Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Nadab and Abihu, Aaron's sons, each took his censer, put fire in it, added incense, and offered unauthorized fire before our Father, which he had not commanded them. Abahungu ba Aroni, Nadabu na Abihu, bakira ivyotezo vyabo, babishirako umuriro bashirako n’ibimota neza; baca bakoresha umuriro utemewe n’Uhoraho, ntibakurikiza uko yabitegetse.
2 Fire came out from our Father's presence and consumed them, and they died before our Father. Maze umuriro uvuye imbere y’Uhoraho urarurumba urabatongora, bapfira rimwe aho nyene imbere y’Uhoraho.
3 Moses said to Aaron, "This is what our Father spoke: 'Among those near me I will show myself holy, and before all the people I will be honored.'" Aaron was silent. Mose abwira Aroni ati: “Ibi ni vyo Uhoraho yatubwira igihe yavuga ati: ‘Ku bantu begera aho ndi, nzokwiyerekana ndi Uwera; imbere y’amaso y’abantu bose, nzokwihesha icubahiro.’ ” Aroni araceceka.
4 Moses called Mishael and Elzaphan, sons of Uzziel, Aaron's uncle, and said to them, "Come near, carry your brothers from in front of the sanctuary, outside the camp." Mose ahamagara Mishayeli na Elizafani, abahungu ba Uziyeli sewabo wa Aroni, arababwira ati: “Nimuze hano, mutware benewanyu inyuma y’aho abantu bacumbitse, mubigize kure y’ahera.”
5 They came near and carried them still in their tunics out of the camp, as Moses had said. Baraza babaterura uko bakambaye ya myambaro yabo isharijwe n’amabara, babajana inyuma y’aho bacumbitse, nk’uko Mose yategetse.
6 Moses said to Aaron and his sons Eleazar and Ithamar, "Don't let your hair hang loose or tear your clothes, or you will die and wrath will come on the whole community. But your relatives, the whole house of Israel, may weep for the burning our Father kindled. Maze Mose abwira Aroni n’abahungu biwe Eliyazeri na Itamari ati: “Ntimureke umushatsi wanyu udashokoje, kandi ntimwitabagurireko impuzu, kuko mwoca mupfa kandi Uhoraho agashavurira ihanga ryose. Ariko incuti zanyu, ihanga ryose ry’Abisirayeli, baze bagandarire abo Uhoraho yaranduje umuriro.
7 Don't leave the Tent of Meeting entrance, or you'll die—our Father's anointing oil is on you." They did as Moses said. Ntimuve imbere y’Ihema ry’Ibonaniro kugira ngo ntimupfe, kuko amavuta yo kurobanura y’Uhoraho ari kuri mwebwe.” Nuko bakora nk’uko Mose yavuze.
8 Our Father spoke to Aaron, saying, Hanyuma Uhoraho abwira Aroni ati:
9 "You and your sons must not drink wine or strong drink when you enter the tent of meeting, or you will die. This is a lasting statute for your generations, “Wewe n’abahungu bawe ntimuze mwigere munywa umuvinyu canke ikindi kinyobwa cose kirimwo umwambiro imbere y’uko muja mw’ihema ry’ibonaniro, kuko mwoca mupfa. Iki kize kibe icagezwe c’intahava uko urunganwe ruzokurakuranwa n’urundi,
10 to distinguish holy from common, and unclean from clean, kugira ngo muze mushobore gutandukanya ivyera n’ibisanzwe, ibihumanye n’ibidahumanye,
11 and so you can teach the people of Israel all the statutes I told them through Moses." kandi muze mwigishe Abisirayeli amabwirizwa yose Uhoraho yabahaye abicishije kuri Mose.”
12 Moses told Aaron and his surviving sons, Eleazar and Ithamar: "Take the grain offering left from the fire offerings to our Father, and eat it without yeast beside the altar—it is most holy. Mose abwira Aroni n’abahungu biwe basigaye ari bo Eliyazeri na Itamari ati: “Mwakire ishikanwa ry’ifu ryasigaye ku mashikanwa, mukore imikate muyizane imbere y’Uhoraho, hanyuma muyirire i ruhande y’igicaniro, ariko ntibe irimwo umwambiro kuko ari iyera cane.
13 Eat it in a holy place—it is your portion and your sons' portion from the fire offerings to our Father, for that is what I was commanded. Muyirire ahantu hejejwe, kuko ari umugabane wanyu n’uw’abahungu banyu ku bimazi bishikanirwa Uhoraho, kuko ari ko nategetswe.
14 But you, your sons, and your daughters may eat the waved breast and the raised thigh in a clean place; they are given as your portion and your sons' portion from Israel's peace offerings. Ariko wewe n’abahungu n’abakobwa bawe mushobora kurya igikiriza cazungagijwe, hamwe n’itako, mukabirira ahantu hadahumanye. Bihawe wewe n’abana bawe nk’umugabane uvuye ku bimazi vy’ishimwe bitangwa n’Abisirayeli.
15 They must bring the raised thigh and the waved breast, with the fat offerings burned by fire, waving them as a wave offering before our Father; they are yours and your sons' as a lasting portion, as our Father commanded." Itako n’igikiriza, bize bizanane n’imitigiri y’ibinure y’ibimazi vyo guturirwa, kugira ngo bizungagizwe imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza. Uwo uze ube umugabane wanyu w’intahava mwebwe n’abana banyu, nk’uko Uhoraho yategetse.”
16 Moses carefully inquired about the sin offering's goat and found it burned up. He was angry with Eleazar and Ithamar, Aaron's remaining sons, and said, Maze Mose abajije ivyerekeye ya suguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha vy’abantu bose, akamenya ko yaturiwe, aca ashavurira Eliyazeri na Itamari, abahungu ba Aroni bari basigaye, arababaza ati:
17 "Why didn't you eat the sin offering in the place of the sanctuary? Since it is most holy, our Father gave it to you to remove the congregation's guilt and make atonement for them before our Father. “Ni kuki mutaririye ico kimazi co gutangirwa ivyaha ahantu hera? Ni icera cane, mwari mwagihawe ngo gikureho icaha c’ihanga mu kubabera ikimazi c’ivyaha imbere y’Uhoraho.
18 Since its blood wasn't brought into the sanctuary, you should have eaten it in the sanctuary, as I commanded." Kubera yuko amaraso yaco yari yajanywe Ahera, mwari kuba mwariye iyo mpene mukayirira mw’ihema, nk’uko nari nabitegetse.”
19 Aaron said to Moses, "Look, today my sons offered their sin offering and their burnt offering before our Father, and yet all this happened to me. Had I eaten the sin offering today, would it have pleased our Father?" Aroni yishura Mose ati: “Uyu musi batanze ikimazi c’ivyaha vyabo n’ikimazi co guturirirwa imbere y’Uhoraho, ariko raba ivyambayeko. Mbega Uhoraho yari guhimbarwa iyo mba nariye ku kimazi gitangirwa ivyaha vy’ihanga uwu musi?”
20 When Moses heard that, he was satisfied. Mose yumvise ivyo, aca yumva aranyuzwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]