Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses and Aaron, saying to them, Uhoraho abwira Mose na Aroni ati:
2 "Speak to the Israelites: These are the living creatures you may eat among all the animals on the earth. “Barira Abisirayeli muti: ‘Mu bikoko vyose biba mu gihugu, ibi ni vyo mwemerewe kurya:
3 Among the animals, you may eat any that has a divided hoof, fully split, and chews the cud. mwemerewe kurya igikoko cose gifise ikinono gisatuye kandi cuza ivyo cariye.
4 "But these you must not eat among those that chew the cud or have a divided hoof: the camel—it chews the cud but has no divided hoof; it is unclean for you. Hariho bimwe vyuza gusa canke bifise ikinono gisatuye gusa: ivyo ntimuze mubirye. Ingamiya, naho yuza ntifise ikinono gisatuye; irahumanye kuri mwebwe.
5 The rock badger chews the cud but has no divided hoof; it is unclean for you. Inkezi naho yuza, ntifise ikinono gisatuye; irahumanye kuri mwebwe.
6 The hare, because it chews the cud but has no divided hoof—it is unclean for you. Agakwavu naho kuza ntigafise ikinono gisatuye; karahumanye kuri mwebwe.
7 And the pig, though it has a divided, fully split hoof, does not chew the cud—unclean for you. Ingurube naho ifise ibinono bisatuye, ntiyuza; na yo irahumanye kuri mwebwe.
8 Do not eat their flesh, and do not touch their carcasses—they are unclean for you. Ntimuze murye inyama zavyo canke ngo mukore ku mivyimba yavyo; ivyo birahumanye kuri mwebwe.
9 "You may eat these of all in the waters: whatever has fins and scales in the waters, seas, and rivers—those you may eat. Mu biba mu mazi yo mu biyaga no mu nzuzi vyose, mwemerewe kurya ibifise amababa n’ibigaragamba.
10 But any without fins and scales in the seas and rivers, among all that swarm in the waters and all the living creatures in the waters—they are detestable to you. Ariko ibiba mu mazi yo mu biyaga no mu nzuzi bitagira amababa n’ibigaragamba, vyaba ibigendera hamwe canke ibindi vyose biba mu mazi, muze mubigire umuziro.
11 They remain detestable to you; do not eat their flesh, and treat their carcasses as detestable. Kandi ko ari ibizira kuri mwebwe, ntimuze mubirye kandi ntimuze mukore no ku mivyimba yavyo.
12 Whatever has no fins or scales in the waters—that is detestable to you. Ikintu cose kiri n’ubuzima kiba mu mazi ariko kidafise amababa n’ibigaragamba kirahumanye kuri mwebwe.
13 "Detest these birds; do not eat them—they are detestable: the eagle, the vulture, the black vulture, Ibi ni vyo muzofata nk’ibihumanye mu biguruka mu kirere kandi ntimuze mubirye kuko ari ibihumanye kuri mwebwe: inkona, ikinyakabaka, inkukuma,
14 the kite, and the falcon according to its kind, ikinyamwanira, icaruzanyoni nk’uko amoko yavyo ari,
15 every raven according to its kind, ubwoko bwose bw’ibikona,
16 the ostrich, the nighthawk, the seagull, and the hawk according to its kind, ikigendabunyovu, sarumfune, inguriguri, n’amoko yose y’ubuca;
17 the little owl, the cormorant, the great owl, igihuna, ikirovyi, inyanana,
18 the white owl, the desert owl, the carrion vulture, ikinyamwanira, inkongori, ikiryamivyimba,
19 the stork, the heron according to its kind, the hoopoe, and the bat. agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure, n’agahungarema.
20 "Every winged swarming creature that walks on four legs is detestable to you. Udukoko twose dufise amababa tukagendera ku maguru ane tuze tube uduhumanye kuri mwebwe.
21 Yet these you may eat among all winged swarming creatures that walk on four legs: those with jointed legs above their feet for leaping on the ground. Ariko hariho udukoko tumwetumwe tuguruka tukagendera no ku maguru ane mushobora kurya: ni udufise amaguru afatanye n’ikirenge dushobora gusimbagurika kw’isi.
22 You may eat these: the locust, the bald locust, the cricket, and the grasshopper, each according to its kind. Muri ivyo muze murye ubwoko bwose bw’inzige, ibihori canke intoteza.
23 But every other winged swarming creature that has four feet is detestable to you. Ariko udukoko twose tundi tuguruka dufise amaguru ane tuzoba duhumanye kuri mwebwe.
24 "These things will make you unclean; whoever touches their carcasses will be unclean until the evening, Umuntu wese azokora ku muvyimba w’utwo dukoko dutuma muhumana azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.
25 whoever carries any of their carcasses must wash his clothes and be unclean until evening. Uwuzotwara umuvyimba watwo ategerezwa kumesa impuzu ziwe, azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
26 "Every animal with a divided hoof not fully split, or that does not chew the cud, is unclean for you; whoever touches them is unclean. Igikoko cose kidafise ikinono gisatuye canke kituza kirahumanye kuri mwebwe; kandi uwuzokora ku muvyimba wa kimwe muri vyo azoba ahumanye.
27 Whatever walks on its paws, among all four-legged animals, is unclean for you; whoever touches their carcasses is unclean until evening, Ibikoko vyose bifise amaguru ane ariko bitagira ibinono birahumanye kuri mwebwe. Uwuzokora ku muvyimba wa kimwe muri vyo azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
28 whoever carries their carcasses must wash his clothes and be unclean until evening; they are unclean to you. Uwuzokora ku muvyimba wa kimwe muri vyo ategerezwa kumesa impuzu ziwe, kandi azoba ahumanye gushika ku mugoroba. Ivyo bikoko birahumanye kuri mwebwe.
29 "These are unclean for you among the swarming things that swarm on the earth: the mole rat, the mouse, the great lizard by its kind, Mu bikoko vyose bikwega inda hasi, ibi ni vyo bihumanye: ifuku, imbeba, ubwoko bwose bw’imiserebanyi,
30 the gecko, the monitor lizard, the wall lizard, the skink, and the chameleon. icugu, ikivumbura, umuserebanyi mutoya, agacamano n’uruvuruvu.
31 These are unclean for you among all that swarm; whoever touches them dead is unclean until evening. Mu bikwega inda hasi vyose, ivyo ni vyo bizira kuri mwebwe. Umuntu azokora ku muvyimba wavyo azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
32 Anything one of their dead bodies falls on becomes unclean—any wooden vessel, cloth, leather, or sackcloth, any working tool. It must be put in water and stays unclean until evening; then it is clean. Nihagira kimwe muri vyo gipfa kigakorokera ku kintu gikoreshwa, ico gikoresho, ico ari co cose, kizoba gihumanye, caba igikozwe mu giti, mu mpuzu, mu rusato canke mw’igunira, muze mugishire mu mazi; kize kigume gihumanye gushika ku mugoroba, hanyuma kizoba gihumanutse.
33 Any clay pot one of them falls into—whatever is in it is unclean; break it. Nihagira igikorokera mu nkono y’ibumba, ibizoba biri muri yo vyose bizoba bihumanye, kandi muze mumene iyo nkono.
34 Any food touched by such water becomes unclean; any drink in such a vessel becomes unclean. Ivyokurya vyose mwemerewe kurya bimaze gukorwako n’amazi yavuye muri iyo nkono bizoba bihumanye, kandi ibinyobwa vyose bizoba bivuye muri iyo nkono bizoba bihumanye.
35 Anything one of their carcasses falls on becomes unclean; an oven or stove must be smashed. They are unclean, and unclean to you. Ikintu cose umuvyimba wavyo uzogwako kizoba gihumanye; iziko canke inkono iteka bize bimenagurwe. Bizoba bihumanye, kandi muze mubifate nk’ibihumanye.
36 Yet a spring or cistern holding water stays clean, but whoever touches their carcasses is unclean. Ariko niyaba ari isoko y’amazi canke ikinogo co kubikamwo amazi bizoguma ari ibidahumanye; ariko nihagira uwuzokora kuri uwo muvyimba azoba ahumanye.
37 If any of their carcasses falls on seed to be planted, it stays clean. Umuvyimba niwakorokera ku mbuto zo guterwa, zizoguma ari izidahumanye.
38 But if water has been put on the seed and part of their carcass falls on it, it is unclean for you. Ariko uwo muvyimba niwagwa ku mbuto zinitswe mu mazi, zizoba zihumanye kuri mwebwe.
39 "If any animal you may eat dies, whoever touches its carcass is unclean until evening. Nihagira igikoko mu vyo mwemerewe kurya gipfa, umuntu wese azokora ku muvyimba waco azoba ahumanye gushika ku mugoroba.
40 Whoever eats its carcass must wash their clothes and be unclean until evening; whoever carries its carcass must wash their clothes and be unclean until evening. Umuntu wese azorya kuri uwo muvyimba aze amesure impuzu ziwe, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba. Uwuzoterura uwo muvyimba aze amesure impuzu ziwe, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.
41 "Every swarming creature that swarms on the earth is detestable; do not eat it. Igihumeka cose gikwega inda hasi kize gifatwe nk’igihumanye, ntikize kiribwe.
42 Whatever moves on its belly, walks on four legs, or has many feet—among all the swarming things that swarm on the earth—do not eat them; they are detestable. Ntimuze murye ikintu na kimwe gikwega inda hasi, caba igikwega inda hasi canke ikigendera ku maguru ane canke ayarenga; ni igihumanye.
43 Do not make yourselves detestable with any swarming creature that swarms, and do not make yourselves unclean by them, becoming unclean through them. Ntimuze mwihumanishe ivyo vyaremwe.
44 For I am your Father: dedicate yourselves, be holy, since I am holy. Do not make yourselves unclean with any swarming creature crawling on the ground. Ndi Uhoraho Imana yanyu, muze mwiyeze mube abera, kuko nanje ndi uwera. Ntimuze mwiyandurishe na kimwe muri ivyo vyaremwe bikwega inda hasi.
45 I am your Father who brought you out of Egypt to be your God; be holy, for I am holy." Ndi Uhoraho, nabakuye muri Egiputa ngo ndababere Imana; nuko rero mube abera, kuko nanje ndi uwera.
46 This is the law of the animals, the birds, every living creature moving in the waters, and every creature swarming on the earth, Ayo ni yo mategeko agenga ibikoko, inyoni, ikintu cose gihumeka kigendagenda mu mazi n’ikigendagenda kw’isi.
47 to distinguish between the unclean and the clean, between animals that may be eaten and those that may not. Muze mutandukanye ibizira n’ibitazira, ivyemewe kuribwa mu bihumeka n’ibitemewe kuribwa.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]