12 Then John's disciples came, took the body, and buried it; and they went and told Jesus. Abigishwa ba Yohana baraza batora ikiziga ciwe baja kugihamba, hanyuma baragenda babwira Yesu ivyabaye.
13 Hearing this, Jesus withdrew by boat to a remote place alone. But the crowds heard and followed him on foot from the towns. Yesu amaze kuvyumva, aca ava ngaho agenda n’ubwato, aja ahantu hiherereye. Ariko abantu bamaze kumenya iyo yagiye, bava mu bisagara bagenda n’amaguru baramukurikira.
14 When he went ashore, he saw a big crowd, felt compassion for them, and healed their sick. Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera akagongwe, aca abakiriza abagwaye.
15 When evening came, the disciples said to him, "This is an isolated place, and the hour is already late. Send the crowds away to go into the villages and buy themselves food." Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari bamubwira bati: “Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu bagende mu mihana bigurire ivyo barya.”
16 But Jesus told them, "They don't need to leave. You feed them." Yesu arabishura ati: “Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira.”
17 They said to him, "We have nothing here but five loaves and two fish." Baramwishura bati: “Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa.”
18 He said, "Bring them here to me." Arababwira ati: “Nimubinzanire.”
19 He told the crowds to sit on the grass. Taking the five loaves and two fish, he looked up to heaven, gave thanks, broke the loaves, and gave them to the disciples, who gave them to the crowds. Hanyuma abwira abantu ngo bicare mu vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, vyose abihereza abigishwa biwe na bo babiha abo bantu.
20 They all ate and were satisfied, and they picked up twelve baskets full of the leftover pieces. Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
21 Those who ate were about 5,000 men, besides women and children. Abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, udashizemwo abagore n’abana.
22 Immediately he made the disciples board the boat and go ahead of him to the other side, while he sent the crowds away. Ubwo nyene Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka, na we asigare arasezera abantu.
23 After sending the crowds away, he went up the mountain privately to pray. When evening came, he was there alone. Amaze gusezera abantu, aca aduga umusozi wenyene aja gusenga, maze burira akiri ngaho wenyene.
24 The boat was already far from land, battered by waves, the wind against them. Ubwato bumaze kugenda urugendo rutari ruto buva ku nkengera, haza umuyaga ubaturutse imbere, ubwato buzungazungishwa n’imipfunda iteye ubwoba.
25 About three o'clock in the morning he came to them, walking on the sea. Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendera ku mazi.
26 Seeing him walking on the sea, the disciples were terrified, saying, "A ghost!" and cried out in fear. Abigishwa biwe bamubonye agendagenda ku mazi, bagira ubwoba bwinshi, barataka bavuga bati: “Ni umuzimu.”
27 But Jesus spoke to them at once: "Take courage! It is I; do not be afraid." Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”
28 Peter answered him, "Lord, if it is you, command me to come to you on the water." Petero aca avuga ati: “Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi.”
29 He said, "Come." Peter got out of the boat, walked on water, and went toward Jesus. Yesu aca amubwira ati: “Ingo.” Petero ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.
30 But seeing the strong wind, he was afraid, and beginning to sink, he cried out, "Lord, save me!" Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!”
31 Jesus immediately reached out his hand, caught him, and said, "You of little faith, why did you doubt?" Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”
32 And when they got into the boat, the wind died down. Maze baca batambukira mu bwato, umuyaga uca urahagarara.
33 Then those in the boat worshiped him, saying, "Truly you are the Son of our Father." Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”
34 When they had crossed over, they came to land at Gennesaret. Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti.
35 When the men of that place recognized him, they sent word through that whole region and brought him all who were sick. Abantu baho bamenye ko ari Yesu, baca babimenyesha abo muri ako karere bose, na bo bamuzanira ababo bagwaye.
36 They begged him to let them just touch the fringe of his robe, and all who touched it were healed. Baramwinginga ngo yemerere abagwaye bapfume bakora no ku musozo w’impuzu yiwe, kandi abamukorako bose baca bakira.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]