Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Two days before Passover and Unleavened Bread, the chief priests and scribes were looking for a way to seize Jesus by trickery and kill him. Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo umusi mukuru wa Pasika n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro ishike. Kandi abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu mpisho kugira ngo bamwice.
2 For they said, "Not during the feast, or the people might riot." Barumvikana bati: “Ntidukwiye kumufata mu gihe c’imisi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”
3 While he was in Bethany, in Simon the leper's house, reclining at the table, a woman came with an alabaster flask of pure nard perfume, very costly. She broke the flask and poured it on his head. Ico gihe Yesu yari i Betaniya mu nzu kwa Simoni yahoze ari umunyamibembe. Ariko arafungura, haza umugore afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada. Nuko yugurura rya cupa, asuka ya mavuta ku mutwe wa Yesu.
4 There were some who said to themselves indignantly, "Why was this perfume wasted like that? Bamwe mu bari aho bongorerana bababaye bati: “Ni kuki yononye ayo mavuta?
5 For this perfume could have sold for over 300 denarii and given to the poor." And they scolded her. Iyo agurishwa yari kuvamwo idenariyo zirenga amajana atatu, maze ayo mahera agafasha aboro.” Uwo mugore baramunebagura cane.
6 But Jesus said, "Leave her alone. Why trouble her? She has done a beautiful thing for me. Yesu arababwira ati: “Mbega uwu mugore mumugorera iki? Ankoreye ikintu ciza.
7 For the poor are always with you, and you can do good for them whenever you want; but you won't always have me. Aboro muzokwamana, kandi murashobora kubafasha igihe cose mubishakiye. Ariko jewe ntimuzonyamana.
8 She has done what she could; she has anointed my body beforehand for burial. Akoze ivyo ashoboye. Asutse aya mavuta ku mubiri wanje hakiri kare, kugira ngo awutegurire guhambwa.
9 Truly, I tell you, wherever the gospel is preached worldwide, what she did will be told in memory of her." Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa, bitume yama yibukwa.”
10 Then Judas Iscariot, one of the twelve, went to the chief priests to betray Jesus to them. Hanyuma, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aja kurondera abaherezi bakurubakuru ngo bavugane ingene yobashikiriza Yesu.
11 Hearing this, they were glad and promised him money. So he looked for a chance to betray Jesus. Maze baranezerwa cane, baca bamwemerera amahera; na we aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza.
12 On the first day of Unleavened Bread, when they sacrificed the Passover lamb, his disciples asked him, "Where do you want us to go and prepare for you to eat the Passover?" Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro, hari umugenzo wo gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika. Nuko abigishwa babaza Yesu bati: “Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?”
13 He sent two of his disciples, "Go into the city; a man carrying a jar of water will meet you. Follow him, Nuko arungika bibiri mu bigishwa biwe, arababwira ati: “Nimugende mu gisagara, mu nzira muraja guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi, muce mumukurikira.
14 and wherever he enters, tell the house's owner, 'The Teacher says: Where is my guest room, where I may eat the Passover with my disciples?' Ashitse aho agiye, mubwire nyene urugo ko Umwigisha ashaka kumenya ahari icumba c’abashitsi aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe.
15 And he will show you a large upper room furnished and ready; there prepare for us." Na we araja kubereka icumba kinini co hejuru, kirimwo ibikenewe vyose. Aho abe ari ho mudutegurira ivya Pasika.”
16 The disciples left, went to the city, found things as he had told them, and prepared the Passover. Nuko ba bigishwa baragenda, baja mu gisagara basanga ibintu bimeze nk’uko Yesu yabibabwiye, baca bategura ivyokurya vya Pasika.
17 And when it was evening, Jesus came with the twelve. Hageze ku mugoroba, Yesu aca arashika ari kumwe n’abigishwa biwe cumi na babiri.
18 While they reclined and ate, Jesus said, "Truly, I tell you, one of you will betray me, one eating with me." Bariko barafungura, Yesu avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe turiko turasangira ahava angurisha.”
19 They began to grieve and ask him, one by one, "Is it I?" Abigishwa baca barababara, umwe wese aramubaza ati: “Yoba ari jewe?”
20 He said to them, "One of the twelve, dipping bread with me into the dish. Arabishura ati: “Ni umwe muri mwebwe cumi na babiri, uwo duhurije ukuboko mw’isahani.
21 The Son of Man goes as the Scriptures said about him, but how terrible for that man who betrays him—better if he had never been born." Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!”
22 As they ate, he took bread, blessed it, broke it, gave it to them, and said, "Take; this is my body." Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye, uwu ni umubiri wanje.”
23 He took a cup, gave thanks, gave it to them, and they all drank from it. Yongera afata igikombe, ahejeje kugishimira Imana, agiha abigishwa biwe, maze bose bakinywako.
24 He said to them, "This is my blood of the covenant, poured out for many. Arababwira ati: “Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi.
25 Truly I tell you, I will not drink wine again until that day when I drink it new in the kingdom of our Father." Ndababwire ukuri, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwunywa ari mushasha mu Bwami bw’Imana.”
26 And when they had sung a hymn, they went out to the Mount of Olives. Bahejeje kuririmba barasohoka baja ku Musozi wa Elayono.
27 Jesus said to them, "You will all stumble, for it's written: 'I will strike the shepherd, and the sheep will be scattered.' Yesu arababwira ati: “Mwese muhava muhunga, munte jenyene. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zisanzare.’
28 But after I am raised up, I will go ahead of you to Galilee." Ariko maze kuzuka, nzobitangira imbere kuja i Galilaya, ndabarindirireyo.”
29 Peter said to him, "Even though they all fall away, I will not." Petero aramubwira ati: “Naho bose boguta bagahunga, jewe sinzoguta.”
30 Jesus said to him, "Truly I tell you, today, this night, before the rooster crows twice, you will deny me three times." Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, wewe nyene uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi.”
31 But he insisted, "Even if I must die with you, I will never deny you." They all said the same. Ariko Petero abisubiramwo ashimitse ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana nawe.” N’abandi bigishwa bavuga gutyo nyene.
32 They arrived at a place called Gethsemane, and he told his disciples, "Sit here while I pray." Nuko baja ahantu hitwa Getsemane, maze Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Nimube muricaye ngaha nanje nje gusenga.”
33 He took Peter, James, and John, and began to feel deep distress and anguish. Nuko ajana na Petero, na Yakobo na Yohana, maze atangura kugira agahinda kenshi cane no guhagarika umutima.
34 He said to them, "My soul is crushed with grief, to death. Stay here and stay alert." Arababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.”
35 Going a little farther, he fell to the ground and prayed that, if possible, the hour would pass from him. Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga asaba ngo iyo saha imurengane.
36 He said, "Abba, Father, all things are possible for you. Take this cup from me—but let it be your will, not mine." Aravuga ati: “Aba, Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
37 He returned, found them asleep, and said to Peter, "Simon, are you asleep? Couldn't you stay awake one hour? Nuko agaruka aho abigishwa biwe bari asanga basinziriye. Abaza Petero ati: “Simoni, urasinziriye? Ntiwashoboye kubana maso nanje n’isaha n’imwe?
38 Watch and pray, so you don't fall into temptation. The spirit is willing, but the flesh is weak." Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Umutima urabikunze, ariko umubiri ufise intege nke.”
39 And again he went away and prayed, saying the same words. Asubira kwigira imbere, asenga asubiramwo ya majambo nyene.
40 Again he found them sleeping, eyes heavy, not knowing how to answer him. Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro, maze babura ico bamubwira.
41 He came a third time and said, "Still sleeping and resting? Enough—the hour has come. Look, the Son of Man is handed over into the hands of sinners. Agarutse aho bari ubugira gatatu, arababaza ati: “Mbega n’ubu muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha.
42 Rise, let us be going; see, my betrayer is here." Nimuvyuke tugende. Nguwo uwangurishije arashitse!”
43 While he was still speaking, Judas—one of the twelve—arrived, and with him a crowd with swords and clubs from the chief priests, scribes, and elders. Yesu akiriko aravuga, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe n’abatware.
44 His betrayer had given them a signal: "The one I kiss is him—seize him and take him away securely." Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we. Muce mumufata mumujane, kandi mumucunge cane!”
45 He came up to Jesus at once, said, "Rabbi!" and kissed him. Babashikiriye, Yuda agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Rabi!” Aca aramusoma.
46 And they laid hands on him and seized him. Nuko ba bantu bashorera amaboko kuri Yesu baramufata.
47 One of the bystanders drew his sword, struck the high priest's servant, and cut off his ear. Umwe mu bari hafi ya Yesu asokora inkota yiwe ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
48 Jesus said to them, "Have you come out with swords and clubs to seize me, like a robber? Yesu aravuga ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje amahiri?
49 Every day I was with you in the temple teaching, and you didn't arrest me. But let the Scriptures be fulfilled." Imisi yose namana namwe mu rusengero nigisha, ariko ntimwigeze mumfata. Ariko ibi bibaye kugira ngo Ivyanditswe bishike.”
50 And they all left him and fled. Nuko bose baramuta barahunga.
51 And a young man followed him, wearing nothing but a linen cloth. And they seized the young man, Ariko umusore umwe agerageza gukurikira Yesu yambaye umutamana wonyene, na we nyene baza kumufata,
52 but he left the linen cloth and ran away naked. aca abatana wa mutamana ahunga ari gusa.
53 They led Jesus to the high priest, and all the chief priests and elders and scribes gathered. Nuko bafata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru, ahari hakoraniye abaherezi bakurubakuru, abatware, n’abigisha b’ivyagezwe.
54 Peter had followed at a distance, all the way into the high priest's courtyard, and sat with the guards, warming himself by the fire. Petero aguma amukurikira agendera inyuma kure, maze ashika mu rugo rw’umuherezi mukuru, aca yicarana n’abarinzi b’urugo, yota umuriro.
55 The chief priests and the whole council sought testimony against Jesus to put him to death, but found none. Abaherezi bakurubakuru n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda, bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa, ariko ntibaronka na kimwe.
56 For many gave false testimony against him, but their testimony did not agree. Bamwe mu bamwagiriza bagerageza kumubeshera, ariko ntibahuza ku vyo bamurega.
57 And some stood up and gave false testimony against him, saying, Nuko bamwe barahaguruka bamwagiriza ibinyoma bati:
58 "We heard him say, 'I will destroy this temple made by hands, and in three days build another not made by hands.'" “Twamwumvise avuga ngo: ‘Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’abantu, hanyuma mu misi itatu nubake urundi, rutubatswe n’abantu.’ ”
59 Yet even about this their testimony did not agree. Ariko n’ivyo birego na vyo ntibabihurizako.
60 The high priest stood up in the midst and asked Jesus, "You have no answer? What are these men testifying against you?" Hanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka imbere ya bose, abaza Yesu ati: “None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?”
61 He stayed silent, answered nothing. Again the high priest asked him, "Are you the Christ, the Son of the Blessed?" Ariko Yesu arihorera ntiyagira ico amwishura. Wa muherezi mukuru arongera aramubaza ati: “Uri Kristo, Umwana w’Iyihezagiwe?”
62 Jesus said, "I AM, and you will see the Son of Man seated at the right hand of the Mighty One and coming with heaven's clouds." Yesu arishura ati: “Ndi we! Kandi muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi azananye n’ibicu vyo kw’ijuru.”
63 And the high priest tore his clothes and said, "What further witnesses do we need? Wa muherezi mukuru yitaburirako impuzu, avuga ati: “None hari ibindi vyabona dukeneye?
64 You have heard his blasphemy. What is your decision?" And they all condemned him as deserving death. Ubu naho ntimwiyumviye ingene atutse Imana? Nimugire ico mubivuzeko.” Bose baca bamucira urubanza ko akwiye gupfa!
65 Some began spitting on him, covering his face, and punching him, saying to him, "Prophesy!" Then the guards slapped him. Bamwe batangura kumucirako; bamupfunga amaso, bamukubita ingumu, bavuga bati: “Vugishwa, utubwire uwugukubise!” Hanyuma ba barinzi baca baramujana, bamukubita amakofe.
66 While Peter was below in the courtyard, one of the high priest's servant girls came, Petero akiri hepfo mu rugo, umwe mu bakobwa bakorera umuherezi mukuru aza aho ari.
67 seeing Peter warming himself, she looked at him and said, "You too were with the Nazarene, Jesus." Abonye Petero ariko arota, aramwihweza cane. Maze amubwira ati: “Na wewe wari kumwe na Yesu Umunyanazareti.”
68 But he denied it: "I don't know or understand what you mean." Then he went out to the entrance, and a rooster crowed. Ariko Petero arabihakana ati: “Sinzi kandi sintahura ivyo uriko uravuga!” Nuko aca ava mu rugo aja kw’irembo.
69 The servant girl saw him and again told the bystanders, "This man is one of them." Wa mukobwa abonye ko Petero ahagaze kw’irembo, aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo ni umwe mu bigishwa biwe!”
70 But he denied it again. A little later the bystanders again told Peter, "You truly are one of them, for you're a Galilean." Petero yongera kubihakana. Haheze akanya, abari bahagaze hafi ya Petero baramubwira bati: “Ni ivy’ukuri uri umwe muri bo, kuko uri Umunyagalilaya.”
71 He began to call down curses on himself and swear, "I don't know this man you're talking about." Petero atangura kurahira yisiba ati: “Ndabarahiye, uwo mugabo sindamuzi.”
72 At once a rooster crowed a second time. Peter remembered Jesus' words: "Before the rooster crows twice, you will deny me three times." He broke down and wept. Uwo mwanya nyene isake ica ibika ubugira kabiri. Nuko Petero na we aca aribuka ijambo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Maze aca araturikisha ararira.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]