Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father said to Moses: Uhoraho abwira Mose ati:
2 "This is the law for someone with a skin disease on the day of his cleansing: he must be brought to the priest. “Ibi ni vyo vyagezwe bigenga uguhumanurwa kw’umunyamibembe, igihe azoba aje imbere y’umuherezi:
3 The priest is to go outside the camp and examine him; if his skin disease has healed, Uwo muherezi aze aje inyuma y’aho bacumbitse aheze amusuzume. Uwo muntu niyaba yakize imibembe,
4 the priest must order two live clean birds, cedar wood, scarlet yarn, and hyssop taken for the one being cleansed. umuherezi aze avuge ko bamuzanira ivyo guhumanura uwo akwiye guhumanurwa: inyoni zibiri zidahumanye kandi zibona, igiti c’isederi, ubwoya bw’intama bwasizwe irangi ritukura n’ishami rya ezobu.
5 The priest is to command that one bird be slaughtered over a clay pot of fresh water. Hanyuma umuherezi aze ategeke ko bakererera imwe muri izo nyoni hejuru y’amazi meza ari mw’ibesani ikozwe mw’ibumba.
6 He must take the live bird, the cedar wood, the scarlet yarn, and the hyssop, and dip them with the live bird in the blood of the bird slaughtered over the fresh water. Hanyuma aze afate ya nyoni ikibona ayibize muri ya mazi arimwo ya maraso ya ya nyoni yakererwa, hamwe na ca giti c’isederi, na bwa bwoya bw’intama na ya ezobu.
7 He sprinkles the blood seven times on the one being cleansed of the skin disease, pronounces him clean, then releases the live bird over the open field. Aze amijagire ayo maraso incuro indwi kuri wa muntu akwiye guhumanurwa imibembe yiwe, ace yatura ko ahumanuwe. Aze aheze arekure ya nyoni ibona yigurukire mu kirere.
8 "The one being cleansed must wash his clothes, shave off all his hair, and bathe in water—then he is clean. Afterward he may enter the camp, but stay outside his tent seven days. Uwo muntu ahumanuwe azoce amesa impuzu ziwe, yimoshe umushatsi wose kandi yoge umubiri wose; aho azoba ahumanutse. Ivyo biheze ashobora kugaruka aho mucumbitse, ariko aze agume hanze ntaze yinjire mw’ihema ryiwe imisi indwi idaheze.
9 On the seventh day he must shave off all his hair—head, beard, eyebrows—shaving off all his hair. Then he must wash his clothes and bathe his body in water, and he is clean. Ku musi ugira indwi aze yimoshe umushatsi wose; aze akure umushatsi wo ku mutwe wiwe, ubwanwa bwiwe, ingohe zo ku maso yiwe, n’ubwoya aho buri hose ku mubiri, aze amesure impuzu ziwe yiyoge umubiri wose, aho azoba ahumanutse.
10 "On the eighth day he must take two male lambs without defect, a year-old ewe lamb without defect, three quarts fine flour mixed with oil for a grain offering, and a cup of oil. Ku musi ugira umunani aze ashikane imyagazi ibiri y’intama y’isuguru imaze umwaka, hamwe n’umwagazi w’intama uvyara umwe umaze umwaka, kandi yose izobe itagira agasembwa, ayishikane iri kumwe na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta bibe ikimazi c’ifu hamwe n’ingero logi imwe y’amavuta.
11 The cleansing priest is to present the one being cleansed, with these offerings, before our Father at the tent of meeting's entrance. Umuherezi ajejwe kumuhumanura aze ashire imbere y’Uhoraho uwo muntu ahumanurwa hamwe n’amashikanwa yiwe imbere y’Ihema ry’Ibonaniro.
12 "The priest takes one male lamb and offers it as a guilt offering, with the oil, waving them as a wave offering before our Father. Umuherezi aze afate umwe muri iyo myagazi y’intama y’isuguru awutangeko ikimazi c’indishi, hamwe na ya ngero logi y’amavuta; aze abizungagize imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza.
13 He must slaughter the lamb where the sin offering and burnt offering are slaughtered, in the holy place—since the guilt offering, like the sin offering, belongs to the priest; it is most holy. Aze akererere uwo mwagazi ahera aho basanzwe bakererera ibimazi vy’ivyaha n’ibimazi vyo guturirwa. Nk’uko bigenda ku kimazi c’ivyaha, ikimazi c’indishi ni ic’umuherezi; kandi ni icera cane.
14 The priest is to take some blood of the guilt offering and put it on the right earlobe of the one being cleansed, on his right thumb, and on his right big toe. Umuherezi aze afate amwe ku maraso y’ikimazi c’indishi ayasige ku gutwi kw’i buryo kw’uwo muntu akwiye guhumanurwa, ku rukumu rwo ku kiganza ciwe c’i buryo no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’i buryo.
15 The priest is to take some of the oil and pour it into his own left palm. Hanyuma umuherezi aze yakire kuri ya ngero logi amavuta make ayasuke mu kiganza ciwe c’i bubamfu,
16 He must dip his right finger in the oil in his left palm and sprinkle some with his finger seven times before our Father. akozemwo urutoke rwiwe rukurikira urukumu rw’ikiganza ciwe c’i buryo, ace ayamijagira n’urwo rutoke incuro indwi imbere y’Uhoraho.
17 With the oil remaining on his palm, the priest puts some on the right earlobe of the one being made clean, on his right thumb, and his right big toe, over the blood of the guilt offering. Umuherezi aze afate amavuta asigaye muri ca kiganza ciwe ayasige ku gutwi kw’i buryo kw’uwo muntu akwiye guhumanurwa, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo no kw’ino rikuru ryiwe ry’i buryo, hejuru y’aho yasize ya maraso ya ca kimazi c’indishi.
18 The priest is to put the oil left in his palm on the head of the one made clean, making atonement for him before our Father. Amavuta azosigara mu kiganza azoce ayasiga ku mutwe w’uwo muntu akwiye guhumanurwa, amutangire ikimazi co kumucungura imbere y’Uhoraho.
19 The priest is to offer the sin offering and atone for the one made clean from his impurity; afterward he slaughters the burnt offering. Inyuma y’ivyo, umuherezi aze atange ca kimazi c’ivyaha co gucungura uwo akwiye guhumanurwa, kugira ngo ntagume ahumanye. Umuherezi aze akerere ico kimazi co guturirwa,
20 The priest will offer the burnt and grain offerings on the altar, atone for him, and he will be clean. ace agitanga ku gicaniro, hamwe na rya shikanwa ry’ifu, amutangire ikimazi kimucungura, na we azoba ahumanuwe.
21 "But if he is poor and lacks the means, he is to take one male lamb as a guilt offering, to be waved for atonement for him, with about two quarts of fine flour mixed with oil, for a grain offering, and about a cup of oil, Ariko niyaba ari umukene adashobora kuronka ivyo, azoshikane umwagazi w’intama umwe w’impfizi ube ikimazi c’indishi, ishikanwa ryo kuzungagiza kugira ngo ribe ikimazi co kumucungura. Azowushikane uri kumwe n’ic’icumi c’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta nk’ishikanwa ry’ifu hamwe n’ingero logi imwe y’amavuta,
22 and two turtledoves or two young pigeons—whichever he can afford, one as a sin offering, the other as a burnt offering. intunguru zibiri zikiri nto canke inuma, ivyo ashobora kuronka; kimwe kizoba ari ikimazi c’ivyaha, ikindi kizoba ari ikimazi co guturirwa.
23 "On the eighth day he must bring them for his cleansing to the priest, to the entrance of the tent of meeting, before our Father. Ku musi ugira umunani, aze abishire umuherezi kugira ngo abone guhumanurwa, abimushikirize mu rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, imbere y’Uhoraho.
24 The priest takes the guilt-offering lamb and the log of oil, waving them as a wave offering before our Father. Uwo muherezi aze yakire wa mwagazi w’intama w’ikimazi c’indishi na ya ngero logi y’amavuta, abizungagize imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza.
25 He must slaughter the guilt offering's lamb, take some of its blood, and put it on the right ear lobe, right thumb, and right big toe of the one being cleansed. Aze akerere uwo mwagazi w’ikimazi c’indishi, ace afata amaraso yawo, amwe ayasige ku gutwi kw’i buryo kw’uwukwiye guhumanurwa, ku rukumu rwiwe rw’ikiganza c’i buryo no kw’ino rikuru ry’ikirenge c’i buryo.
26 The priest is to pour some of the oil into his own left palm, Uwo muherezi aze asuke ayo mavuta mu kiganza ciwe c’i bubamfu,
27 and with his right finger sprinkle some oil from his left palm seven times before our Father. ace amijagira ayo maraso incuro indwi imbere y’Uhoraho n’urutoke rwiwe rukurikira urukumu.
28 The priest puts oil from his palm on the right earlobe of the one being made clean, his right thumb, and right big toe, over the place of the guilt offering's blood. Aze afate amavuta makeya kuri ayo ari mu kiganza c’i bubamfu ayashire hamwe yashira amaraso ya ca kimazi c’indishi: ku gutwi kw’i buryo, ku rutoke rw’urukumu rw’ikiganza c’i buryo no kw’ino rikuru ry’ikirenge c’i buryo.
29 The priest is to put the rest of the oil from his palm on the head of the one being cleansed, to atone for him before our Father. Ayasigaye kuri ayo mavuta ari mu kiganza c’i bubamfu uwo muherezi aze ayasige ku mutwe wa wa muntu akwiye guhumanurwa, kugira ngo amutangire ikimazi co kumucungura imbere y’Uhoraho.
30 Then he is to offer one of the turtledoves or young pigeons, whichever he can afford. Inyuma y’ivyo aze ashikane twa duswi tw’inuma canke tw’intunguru, ivyo uwo muntu ashoboye kuronka,
31 Whichever he can afford—one as a sin offering, the other as a burnt offering, with the grain offering. The priest will make atonement before our Father for the one made clean. kamwe agatange nk’ikimazi c’ivyaha akandi agatange nk’ikimazi co guturirwa, hamwe na rya shikanwa ry’ifu. Uko ni ko uwo muherezi azotanga ishikanwa ryo kwicungura imbere y’Uhoraho, aritangiye uwo akwiye guhumanurwa.”
32 "This is the law for one with a skin disease who cannot afford the offerings for his cleansing." Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga umuntu wese azoba yagwaye imibembe ariko akaba adashobora kuronka vya bimazi vyategetswe kugira ngo ashobore guhumanurwa.
33 Our Father said to Moses and Aaron: Uhoraho abwira Mose na Aroni ati:
34 "When you enter the land of Canaan, which I give you as a possession, and I put a spreading mildew in a house in the land you possess, “Nimwashika i Kanani, igihugu ngiye kubaha ngo kibe icanyu, ngateza ifira mu nzu kanaka muri ico gihugu,
35 the owner must come tell the priest: 'Something like a disease has appeared in my house.' nyene iyo nzu aze agende abimenyeshe umuherezi ati: ‘Nabonye igisa n’ifira mu nzu yanje.’
36 The priest must order the house emptied before he enters to examine the disease, so nothing in it is declared unclean; then he may enter to examine the house. Uwo muherezi aze asabe bakuremwo ibintu isigare igaragara imbere y’uko aja gusuzuma iryo fira, kugira ngo ntihagire na kimwe co muri iyo nzu kivugwa ko gihumanye. Hanyuma y’ivyo, umuherezi aze agende agendure iyo nzu.
37 He examines the disease, and if it is in the house's walls—greenish or reddish depressions that appear deeper than the surface. Aze asuzume iryo fira ku mpome, niyasanga iryo fira rifise utunogonogo dusa n’urwatsi rubisi canke dutukura kandi dusa n’utwimburutse mu ruhome,
38 The priest must leave the house through its doorway and shut it up seven days. uwo muherezi aze asohoke aciye mu muryango w’iyo nzu, ace yugara iyo nzu imisi indwi.
39 On the seventh day the priest returns to examine it. If the disease has spread on the house walls, Ku musi ugira indwi, uwo muherezi aze agaruke gusuzuma iyo nzu. Niyasanga iryo fira ryatandukiriye ahandi ku mpome,
40 he must order the diseased stones torn out and thrown outside the city, to an unclean place. aze ategeke bakureho amabuye yafashwe n’iryo fira, bace bayata mu kibanza gihumanye inyuma y’igisagara.
41 He must scrape the house's inside all around, and dump the scraped-off plaster outside the city in an unclean place. Aze asabe baharagure impome zose ku ruhande rw’imbere bace bata ivyo bivunguka mu kibanza gihumanye inyuma y’igisagara.
42 Other stones are to replace the old ones, and new plaster is to cover the house. Hanyuma baze barondere ayandi mabuye yo gusubiriza ya yandi n’ivyo guhoma bishasha bisubirira ivyaharaguwe.
43 "If the infection returns in the house after the stones are torn out, the house scraped, and plastered, Iryo fira niryasubira kuboneka muri iyo nzu kandi bakuyeho amabuye n’ivyari bihomye kuri yo bakabisubiriza n’ibindi,
44 the priest must enter and examine; if the disease has spread in the house, it is a destructive mildew in the house—it is unclean. uwo muherezi aze asubire agende ayisuzume. Niyasanga iryo fira ryagwiriye mu nzu, izoba ari imibembe; iyo nzu izoba ihumanye.
45 He must tear down the house—stones, timbers, and all its plaster—and haul it outside the city to an unclean place. Iyo nzu ize isamburwe. Amabuye yayo, imbaho zayo n’ivyo bakoresheje mu kuyihoma, bize bisamburwe bitabwe inyuma y’igisagara ahantu hahumanye.
46 Anyone who enters the house while it is closed is unclean until evening. Umuntu wese azokwinjira iyo nzu mu gihe izoba yugawe azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
47 Whoever lies or eats in the house must wash his clothes. Umuntu wese azorira canke akarara muri iyo nzu aze amesure impuzu ziwe.
48 "If the priest comes, examines it, and the disease has not spread in the house after it was plastered, he is to declare it clean—the disease is healed. Ariko wa muherezi niyaza kuyisuzuma agasanga iryo fira ritabandanije rigwira bamaze kuyisiga bushasha, aze avuge ko iyo nzu idahumanye, kuko iryo fira rizoba ryaheze.
49 To cleanse the house he is to take two birds, with cedar wood, scarlet yarn, and hyssop, Mu guhumanura iyo nzu aze azane inyoni zibiri n’igiti c’isederi, n’ubwoya bw’intama busize irangi ritukura, hamwe na ezobu.
50 and he is to slaughter one of the birds into a clay pot over fresh water. Aze akererere imwe muri izo nyoni hejuru y’ibesani ikozwe mw’ibumba irimwo amazi meza.
51 He must take the cedar wood, hyssop, scarlet yarn, and the live bird, dip them in the slaughtered bird's blood and the fresh water, and sprinkle the house seven times. Hanyuma aze afate ca giti c’isederi, ya ezobu na bwa bwoya bw’intama busize irangi ritukura, na ya nyoni ibona, avyibize muri ya maraso ya ya nyoni yakererwa avanze na ya mazi meza, hanyuma amijagire iyo nzu incuro indwi.
52 Then he must purify the house with the bird's blood, fresh water, the live bird, cedar wood, hyssop, and scarlet yarn. Aze ahumanuze iyo nzu amaraso ya ya nyoni, ya mazi meza, ya nyoni ibona, ca giti c’isederi, ezobu na bwa bwoya bw’intama busizwe irangi ritukura.
53 He is to release the live bird outside the city into the open field, make atonement for the house, and it will be clean." Aze aheze arekure ya nyoni ibona yigurukire inyuma y’igisagara. Uko ni ko azotanga ikimazi co gucungura iyo nzu, na yo izoba ihumanuwe.”
54 This is the law for any skin disease, for an itch, Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga ubwoko bwose bw’imibembe, ibinyoro,
55 for mildew in a garment or a house, ifira mu mpuzu canke mu nzu,
56 and for a swelling, a scab, or a bright spot, ibihute, ibisekera n’ibibara,
57 to teach when something is unclean and when clean. This is the law of skin disease and mildew. kugira ngo vyerekane ko ikintu gihumanye canke kidahumanye. Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga ingwara zo ku rukoba no mu mpuzu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]