Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At dawn the chief priests, elders, scribes, and the whole council consulted together, bound Jesus, led him away, and handed him over to Pilate. Hakiri kare mu gatondo, abaherezi bakurubakuru hamwe n’abatware, n’abigisha b’ivyagezwe, ari bo bari bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda barakorana, bagira inama. Nuko baboha Yesu, bamujana kwa Pilato.
2 Pilate asked him, "Are you the King of the Jews?" "You say so," Jesus replied. Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”
3 The chief priests kept accusing him of many things. Maze abaherezi bakurubakuru bamurega ibirego vyinshi.
4 So Pilate questioned him again: "Have you no answer? See how many charges they bring against you." Pilato aramubaza ati: “Mbega nta co wishura? Mbega ntiwumva ivyo bakurega?”
5 But Jesus said nothing more, and Pilate was amazed. Ariko Yesu ntiyagira ico yishura, bituma Pilato atangara.
6 Now at the festival, Pilate used to release one prisoner for them—whoever they asked for. Igihe cose mu misi mikuru ya Pasika, hari umugenzo wo kurekura imbohe abantu bisabiye.
7 A man called Barabbas was in prison with the rebels who had committed murder during the uprising. Hariho umugabo yitwa Baraba yari mw’ibohero kuko we na bagenziwe bagirizwa ubwicanyi mu migumuko.
8 The crowd came up and began asking Pilate to do for them what he always did. Nuko abantu baraza basaba Pilato kubarekurira imbohe nk’uko yari asanzwe abikora.
9 "Do you want me to release for you the King of the Jews?" Pilate answered, Pilato arababaza ati: “Mushaka ko ndabarekurira Umwami w’Abayuda?”
10 for he knew it was out of envy that the chief priests had handed him over. Yari azi neza ko abaherezi bakurubakuru bamuzaniye Yesu kubera ishari.
11 But the chief priests stirred up the crowd to have him release Barabbas for them instead. Abaherezi bakurubakuru batangura kugumura abantu ngo basabe Pilato abarekurire Baraba mu kibanza ca Yesu.
12 "So what do you want me to do with the one you call King of the Jews?" Pilate asked them again. Pilato arababaza ati: “None uwo mwita umwami w’Abayuda ndamugire nte?”
13 Crucify him!" they shouted back. Barasemerera bati: “Nabambwe!”
14 "Why? What evil has he done?" Pilate asked. But they shouted all the louder, "Crucify him!" Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?” Ariko barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”
15 To satisfy the crowd, Pilate released Barabbas to them. He had Jesus flogged, and handed him over to be crucified. Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.
16 Soldiers led him away into the palace (the governor's headquarters) and called together the whole company of soldiers. Nuko abasoda bajana Yesu mu rugo rw’imbere; ni ukuvuga aho umutware w’Umuroma yakorera, bahamagara abandi basoda bagize umugwi wabo,
17 They dressed him in purple, twisted together a crown of thorns, and set it on him. bamwambika ikanzu itukura, bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika mu mutwe.
18 And they began to salute him: "Hail, King of the Jews!" Nuko batangura kumucokora bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!”
19 They kept beating his head with a staff, spat on him, and knelt in mock homage to him. Baguma bamukubita irenga mu mutwe, bamucirako amate. Bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira ngo baramwubashe.
20 After mocking him, they stripped off the purple and put his own clothes on him, then led him out to crucify him. Bahejeje kumushinyagurira, bamwambura ya kanzu itukura basubira kumwambika impuzu ziwe, hanyuma bamujana kumubamba.
21 They forced a passerby coming from the countryside—Simon of Cyrene, father of Alexander and Rufus—to carry his cross. Bakiri mu nzira bagenda, bahura n’umugabo yitwa Simoni yari avuye mu mirima, bamutegeka gutwaza umusaraba Yesu. Simoni yava i Kurene kandi yari se wa Alegizandere na Rufu.
22 They brought Jesus to the place called Golgotha (which means Place of a Skull). Nuko bashikana Yesu ahantu hitwa Gologota (bisigura “Ahantu h’Agahanga”).
23 They offered him wine mixed with myrrh, but he did not take it. Bagerageza kumuha umuvinyu w’inkarisha, ariko yanka kuwunywa.
24 They crucified him. They divided his clothes among them, casting lots for what each would get. Nuko baramubamba, bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo kugira ngo barabe iyo umwumwe wese yotwara.
25 It was nine in the morning when they crucified him. Igihe bamubamba hari nk’isaha zitatu z’igitondo.
26 The written notice of the charge against him read: THE KING OF THE JEWS. Icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo: Umwami w’Abayuda.
27 They crucified two rebels with him, one on his right and one on his left. Ba basoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu bwiwe. [
28 Not in this edition Uko ni ko Ivyanditswe vyashitse kuko vyavuga ngo: “Yaharuwe mu gitigiri c’inkozi z’ikibi.”]
29 Those passing by insulted him, shaking their heads, saying, "Ha! You who tear down the temple and build it in three days, Abarengana bagenda baramutuka bamuzunguriza imitwe, bakamubwira bati: “Wewe wavuze ngo wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu!
30 save yourself and come down from the cross!" Ikize rero, wikure kuri uwo musaraba!”
31 Likewise the chief priests and scribes mocked him among themselves: "He saved others; himself he can't save. N’abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe na bo bakamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, ariko we ntashobora kwikiza!
32 Let the Christ, King of Israel, come down from the cross now, so we can see and believe." Those crucified with him also insulted him. Kristo, umwami w’Abisirayeli niyikure ku musaraba kugira ngo tubibone hanyuma tumwizere.” Na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.
33 At noon, darkness came over the whole land until three in the afternoon. Kuva isaha zitandatu z’umurango, igihugu cose gitwikirwa n’umwijima gushika isaha icenda.
34 At three in the afternoon Jesus cried out loudly, "Eloi, Eloi, lema sabachthani?" meaning, "My God, my God, why have you forsaken me?" Isaha y’icenda ishitse, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eloyi, Eloyi, lema sabakitani?” bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”
35 When some of those standing nearby heard this, they said, "Listen, he's calling Elijah." Bamwe mu bari bahagaze aho baravuga bati: “Mwumvise? Ariko ahamagara Eliya!”
36 One ran, filled a sponge with sour wine, put it on a reed, and gave him a drink. "Let him be," he said, "let's see if Elijah comes to take him down." Umwe ariruka afata sipongo ayijobeka mu nkarisha, ayishira kw’irenga, aca arariduza ku munwa wa Yesu kugira ngo amunyweshe, aravuga ati: “Reka turabe ko Eliya aza kumumanura, amukure ku musaraba.”
37 With a loud cry, Jesus breathed his last. Nuko Yesu araboroga, aca aracikana.
38 And the curtain of the temple was torn in two from top to bottom. Igitambara co mu rusengero gica gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi.
39 The centurion facing Jesus saw how he breathed his last and said, "Truly this man was the Son of God." Intwazangabo y’Umuroma yari ahagaze imbere ya Yesu, abonye ingene apfuye, aravuga ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”
40 Women were also watching from a distance, including Mary Magdalene, Mary the mother of James the younger and Joses, and Salome. Ico gihe hariho abagore babirabira kure. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hamwe na Salome.
41 These women had followed him in Galilee and served him; many others who came up with him to Jerusalem were also there. Abo bagore bagendana na Yesu igihe yari i Galilaya bakamushigikira. Hari n’abandi bagore benshi bari bazananye na we i Yerusalemu bari ngaho.
42 Evening had come, and since it was Preparation Day—the day before the Sabbath. Uwo musi wari uwo kwitegurira Isabato, ni ukuvuga buca haba Isabato. Nuko hageze ku mugoroba,
43 Joseph of Arimathea, a prominent council member who himself was waiting for the kingdom of our Father, dared to go to Pilate and ask for Jesus' body. Yosefu w’i Arimataya, arahaguruka n’ubutwari bwinshi, aja kwa Pilato amusaba ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwubahwa mu bagize inama nkuru y’ubwoko bw’Abayuda kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.
44 Pilate was surprised he was already dead; summoning the centurion, he asked if Jesus had been dead long. Pilato aca aratangara yumvise ko Yesu yamaze gucikana. Nuko ahamagara ya ntwazangabo y’Umuroma amubaza ko Yesu yamaze gupfa.
45 When he learned from the centurion that it was so, he granted the body to Joseph. Na we amubwira ko ari vyo. Pilato aca aha uruhusha Yosefu rwo gutora ikiziga ca Yesu.
46 Joseph bought linen, took the body down, wrapped it in the cloth, and laid it in a tomb cut from rock. Then he rolled a stone against the tomb's entrance. Maze Yosefu aca agura igitambara cera, akura ikiziga ca Yesu ku musaraba, akizingira muri ico gitambara cera, agishira mu mva yimbwe mu gitandara; aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango wa ya mva arayugara.
47 Mary Magdalene and Mary the mother of Joses saw where he was laid. Kandi ico gihe Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yose bariko bararaba aho bashize ikiziga ca Yesu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]