Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "If someone's offering is a peace offering from the herd, male or female, he must present it without defect before me. Niwatanga ikimazi c’ishimwe kivuye mu bitungwa bininibinini, uze ushikane imbere y’Uhoraho ishuri canke inka ivyara, ariko itagira agasembwa.
2 He lays his hand on his offering's head and slaughters it at the tent of meeting's entrance, and Aaron's sons the priests splash the blood against all sides of the altar. Uwutanze ico kimazi aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe waco hanyuma agikererere ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro. Maze abaherezi bene Aroni baze bamijagire amaraso yaco ku mpande zose z’igicaniro.
3 From the peace offering he must present to me a food offering made by fire: the fat covering the inner parts and all the fat on them, Aze akure kuri ico kimazi c’ishimwe ivyo gushikanira Uhoraho nk’ishikanwa ryo guturirwa n’umuriro rigizwe n’ibi bikurikira: ibinure vyose bifatanye n’ivyo mu nda,
4 both kidneys with the fat on them near the flanks, and the long lobe of the liver, which he removes with the kidneys. amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ibiri ku mbavu hamwe n’igice cose gipfutse igitigu, ico azokuranako n’amafyigo.
5 Aaron's sons will burn it on the altar atop the burnt offering on the wood over the fire—a food offering, a pleasing aroma to me. Ivyo vyose bene Aroni baze babituririre ku gicaniro, hejuru y’ikimazi co guturirwa kigeretse ku nkwi; iryo ni ishikanwa rituriwe n’umuriro, rimota neza, rinezereza Uhoraho.
6 "If his peace offering to me is from the flock, male or female, he must present it without defect. Naho niyatanga ikimazi c’ishimwe kivuye mu bitungwa bitobito nk’ikimazi ashikaniye Uhoraho, kizobe ari isuguru canke iyivyara, ariko itagira agasembwa.
7 If he brings a lamb as his offering, he is to present it before me, Niyatanga intama, aze ayijane imbere y’Uhoraho,
8 lay his hand on the head of his offering and slaughter it before the tent of meeting; Aaron's sons will splash its blood on all sides of the altar. ashire ikiganza ku mutwe wayo imbere y’ihema ry’ibonaniro, hanyuma ayikererereho. Maze abaherezi bene Aroni baze bamijagire amaraso yayo ku mpande zose z’igicaniro.
9 From the peace offering he must present a food offering to me by fire: its fat, the whole fat tail cut off close to the backbone, the fat covering the inner parts, and all the fat on them, Kuri ico kimazi c’ishimwe aze ashikanire Uhoraho ishikanwa ryo guturira ku gicaniro rigizwe n’ibi bikurikira: ibinure vyaco, umurizo wose uko bazoba bawukuye ku ruti rw’umugongo, ibinure vyose bifatanye n’ivyo mu nda,
10 both kidneys with the fat near the loins, and the liver's long lobe, which he removes with the kidneys. amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ivyo mu mbavu, n’igice gipfutse igitigu, ico azokurirako rimwe n’amafyigo.
11 The priest will burn it on the altar as food, an offering made to me by fire. Umuherezi aze abituririre ku gicaniro nk’imfungurwa zituriwe n’umuriro zishikaniwe Uhoraho.
12 "If his offering is a goat, he is to present it before me, Ico kimazi nicaba ari impene, aze akizane imbere y’Uhoraho,
13 lay his hand on its head and slaughter it in front of the tent of meeting; Aaron's sons will splash its blood on all sides of the altar. arambike ikiganza ciwe ku mutwe waco hanyuma agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro. Aze aheze amijagire amaraso yaco ku mpande zose z’igicaniro.
14 From it he must present a food offering to me by fire: the fat covering the inner parts and all the fat on them, Ku kimazi yatanze aze akureko ishikanwa ry’Uhoraho ryo guturirwa n’umuriro ry’ibihimba bikurikira: ibinure vyose bipfutse ivyo mu nda canke ibifatanye na vyo,
15 both kidneys with their fat near the loins, and the liver's long lobe, which he removes with the kidneys. amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ivyo mu mbavu, n’igice gipfutse igitigu, ico azokurirako rimwe n’amafyigo.
16 The priest will burn them on the altar as food, an offering by fire, a pleasing aroma. All fat is mine. Umuherezi aze abituririre ku gicaniro nk’imfungurwa zishikaniwe Uhoraho, bibe ishikanwa rimota neza. Ibinure vyose ni ivy’Uhoraho.
17 "This is a lasting rule for all generations, wherever you live: never eat any fat or any blood." Iri ni ibwirizwa ry’intahava uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi, aho muzoba muri hose: ntimuze murye ibinure canke amaraso.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]