Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Leaving the temple, one of his disciples said to him, "Teacher, look! What huge stones, what magnificent buildings!" Yesu ariko arasohoka ava mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: “Mwigisha, ehe raba izi nyubakwa n’amabuye azubatse ingene biteye igomwe!”
2 Jesus said to him, "Do you see these great buildings? Not one stone will remain here on another; all will be torn down." Yesu arabishura ati: “Murabona izi nyubakwa zihambaye? Nta buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”
3 As he sat on the Mount of Olives facing the temple, Peter, James, John, and Andrew asked him privately, Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono aharabana n’urusengero, Petero, Yakobo, Yohana na Andereya baramubaza biherereye bati:
4 tell us, when will these things happen, and what sign shows all this is about to be fulfilled? “Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”
5 Jesus began to tell them: "Watch out that no one deceives you. Yesu atangura kubabwira ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu abazimiza,
6 Many will come in my name, claiming, 'I am he,' and they will deceive many. kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni jewe Kristo!’ kandi bazozimiza benshi.
7 When you hear of wars and rumors of wars, don't be troubled—these must happen, but the end isn't yet. Nimwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.
8 Nation will rise against nation, kingdom against kingdom, earthquakes in various places, famines—these are the beginning of birth pains. Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba nyamugigima n’ikigoyi. Ariko ivyo bizoba ari nk’intango y’ibise.
9 Watch yourselves. They'll hand you to councils and beat you in synagogues. Because of me you'll stand before governors and kings, as a testimony to them. Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’abacamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo.
10 And the gospel must first be proclaimed to all nations. Kuko Ubutumwa Bwiza butegerezwa kubanza kuvugwa mu mahanga yose.
11 When they arrest and hand you over, don't worry beforehand what to say. Say whatever you're given in that hour—it's not you speaking, but the Holy Spirit. Nibabafata bakabashengeza, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga. Muze muvuge ico muzohabwa ako kanya, kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu Yera.
12 Brother will betray brother to death, father his child. Children will rise against parents and have them put to death. Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe.
13 All will hate you for my name, but whoever endures to the end will be saved. Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokizwa.
14 When you see the abomination of desolation standing where it should not be (reader, take note), those in Judea must flee to the mountains. Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ gihagaze aho kidakwiye guhagarara; uwusoma natahure, abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.
15 Let no one on the housetop go down or enter the house to take anything out. Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntazosubire mu nzu kurondera ivyo ahungana.
16 Let no one in the field go back to get their coat. Uwuzoba ari mu murima ntaze asubire i muhira gutora impuzu.
17 How dreadful it will be in those days for pregnant women and nursing mothers! Ese ukuntu iyo misi izoba ari iy’umubabaro utagira uko ungana ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa!
18 Pray that it will not happen in winter, Musenge kugira ngo ntibize bishike mu gihe c’imbeho nyinshi cane,
19 for those days will bring suffering unmatched since our Father created the world until now—and never to be matched again. azoba ari imisi y’umubabaro n’agahinda bitigeze bibaho kuva Imana irema isi kugeza ubu, kandi bitazosubira kubaho.
20 Had the Sovereign not shortened those days, no one would survive; but the Sovereign shortened them for the elect he chose. Iyo Umwami Imana atagabanya iyo misi, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi yarayigabanije.
21 Then if anyone tells you, 'Look, here is the Christ!' or 'Look, there!' don't believe it. Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: ‘Ehe Kristo ari hano!’ canke ngo, ‘Ehe ng’uriya!’ ntimuze muvyemere.
22 False christs and false prophets will appear, performing signs and wonders to deceive the elect, if possible. Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.
23 So be on your guard; I have told you everything ahead of time. Nuko mube maso, kuko ndabibabwiye imbere y’uko bishika.
24 But in those days, after that suffering, the sun will darken, and the moon will not give its light; Muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,
25 the stars will fall from the sky, and the powers in the heavens will be shaken. inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, kandi n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
26 Then they will see the Son of Man coming in clouds with great power and glory. Ni ho abantu bazobona Umwana w’Umuntu aserutse mu bicu afise ubushobozi buhambaye n’ubwiza bwinshi.
27 He will send his angels and gather his chosen from the four winds, from earth's ends to heaven's ends. Azotuma abamarayika biwe bakoranye abatoranijwe na we babakuye ku mpande zine z’isi, kuva aho itangurira gushika aho amajuru aherera.
28 Learn this from the fig tree: once its branch softens and leaves sprout, you know summer is near. Nimwigire ku giti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye gutoha, amababi na yo agatutuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi.
29 So also, when you see these things happening, know it's near, at the door. Nuko namwe, nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo.
30 Truly I tell you, this generation will certainly not pass away until all these things have happened. Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.
31 Heaven and earth will pass away, but my words will never pass away. Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
32 But no one knows that day or hour—not the angels in heaven, not the Son, only the Father. Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru, canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
33 Be on guard! Stay alert! For you do not know when that time will come. Nuko rero mwame mugavye, muterame, kuko mutazi aho ico gihe kizoshikira.
34 Like a man on a journey: he leaves his house, gives his servants authority—each his own task—and orders the doorkeeper to stay alert. Ukuza kw’Umwana w’Umuntu kugereranywa n’urugendo umuntu yateguye. Agira ave i muhira, yabwiye abakozi biwe bose ivyo bategerezwa gusigara barakora, hanyuma abwira umuteramyi kuba maso.
35 So stay alert, since you don't know when the master of the house comes—evening, midnight, rooster's crow, or dawn. None rero mube maso kuko mutazi igihe nyene inzu azogarukirako; hashobora kuba ku mugoroba, mu gicugu, mw’ijoro rishira ubuca canke kare mu gitondo.
36 Otherwise, if he comes suddenly, he may find you sleeping. Niyaza giturumbuka, ntaze asange musinziriye.
37 What I say to you, I say to everyone: Keep watch!" Ibi ndabibwiye mwebwe, ndabibwira n’abandi bose: ‘Nimube maso!’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]