Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses and Aaron, saying: Uhoraho abwira Mose na Aroni ati:
2 "Speak to Israel's people and say: When any man has a discharge from his body, his discharge is unclean. “Bwira Abisirayeli uti: ‘Umugabo niyafatwa n’ingwara yo mu bihimba vy’irondoka, ibimuvamwo vyose bizoba bihumanye.
3 This is his uncleanness from discharge: whether his body flows with it or is blocked, it is his uncleanness. Igihe cose bizoba bikiza biva mu mubiri wiwe canke vyazibiwe, uwo muntu azoba ahumanye. Uku ni ko ivyo bimuvamwo bizotuma umuntu ahumana:
4 "Every bed the man with the discharge lies on is unclean; everything he sits on is unclean. Uburiri bwose uwo muntu azoryamako buzoba buhumanye, n’ikintu cose azokwicarako kizoba gihumanye.
5 Whoever touches his bed must wash his clothes, bathe in water, and remain unclean until evening. Umuntu wese azokora kuri ubwo buriri aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
6 Whoever sits on anything the man with the discharge sat on must wash his clothes, bathe in water, and be unclean until evening. Umuntu wese azokwicara ku kintu na kimwe uwo muntu yicayeko aze amesure impuzu ziwe kandi yiyuhagire n’amazi, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
7 "Whoever touches the body of the man with the discharge must wash his clothes, bathe in water, and remain unclean until evening. Umuntu wese azokora kuri uwo muntu aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
8 If the man with the discharge spits on a clean person, that person must wash his clothes, bathe in water, and remain unclean until evening. Uwo muntu agwaye niyacira ku muntu yari asanzwe adahumanye, uwo yaciriyeko aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
9 "Any saddle on which the man with the discharge rides is unclean. Ikintu cose uwo muntu agwaye azokwicarako ari kw’ifarasi kizoba gihumanye,
10 Anyone who touches what was under him is unclean until evening; anyone who carries them must wash his clothes, bathe in water, and remain unclean until evening. kandi umuntu wese azokora kuri ivyo bintu vyose vyari musi yiwe azoba ahumanye gushika ku mugoroba; uwuzoterura ikintu na kimwe muri ivyo aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
11 "Anyone the man with the discharge touches, if the man hasn't rinsed his hands in water, must wash his clothes, bathe in water, and stay unclean until evening. Umuntu wese uwo mugwayi azokorako adakaravye n’amazi aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
12 Any clay pot the man with the discharge touches must be broken; every wooden utensil must be rinsed in water. Inkono y’ibumba yose uwo mugwayi azokorako ize imenagurwe, kandi nicaba ari igikoresho gikozwe mu giti ico ari co cose kize cozwe n’amazi.
13 "When the man with a discharge is cleansed of it, he must count seven days for his cleansing, wash his clothes, bathe his body in fresh flowing water, and be clean. Umuntu niyakira iyo ngwara yamutera ubuhumane, aze aharure imisi indwi imbere yo guhumanurwa. Niyahera aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi meza, azoba ahumanuwe.
14 On the eighth day he must take two turtledoves or two young pigeons, come before our Father at the tent of meeting's entrance, and give them to the priest. Ku musi ugira umunani aze atware intunguru zibiri zikiri nto canke inuma zikiri nto azishikane imbere y’Uhoraho mu bwinjiriro bw’Ihema ry’Ibonaniro abihe umuherezi.
15 The priest is to offer one as a sin offering, the other as a burnt offering, and the priest will make atonement for him before our Father for his discharge. Umuherezi aze abitangeko ibimazi, kimwe kibe ikimazi c’ivyaha, ikindi kibe ikimazi co guturirwa. Azoba atangiye uwo muntu ikimazi co kwicungura imbere y’Uhoraho kubera ivyamuvuyemwo.
16 "If semen leaves a man, he must bathe his whole body in water and is unclean until evening. Umugabo niyasesa imbuto ziwe mw’ijoro, aze yiyuhagire umubiri wose n’amazi, aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
17 Any garment or leather with semen on it must be washed with water and stays unclean until evening. Impuzu yose canke ikintu cose gikozwe mu rusato izo mbuto zashitseko kize kimesurwe n’amazi, kandi kizoba gihumanye gushika ku mugoroba.
18 If a man sleeps with a woman and semen is released, both must bathe in water and stay unclean until evening. Umugabo niyaryamana n’umugore hakaba gusohora imbuto, baze biyuhagire n’amazi, kandi bazoba bahumanye gushika ku mugoroba.
19 "When a woman has a blood discharge from her body, she remains in her menstrual impurity seven days; whoever touches her is unclean until evening. Umugore niyaja mu miziro yiwe, azoba ahumanye imisi indwi, kandi umuntu wese azomukorako azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
20 Everything she lies on during her impurity is unclean, and everything she sits on is unclean. Ico azoryamako cose akiri mu miziro yiwe kizoba gihumanye, kandi ico azokwicarako cose kizoba gihumanye.
21 Whoever touches her bed must wash his clothes, bathe in water, and be unclean until evening. Uwuzokora ku buriri yaryamyeko aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
22 Whoever touches what she sits on must wash their clothes, bathe in water, and stay unclean until evening. Umuntu wese azokora ku kintu na kimwe uwo mugore yicayeko aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
23 Whether the bed or what she sits on, touching it makes one unclean until evening. Bwaba uburiri canke ikintu cose yicayeko, nihagira umuntu agikorako, azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
24 "If a man lies with her and her menstrual impurity touches him, he is unclean seven days; every bed he lies on is unclean. Nihagira umugabo aryamana n’uwo mugore maze amaraso amuvamwo ku bw’iyo miziro yiwe agakora kuri uwo mugabo, azoba ahumanye imisi ndwi, mbere n’uburiri bwose azoryamako buzoba buhumanye.
25 "If a woman's blood flows many days outside her monthly impurity, or beyond it, she stays unclean the whole time of the flow, as in the days of her impurity. Umugore niyaguma ava amaraso imisi myinshi mu gihe ciwe c’imiziro, canke niyaba aguma ava amaraso kurenza ukwezi kwiwe, azoguma ahumanye imisi yose bizomara, nk’uko bigenda igihe ari mu kwezi kwiwe.
26 Every bed she lies on during her discharge is like her menstrual bed; every object she sits on is unclean, like her menstrual impurity. Uburiri bwose azoryamako igihe azoba ari muri ivyo bihe buzoba buhumanye, ni co kimwe n’uburiri bwiwe aryamako mu gihe c’ukwezi kwiwe, kandi ikintu cose azokwicarako kizoba gihumanye, nk’uko bimeze mu gihe c’ukwezi kwiwe gusanzwe.
27 Whoever touches them becomes unclean; he must wash his clothes, bathe in water, and remain unclean until evening. Kandi umuntu wese azobikorako azoba ahumanye. Aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, kandi azoguma ahumanye gushika ku mugoroba.
28 "Once she is made clean from her flow, she must count seven days, and after that she is clean. Kuva amaraso nivyahagarara, aze aharure imisi ndwi, niyahera azoba ahumanutse.
29 On the eighth day she must take two turtledoves or two young pigeons and bring them to the priest, at the meeting tent's entrance. Ku musi ugira umunani aze azane intunguru zibiri zikiri nto, inuma zibiri zikiri nto azizanire umuherezi imbere y’ihema ry’ibonaniro.
30 The priest will offer one as a sin offering, the other as a burnt offering, and make atonement for her before our Father for her impure discharge. Uwo muherezi aze abitange, kimwe kibe ikimazi c’ivyaha, ikindi kibe ikimazi co guturirwa. Aho ni ho azoba amutangiye ikimazi co kumucungura imbere y’Uhoraho kubera ubuhumane yatewe n’ayo maraso.
31 "Keep the Israelites separate from their impurity, so they don't die in their impurity by making my dwelling place among them unclean. Muze murinde Abisirayeli ibintu vyose vyobahumanya, kugira ngo ntibapfe bazize ubwo buhumane kuko bohava bahumanya inzu yanje yera iri hagati muri bo.’ ”
32 "This is the law for one with a discharge, and for one whose emission of semen makes him unclean, Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga ibiva mu bihimba vy’irondoka, yaba umugabo yahumanijwe n’uko yasohoye imbuto ziwe,
33 for a woman in her monthly impurity, for anyone, male or female, with a discharge, and for a man who lies with an unclean woman." yaba umugore ari mu kwezi kwiwe, yaba umugabo canke umugore bagwaye mu bihimba vy’irondoka, bigatuma bava ibintu bibahumanya, canke umugabo yaryamanye n’umugore asanzwe ahumanye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]