Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses after the death of Aaron's two sons, who died approaching our Father. Uhoraho yaravuganye na Mose inyuma y’urupfu rwa ba bahungu babiri ba Aroni bapfuye igihe begera Uhoraho bafise umuriro utari wo imbere yiwe.
2 Our Father told Moses: "Tell Aaron your brother not to enter the Holy Place behind the curtain, before the mercy seat on the ark, whenever he wants, or he'll die—for I appear in the cloud above the mercy seat." Uhoraho abwira Mose ati: “Bwira mukuru wawe Aroni ntaze yinjire uko yishakiye Ahera Cane inyuma ya ca gihuzu gikingiriye imbere ya wa mupfundikizo batangirako ibimazi vyo kwicungura uri kw’Isandugu y’Isezerano, kugira ngo ntapfe; kuko nzobonekera mu gicu hejuru ya wa mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura.
3 "With this Aaron may enter the Holy Place: a young bull for a sin offering, a ram for a burnt offering. Uku ni ko Aroni azokwinjira Ahera Cane: azoshikane ishuri kw’ikimazi c’ivyaha n’impfizi y’intama kw’ikimazi co guturirwa.
4 He must wear the holy linen tunic, linen undergarments next to his body, a linen sash tied around him, and a linen turban. These are holy garments; he is to bathe his body in water before putting them on. Aze yambare umwambaro wiwe wera ujishe mu nyuzi zera derere, hamwe n’ibutura rijishe muri izo nyuzi nyene ngo ahishe ubwambure bwiwe; aze akenyeze wa mukanda wo mu nyuzi zera derere, yambare na ca gitambara cera derere. Izo ni impuzu zera; ni co gituma azobanza kwiyuhagira n’amazi imbere y’uko azambara.
5 From Israel's community he must take two male goats for a sin offering and one ram for a burnt offering. Aze ashikane n’isuguru z’impene zivuye mu Bisirayeli kw’ikimazi c’ivyaha n’impfizi y’intama kw’ikimazi co guturirwa.
6 Aaron will offer his own sin-offering bull, making atonement for himself and his household. Aroni aze atange iyo shuri kw’ikimazi c’ivyaha vyiwe kugira ngo yitangire ishikanwa we n’umuryango wiwe.
7 He must take the two goats and stand them before me at the entrance to the tent of meeting. Hanyuma aze afate za suguru z’impene azizane imbere y’Uhoraho ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro.
8 Aaron will cast lots over the two goats: one for me, one for Azazel. Aze akoreshe ubupfindo kuri izo mpene kugira ngo amenye iyegukira Uhoraho n’iyo gutabwa mu bugaragwa.
9 Aaron is to bring the goat chosen for me by lot and offer it as a sin offering. Aroni aze afate iyo ubupfindo bweguriye Uhoraho ayitange kw’ikimazi c’ivyaha.
10 But the goat on which the lot fell for Azazel is presented alive before me, to atone over it by sending it into the wilderness to Azazel. Ariko iyerekanywe ko ari iyo gutabwa mu bugaragwa izozanwe imbere y’Uhoraho ikiri nzima kugira ngo ikoreshwe nk’ikimazi co gucungura bazorungika mu bugaragwa nk’impene yo gutabwa.
11 Aaron is to present his sin offering bull, to atone for himself and his household, then slaughter his sin offering bull. Aroni aze ashikane ya shuri kw’ikimazi ciwe c’ivyaha kugira ngo yitangire ikimazi ku gatwe kiwe n’abiwe, aheze ayikerere ibe ikimazi c’ivyaha vyiwe.
12 He is to take a censer full of burning coals from the altar before me, two handfuls of finely ground fragrant incense, and bring them inside the veil. Aze yakire ico kwokoza amakara yaka avuye ku gicaniro imbere y’Uhoraho ayore amashi abiri y’ifu inoze y’ibimota neza kandi ikaranze, hamwe n’ibimota neza ace avyinjirana inyuma ya ca gihuzu gikinze.
13 He must put the incense on the fire before me, so its cloud covers the mercy seat over the testimony, and he does not die. Aze ashire ivyo bimota neza kuri wa muriro imbere y’Uhoraho, hanyuma umwotsi uvuye muri ivyo bimota neza uzotwikira wa mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura uri kw’Isandugu y’Isezerano, na we ntazoheza ngo apfe.
14 He must take some of the bull's blood and sprinkle it with his finger on the front of the mercy seat, eastward, then sprinkle some of the blood with his finger seven times before the mercy seat. Aze ajane no ku maraso y’iyo shuri ace ayamijagira n’urutoke kuri wa mupfundikizo ku ruhande ruhera mu buseruko; aze ayamijagire kandi n’urutoke nyene incuro indwi imbere y’uwo mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura.
15 Then he must slaughter the people's sin-offering goat, bring its blood inside the curtain, and do with it as with the bull's blood—sprinkling it on the mercy seat and before it. Hanyuma azoce akerera ya mpene y’ikimazi c’ivyaha c’abantu, atware amaraso yayo inyuma ya ca gihuzu gikingiriye ayakoreshe nk’uko yakoze kuri ya yandi ya ya shuri: Azoyamijagire ku mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura n’imbere yawo.
16 This is how he atones for the Holy Place because of Israel's uncleanness, their rebellions, all their sins. He does the same for the tent of meeting, which stays among them in the midst of their uncleanness. Ni muri ubwo buryo azotangira Ahera Cane ikimazi co gucungura kubera ubuhumane n’ubugarariji bw’Abisirayeli, uko ivyaha vyabo vyongana kwose. Aze agire atyo no ku bw’ihema ry’ibonaniro, kuko riri hagati muri bo, hagati mu buhumane bwabo.
17 No one may be in the tent of meeting when he enters to make atonement in the Holy Place until he leaves, having atoned for himself, his household, and the whole assembly of Israel. Ntihaze hagire umuntu n’umwe yinjira mw’ihema ry’ibonaniro kuva igihe Aroni azoba yinjiye Ahera Cane gushika asohotse, amaze kwitangira impongano yiwe, iy’abo mu nzu yiwe hamwe n’iy’Abisirayeli bose.
18 He must go out to the altar before me, make atonement for it, take some of the bull's blood and some of the goat's blood, and put it on the altar's horns all around. Hanyuma aze asohoke aje ku gicaniro kiri imbere y’Uhoraho agitangire ikimazi na co nyene. Aze afate ku maraso ya ya shuri no ku ya ya suguru y’impene ayasige ku mahembe y’ico gicaniro.
19 He is to sprinkle blood on it with his finger seven times, to cleanse and dedicate it from the impurity of Israel's people. Aze amijagire ayo maraso kuri co n’urutoke rwiwe incuro indwi kugira ngo agihumanure yongere aceze ubuhumane bwose bw’Abisirayeli.
20 When he finishes atoning for the Holy Place, tent of meeting, and altar, he is to present the live goat. Maze Aroni niyaheza gutangira impongano Ahera Cane, n’ihema ry’ibonaniro hamwe n’igicaniro, aze azane ya mpene ikibona.
21 Aaron is to lay both hands on the live goat's head and confess over it all Israel's guilt, all their rebellions, all their sins, placing them on the goat's head, then send it into the wilderness by a man appointed for the task. Aze ayirambikeko ibiganza vyiwe vyompi ku mutwe yaturire kuri yo ukugabitanya n’ubugarariji bw’Abisirayeli, ivyaha vyabo vyose, abiremeke ku mutwe w’iyo mpene. Ahejeje azoce ayirungika mu bugaragwa ijanwe n’umuntu yatoranirijwe gukora ico gikorwa.
22 The goat will carry all their sins on itself into a cut-off land; the man will release it in the wilderness. Iyo mpene izokwiremeka ivyaha vyabo vyose ibitware ahantu hatagira abantu; uwo muntu aze aheze ayirekurire mu bugaragwa.
23 Aaron will enter the tent of meeting, take off the linen garments he wore entering the Holy Place, and leave them there. Aroni azoce asubira yinjire mw’ihema ry’ibonaniro akure za mpuzu zera derere yambara imbere y’uko yinjira Ahera Cane, azisigeyo,
24 He must bathe his body in water in a holy place and put on his clothes. Then he comes out, offers his burnt offering and the people's burnt offering, atoning for himself and the people. hanyuma yiyuhagirire n’amazi ahantu hera ace yambara impuzu ziwe zisanzwe. Azoce asohoka atange ca kimazi co guturirwa ciwe na ca kimazi co guturirwa c’abantu bose, kugira ngo yitangire ikimazi we ubwiwe hamwe n’abantu bose.
25 He is to burn the fat of the sin offering on the altar. Azoce aturirira ku gicaniro ibinure vyavuye kuri ca kimazi c’ivyaha.
26 He who sent the goat to Azazel must wash his clothes, bathe his body in water, then he may enter the camp. Wa muntu yatwara ya mpene yo gutabwa mu bugaragwa agarutse aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi; hanyuma ashobore kuja aho mucumbitse.
27 The bull and goat of the sin offering, whose blood was brought to atone in the Holy Place, are to be taken outside the camp; their hides, flesh, and dung are to be burned in the fire. Ya shuri na ya suguru zatangwa nk’ibimazi vy’ivyaha, amaraso yavyo akajanwa Ahera Cane kugira ngo atangweko ikimazi co gucungura, bize bijanwe inyuma y’aho mucumbitse maze insato zavyo, inyama zavyo n’ivyo mu nda bize biturirwe.
28 Whoever burns them must wash his clothes and bathe his body in water, then he may come into the camp. Umuntu azobiturira aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, abone kugaruka aho mucumbitse.
29 This is a permanent law for you: on the tenth day of the seventh month, humble yourselves and do no work—neither the native nor the foreigner living among you. Iri rize ribe ibwirizwa rihoraho kuri mwebwe: ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze mwisonzeshe kandi ntihagire igikorwa na kimwe mukora, yaba uwavukiye muri mwebwe canke umunyamahanga aba muri mwebwe,
30 For on this day atonement is made for you, to cleanse you from all your sins; you will be clean before me. kuko kuri uwo musi hazoba gucungurwa kwanyu, kugira ngo muhumanurwe. Namwe muzoba mwejejwe ivyaha vyanyu vyose.
31 It is a Sabbath of complete rest for you; humble yourselves—a lasting statute. Izoba ari Isabato y’ukuruhuka, muze muwuruhukeko kandi mwisonzeshe; iri rize ribe ibwirizwa rihoraho.
32 The priest anointed and ordained to serve in his father's place is to make atonement and put on the linen garments—the holy garments, Umuherezi yasizwe amavuta kandi yatoranirijwe gusubirira se wiwe nk’umuherezi mukuru ni we azotanga ikimazi co gucungura. Aze yambare za mpuzu zera derere,
33 and make atonement for the Most Holy Place, the tent of meeting, the altar, the priests, and all the assembly's people. atange ikimazi co gucungura Ahera Cane, ihema ry’ibonaniro, igicaniro, abaherezi n’abantu bose.
34 This is a permanent statute for you: atone for all the Israelites' sins once a year." And it was done, as our Father commanded Moses. Iri rize ribe ibwirizwa rihoraho kuri mwebwe: ico kimazi co gucungura kizohora gitangwa rimwe mu mwaka gitangirwe ivyaha vyose vy’Abisirayeli.” Nuko baca bakora nk’uko Uhoraho yategetse Mose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]