1Our Father spoke to Moses and Aaron, saying:OKCBUhoraho abarira Mose na Aroni ati:
2"When someone has a swelling, rash, or bright spot on their skin that turns into a skin disease, he must be brought to Aaron the priest or one of his priest sons.OKCB“Umuntu niyaba afise ikibibi canke igisekera canke ikivyimba ku mubiri wiwe gishobora kuvamwo imibembe, baze bamushire Aroni canke umwe mu bana biwe azoba ari umuherezi.
3The priest examines the mark on the skin. If the hair in it has turned white and it looks deeper than the skin, it is a contaminating skin disease; the priest examines him and declares him unclean.OKCBUwo muherezi aze asuzume ico kintu kiri ku mubiri, niyasanga ubwoya buri muri ico kibibi bwahindutse bukera kandi n’ico kibibi na co nyene cimburutse, izoba ari imibembe. Uwo muherezi amaze kumusuzuma aze amenyeshe ko uwo muntu acitse uwuhumanye.
4But if the bright spot on his skin is white, not deeper than the skin, and its hair hasn't turned white, the priest must isolate the person seven days.OKCBIco kibibi nicaba cera ariko kitimburutse kandi ubwoya buri muri co ntibwere, uwo muherezi aze ashire uwo muntu ahantu ha wenyene ahamare imisi indwi.
5On the seventh day the priest examines him; if the mark hasn't changed or spread on the skin, he isolates him seven more days.OKCBKu musi ugira indwi uwo muherezi aze asubire amusuzume, niyasanga ico kibibi kitahindutse kandi kitagutse, aze asubire amushire ahantu ha wenyene iyindi misi indwi.
6On the seventh day the priest examines him again. If the sore faded and didn't spread on the skin, he declares him clean—just a rash. He washes his clothes and is clean.OKCBKu musi ugira indwi aze asubire kandi amusuzume. Ico kibibi nicaba cagabanutse nticiyongere ku mubiri, uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye; kizoba ari ikibibi gisanzwe. Uwo muntu aze amesure impuzu ziwe, aheze abe ahumanuwe.
7But if the rash spreads on his skin after showing himself to the priest for cleansing, he must show himself to the priest again.OKCBAriko ico kibibi niciyongera ku mubiri inyuma y’uko umuherezi azoba yamaze kumenyesha ko adahumanye, aze agaruke kubonana n’umuherezi.
8The priest examines him: if the rash has spread on the skin, he declares him unclean—it is a skin disease.OKCBUwo muherezi aze amusuzume, ico kibibi nicaba caragutse, aze amenyeshe ko ahumanye; izoba ari imibembe.
9"When a defiling skin disease appears on someone, he is to be brought to the priest.OKCBUmuntu wese azoba agwaye ingwara yo ku rukoba, baze bamushire umuherezi.
10The priest examines him: if a white swelling on the skin has turned the hair white, with raw flesh in it.OKCBUmuherezi aze amusuzume, niyasanga ahari ikibibi hera kandi n’ubwoya bwo muri ico kibibi bwahindutse bukera hakaba hanavyimvye,
11It is a chronic skin disease; the priest will pronounce him unclean. He must not isolate him, since he is unclean.OKCBizoba ari imibembe yamufashe. Umuherezi azoce amenyesha ko ahumanye. Ntaze arinde kumushira ahantu ha wenyene ngo amusuzume, kuko azoba yari asanzwe amaze guhumana.
12"But if the disease breaks out and covers all his skin, head to foot, wherever the priest looks,OKCBIyo ngwara niyaba yakwiye umubiri wose, aho umuherezi agarukiriza amaso hose, kuva ku mutwe gushika ku birenge,
13the priest examines him; if the disease covers his whole body, he pronounces him clean—since it's all turned white, he is clean.OKCBuwo muherezi aze amusuzume, asanze iyo ngwara ikwiye umubiri wiwe wose, aze amenyeshe ko iyo ngwara idatuma umuntu aba uwuhumanye, hanyuma amenyeshe ko uwo muntu adahumanye. Kuko umubiri wiwe wose wahindutse ukera, azoba adahumanye.
14But on the day raw flesh appears on him, he is to be unclean.OKCBAriko igihe habonetse igisebe gishasha kuri we, azoba ahumanye.
15The priest sees the raw flesh and pronounces him unclean; the raw flesh is unclean—a skin disease.OKCBUmuherezi niyabona ico gisebe gishasha, aze yihute kumenyesha ko ahumanye kuko igisebe kiba gihumanye; azoba agwaye imibembe.
16But if the raw flesh changes and turns white, he is to come to the priest.OKCBIco gisebe nicahinduka kikera, azoce aja ku muherezi.
17The priest examines him; if the mark has turned white, he declares him clean—he is clean.OKCBUwo muherezi aze amusuzume, niyasanga ico gisebe cahindutse kikera, uwo muherezi azoce amenyesha ko adahumanye; azoba ahumanutse.
18"When someone has a boil on their skin and it heals,OKCBUmuntu niyagira igisebe ku mubiri kigakira,
19if a white swelling or reddish-white bright spot forms on the boil, show it to the priest.OKCBhanyuma ahari ico gisebe hakaboneka ikivyimba cera canke igishunduri cera canke gishaka gutukura, aze yiyereke umuherezi.
20The priest examines it; if it looks lower than the skin and the hair has turned white, he pronounces him unclean—a skin disease has broken out in the boil.OKCBUwo muherezi aze ahasuzume, niyasanga himburutse kandi ubwoya bwaho bwahindutse bukera, uwo muherezi aze ace amenyesha ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe yadutse muri ya nkovu.
21But if the priest sees no white hair in it, it is not below the skin, and has faded, he is to isolate him seven days.OKCBAriko umuherezi niyahasuzuma agasanga ubwoya bwaho ntibwera kandi ntihimburutse kandi humye, uwo muherezi aze amushire ahantu ha wenyene imisi indwi.
22If it spreads further on the skin, the priest declares him unclean; it is diseased.OKCBAho hantu nihakomeza kuba hanini, umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe.
23But if the bright spot stays put, hasn't spread, it's the scar of the boil, and the priest must pronounce him clean.OKCBAriko nihaba ata cahindutse kandi hatabandanije kuba hanini, izoba ari inkovu gusa ivuye ku gisebe, umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye.
24"Or when skin has a fire burn, and the burn's raw flesh becomes a reddish-white or white bright spot,OKCBUmuntu niyagira ubushe ku mubiri wiwe maze hakaboneka ibara ryera canke ryera rishaka gusa n’agahama,
25the priest examines it: if hair in the bright spot turned white and it looks deeper than the skin, it is a skin disease broken out in the burn—he declares him unclean; it is a skin disease.OKCBumuherezi aze ahasuzume, niyasanga ubwoya bwaho bwahindutse bukera, kandi himburutse, izoba ari imibembe izoba yafatiye muri ya nkovu y’ubushe. Uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe.
26If the priest examines it and finds no white hair in the bright spot, and it's no deeper than the skin but faded, he is to isolate him seven days.OKCBAriko niyamusuzuma agasanga ubwoya bwaho butera, hatimburutse kandi humye, uwo muherezi azoce amushira ahantu ha wenyene imisi indwi.
27On day seven the priest examines him. If it spread on the skin, the priest pronounces him unclean—a defiling skin disease.OKCBKu musi ugira indwi umuherezi aze amusuzume. Niyasanga habandanije haba hanini, uwo muherezi azoce amenyesha ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe.
28But if the bright spot stays in place, hasn't spread on the skin, and has faded, it's the burn's swelling; the priest is to declare him clean—it is only the burn's scar.OKCBAriko niyasanga ata cahindutse kandi hatabaye hanini ariko humye, izoba yari inkovu y’ubushe gusa, uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye; izoba yari inkovu gusa y’ubushe.
29"When a man or a woman has a mark on the head or in the beard,OKCBUmugabo canke umugore niyafatwa n’igisekera mu mutwe canke ku gasakanwa,
30the priest examines the mark; if deeper than the skin, with thin yellow hair, he pronounces them unclean—an itch, a skin disease of the head or beard.OKCBumuherezi aze asuzume ico gisekera, niyasanga carimburutse kandi ubwoya canke umushatsi uri muri co wahindutse ugasa n’umuhondo kandi ari mutomuto cane, uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye; bizoba ari ibinyoro, bifatira mu mutwe canke ku gasakanwa.
31But if the priest examines the itch mark and it looks no deeper than the skin and has no black hair in it, the priest is to isolate the person for seven days.OKCBAriko uwo muherezi niyasuzuma ico gisekera, agasanga nticasebuye kandi ata mushatsi wirabura urimwo, uwo muherezi aze ashire uwo muntu ahantu ha wenyene imisi indwi.
32On the seventh day the priest examines the mark: if the itch hasn't spread, has no yellow hair, and looks no deeper than the skin.OKCBKu musi ugira indwi uwo muherezi aze asuzume ico gisekera, nicaba kitabandanije kiba kinini, ata bwoya bw’umuhondo buri muri co,
33The man is to shave, but not the sore area; the priest isolates him another seven days.OKCBbaze bamumwe ariko ahagwaye bahareke, hanyuma uwo muherezi amusubize ha hantu ha wenyene iyindi misi indwi.
34On the seventh day the priest examines the itch. If it hasn't spread on the skin and looks no deeper than the skin, the priest declares him clean. He washes his clothes and is clean.OKCBKu musi ugira indwi umuherezi aze asuzume ca gisekera, nicaba kitabandanije kiba kinini kandi kitimburutse, umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye. Aze amesure impuzu ziwe, aho azoba yejejwe.
35But if the itch spreads further on the skin after his cleansing,OKCBAriko nicabandanya caguka umuherezi amaze kumenyesha ko yahumanutse,
36the priest examines him; if the itch spread on the skin, the priest need not look for yellow hair—the man is unclean.OKCBumuherezi aze amusuzume, asanze caragutse, uwo muherezi ntaze arinde kuraba ko umushatsi usa n’umuhondo; uwo muntu azoba ahumanye.
37But if the priest sees it unchanged, with black hair grown in it, it's healed; he's clean—the priest pronounces him clean.OKCBAriko niyasuzuma agasanga nta cahindutse kandi haratanguye kumera umushatsi wirabura, ico gisekera kizoba kiriko kirakira. Azoba ahumanutse, kandi umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye.
38"When a man or a woman has white bright spots on their skin,OKCBUmugabo canke umugore niyagira ibibara vyera ku mubiri,
39the priest examines them; if the bright spots on their skin are dull white, it is a harmless rash that has broken out on the skin; he is clean.OKCBumuherezi aze abisuzume. Ivyo bibara nivyaba vyera buhorobuhoro, izoba ari ingwara isanzwe yo ku rukoba; uwo muntu ntazoba ahumanye.
40"When a man loses the hair on his head, he is bald, but he is clean.OKCBUmugabo avungutse umushatsi akagira ubuhanza, ntazoba ahumanye.
41If hair falls from the front of his head, his forehead is bald, but he is clean.OKCBAvungutse umushatsi w’imbere akagira ubuhanza imbere, ntazoba ahumanye.
42But if a reddish-white sore is on his bald head or forehead, it is a skin disease breaking out on his bald head or forehead.OKCBAriko muri ubwo buhanza hagati canke mu ruhanga nihaza igisebe cera kandi kigomba gutukura, izoba ari imibembe yamufashe ku mutwe canke mu ruhanga.
43The priest examines him; if a reddish-white swelling is on his bald head or forehead, like skin disease on the body's skin.OKCBUmuherezi aze amusuzume, niyasanga ico gisebe cera kandi kigomba gutukura nk’imibembe,
44A man with a skin disease is unclean; the priest must declare him unclean, his mark on his head.OKCBuwo muntu azoba agwaye kandi azoba ahumanye. Uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye kubera ico gisebe kiri ku mutwe.
45"Anyone with the skin disease must wear torn clothes, let their hair hang loose, cover their upper lip, and cry, 'Unclean, unclean!'OKCBUmuntu azoba afise imibembe nk’iyo aze yambare impuzu zitabaguritse, ntaze asokoze umushatsi wiwe, kandi aze yipfuke ku munwa agende arasemerera ati: ‘Ndahumanye! Ndahumanye!’
46While the mark remains, they are unclean—unclean; they must live alone, outside the camp.OKCBAze agume ahumanye igihe cose azoba akigwaye. Azobe ukwiwe, inyuma y’aho mucumbitse.
47"When a garment has a mark of mildew in it, whether a wool or a linen garment,OKCBImpuzu yose izojako ifira, yaba iyikozwe mu bwoya bw’intama canke iyijishwe mu nyuzi zera derere,
48in fabric of linen or wool, woven or knitted, or in leather or anything of leather,OKCByaba impuzu ijishwe mu bwoya bw’intama canke mu nyuzi zera, haba ku nsato canke ikintu cose gikozwe mu rusato,
49if a mark on garment, leather, warp, or weft, or any leather article, is greenish or reddish, it is mildew and must be shown to the priest.OKCBiryo fira ribonetse ku mpuzu, ku rusato, ku mwambaro ujishwe, canke ku gikozwe mu rusato, niryaba risa n’urwatsi rubisi canke ritukura, rizoba ari ifira rikwiye gusuzumwa n’umuherezi.
50The priest is to examine the mark and isolate the affected article for seven days.OKCBUmuherezi aze asuzume iryo fira kandi ashire ico kintu ririko ukwa conyene imisi indwi.
51On the seventh day he examines the mark. If it has spread in the garment, warp or weft, or in leather or anything made of leather, it is destructive mildew—unclean.OKCBKu musi ugira indwi aze agisuzume, niyasanga iryo fira ryagwiriye kuri iyo mpuzu, canke uwo mwambaro canke ico gitambara, canke urwo rusato, ico ari co cose gikoreshwa, izoba ari ingwara y’imibembe; ico kintu kizoba gihumanye.
52Burn the garment—warp or weft, wool or linen—or any leather article with the mark, for it is a destructive mildew; burn it in the fire.OKCBAze aturire iyo mpuzu, canke ico gitambara canke uwo mwambaro ujishwe mu bwoya bw’intama canke mu nyuzi zera, canke icakozwe mu rusato candukiwe n’iyo ngwara. Kubera ko iyo mibembe idashobora gukurwa muri ico kintu, kize giturirwe.
53"But if the priest examines it and the sore hasn't spread in the garment, or warp, or weft, or any leather article,OKCBAriko, umuherezi niyagisuzuma, agasanga rya fira ritabandanije rigwira kuri iyo mpuzu, ico gitambara canke uwo mwambaro, canke ico kintu gikozwe mu rusato,
54the priest will order the marked article washed, and isolate it another seven days.OKCBaze ategeke ko ico gikoresho kimesurwa. Hanyuma aze asubire agishire ahantu ha conyene iyindi misi indwi.
55After the affected fabric is washed, the priest examines it. If the mark's look hasn't changed, though it hasn't spread, it is unclean. Burn it in the fire—it is a corroding spot, inside or outside.OKCBIco gikoresho kimaze kumesurwa, umuherezi aze asubire agisuzume, niyasanga iryo fira ritahindutse uko ryari risanzwe risa, naho ritoba ryagwiriye, ico gikoresho kizoba gihumanye, muze mugiturire, naho uwo mubembe woba wafatiye ku ruhande rumwe canke urundi.
56If the priest sees the mark has faded after washing, he must tear it from the garment, leather, or woven or knitted material.OKCBUwo muherezi niyagisuzuma, agasanga rya fira ryumye ico gikoresho kimaze kumesurwa, aze atabure ico gice c’iyo mpuzu canduye, canke c’urwo rusato, c’ico gitambara canke c’uwo mwambaro ujishwe.
57If it reappears in the garment, woven or knitted, or any leather, it's spreading; burn what has the mark in fire.OKCBAriko niryasubira kuboneka kuri iyo mpuzu, kuri uwo mwambaro ujishwe, kuri ico gitambara canke ku cakozwe mu rusato, iryo fira rizoba ryagwiriye, bazoce baturira ico kintu kizoba gifise iryo fira ico ari co cose.
58But if the mark leaves the garment, warp, weft, or leather item you washed, wash it again—it is clean.OKCBIyo mpuzu, uwo mwambaro ujishwe, ico igitambara canke ico kintu gikozwe mu rusato cari camesuwe kigakurwako iryo fira, kize gisubire kimesurwe ubwa kabiri, kugira ngo kibe igihumanutse.
59"This is the law for a mildew mark on a wool or linen garment, warp or weft, or any leather item—to pronounce it clean or unclean."OKCBIvyo ni vyo vyagezwe bigenga ivyandukijwe n’ifira, vyaba ari impuzu zikozwe mu bwoya bw’intama canke mu nyuzi zera, ibitambara, imyambaro ijishwe canke ikintu cose gikozwe mu rusato, kugira ngo bimenyekane ko bihumanye canke bidahumanye.”