Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days, again a large crowd gathered with nothing to eat. Jesus called his disciples and said, Muri iyo misi, abantu benshi bongera gukorana, kandi nta vyokurya bari bagisigaranye. Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati:
2 "I feel compassion for the crowd—they've been with me three days now and have nothing to eat. “Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya bafise.
3 If I send them home hungry, they'll collapse on the way—some have come from far off." Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira, kuko bamwe muri bo bavuye kure.”
4 And his disciples answered him, "How can anyone feed these people with bread here in the wilderness?" Abigishwa baramwishura bati: “None twokura hehe ivyokurya vyokwira aba bantu muri ubu bugaragwa?”
5 And he asked them, "How many loaves do you have?" They said, "Seven." Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe?” Baramwishura bati: “Indwi.”
6 He told the crowd to sit on the ground, took the seven loaves, gave thanks, broke them, and gave them to his disciples to serve to the people; and they served the crowd. Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Afata ya mikate, ayishimira Imana, arayimanyagura, ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko nyene.
7 They also had a few small fish; after blessing them, he told the disciples to serve these to the people. Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu.
8 And they ate and were satisfied. And they took up seven baskets of the leftover pieces. Ba bantu bararya barahaga. Abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye.
9 About 4,000 people were there. And he sent them away. Abari aho bashika ibihumbi bine. Bahejeje kurya, Yesu aca arabarungika barataha.
10 Then immediately he got into the boat with his disciples and went to the district of Dalmanutha. Ubwo nyene aca aja mu bwato n’abigishwa biwe baja mu karere k’i Dalamanuta.
11 The Pharisees came and began debating with him, testing him by demanding a sign from heaven. Abafarisayo bumvise ko Yesu yashitse, baraza batangura kumuhaririza. Mu ntumbero yo kumugeza, bamusaba ngo akore ikimenyetso kivuye mw’ijuru.
12 Sighing deeply in his spirit, he said, "Why does this generation demand a sign? Truly I tell you, no sign will be given to this generation." Maze Yesu ariruhutsa cane, hanyuma ababwira ati: “Mbega ni kuki abantu ba kino gihe basaba ikimenyetso? Ndababwire ukuri, nta kimenyetso nk’ico nzoha abo muri runo runganwe.”
13 And he left them, got back into the boat, and went to the other side. Nuko aca abasiga ngaho, atambukira mu bwato aja ku rundi ruhande rw’ikiyaga.
14 They'd forgotten to bring bread—only one loaf was with them in the boat. Abigishwa bari bibagiye kuzana ivyokurya. Bari bafise umukate umwe gusa mu bwato.
15 And he warned them, "Watch out—beware of the yeast of the Pharisees and the yeast of Herod." Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”
16 And they began discussing with one another that they had no bread. Abigishwa baca baravugana bati: “Ivyo abivuze kuko tutagira imikate.”
17 Knowing this, Jesus asked, "Why discuss having no bread? Do you still not see or grasp? Are your hearts hardened? Yesu yari azi ivyo bariko baravugana, ni ko kubabwira ati: “Ni kuki muvugana ku vyo kutagira imikate? N’ubu ntimurabona canke ngo mutahure? Imitima yanyu irakomantaye ku buryo idashobora gutahura?
18 Having eyes, do you not see? Having ears, do you not hear? And do you not remember? Ko mufise amaso, ni kuki mutabona? Ko mufise amatwi, ni kuki mutumva? Nta kintu na kimwe mwibuka?
19 When I broke the five loaves for the 5,000, how many baskets full of fragments did you collect?" They said, "Twelve." Hamwe namanyagura ya mikate itanu nkagaburira abantu ibihumbi bitanu, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?” Baramwishura bati: “Cumi na bibiri.”
20 "And when I broke the seven for the 4,000, how many basketfuls of broken pieces did you gather?" They said, "Seven." Yesu arabandanya ati: “Hamwe namanyagura ya mikate indwi nkagaburira abantu ibihumbi bine, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?” Baramwishura bati: “Indwi.”
21 And he said to them, "Do you still not understand?" Maze arababaza ati: “N’ubu ntimuratahura?”
22 They came to Bethsaida, where people brought him a blind man and begged Jesus to touch the man. Bashitse i Betesayida, bamuzanira impumyi baramwinginga ngo amukoreko, amukize.
23 He took the blind man's hand, led him out of the village, spit on his eyes, laid hands on him, and asked, "Do you see anything?" Nuko afata ukuboko kw’uwo ahumye amujana inyuma y’imihana. Ahejeje gucira amate ku maso y’uwo ahumye, amurambikako ibiganza, aramubaza ati: “Hari ikintu ubona?”
24 He looked up and said, "I see people, but they look like trees, walking." Wa muntu areraguza, maze avuga ati: “Egome, ndabona abantu, ariko bameze nk’ibiti bigendagenda.”
25 Then Jesus put his hands on the man's eyes again; he looked intently, was restored, and saw everything distinctly. Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso y’uwo muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza.
26 And he sent him home, saying, "Do not even go into the village." Maze, Yesu aca aramurungika muhira, amubwira ati: “Ntuce mu mihana.”
27 Jesus and his disciples went to the villages of Caesarea Philippi. On the way he asked them, "Who do people say I am?" Hanyuma y’ivyo, Yesu n’abigishwa biwe bava i Galilaya baja mu mihana yegereye i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo. Bakigenda arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?”
28 They told him, "John the Baptist; and others say Elijah; and others, one of the prophets." Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ko uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya; abandi na bo ngo uri umwe mu bavugishwa n’Imana.”
29 Then he asked them, "But who do you say I am?" Peter answered, "You are the Christ." Arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?” Petero arishura ati: “Uri Kristo.”
30 And he strictly warned them not to speak about him. Yesu aca arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyiwe.
31 He began teaching them the Son of Man must suffer much, be rejected by the elders, chief priests, and scribes, be killed, and rise after three days. Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abaherezi bakurubakuru, n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.
32 He said this plainly. And Peter took him aside and began to rebuke him. Ivyo yabivuga mu majambo atomoye. Hanyuma Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ku vyo yari avuze.
33 But turning, he looked at his disciples and rebuked Peter: "Get behind me, Satan! For you are not setting your mind on the things of our Father, but on the things of man." Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: “Herera inyuma yanje Satani! Ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ni ivy’abantu.”
34 He called the crowd and his disciples and said to them, "Whoever wants to come after me must deny himself, take up his cross, and follow me. Nuko Yesu ahamagara abantu benshi bari ngaho hamwe n’abigishwa, ababwira ati: “Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe akankurikira.
35 Whoever wants to save his life will lose it; whoever loses his life for my sake and the good news will save it. Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza.
36 What good does it do a person to gain the whole world and forfeit his soul? Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?
37 For what can a person give in exchange for his soul? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?
38 For whoever is ashamed of me and my words in this adulterous, sinful generation—the Son of Man will be ashamed of them too when he comes in his Father's glory with the holy angels." Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]