1Abimelech son of Jerubbaal went to Shechem, to his mother's brothers, and said to them and to all his mother's father's clan.OKCBUmusi umwe, Abimeleki mwene Yerubayali aja kuramutsa ba inarume. Arababwira be n’abo mu muryango wa nyina bose ati:
2Ask all Shechem's citizens: 'Which is better—seventy men, all Jerubbaal's sons, ruling you, or one man ruling you?' Remember, I am your own flesh and blood.OKCB“Nimubaze abatware b’i Shekemu muti: ‘Mbega ikibereye ni iki? Ko mwotwarwa n’abahungu mirongo indwi ba Yerubayali, canke ko mwotwarwa n’umwe?’ Kandi mwibuke ko dusangiye amaraso.”
3His mother's brothers repeated all this to the citizens of Shechem, and their hearts turned to Abimelech, for they said, "He is our brother."OKCBBa inarume babishikirije abantu b’i Shekemu, bose bemera kurongorwa na Abimeleki, kuko bavuga bati: “Ni umuvukanyi wacu.”
4They gave him seventy pieces of silver from the temple of Baal-berith, and with it Abimelech hired worthless, reckless men who followed him.OKCBBaca baha Abimeleki shekeli mirongo indwi z’ifeza bakuye mu ngoro ya Bayali-Beriti, na we azikoresha mu guhemba abantu b’imburakimazi kandi b’inkozi z’ibibi bamugendanira.
5Then at his father's house in Ophrah he killed his brothers, Jerubbaal's seventy sons, on one stone. But Jotham, Jerubbaal's youngest son, survived by hiding.OKCBAja i muhira kwa se muri Ofura, yicira ku gitandara kimwe benewabo mirongo indwi, ari bo bahungu ba Yerubayali. Ariko Yotamu, umuhungu mutoya, aramucika kuko yari yinyegeje.
6All the citizens of Shechem and all Beth-millo gathered, went, and made Abimelech king by the oak of the pillar at Shechem.OKCBMaze ababa i Shekemu n’i Beti-Milo bose baca bakoranira musi y’igiti kinini kiri impande y’inkingi y’i Shekemu bimika Abimeleki nk’umwami.
7When Jotham was told, he went and stood atop Mount Gerizim, raised his voice, and called out: "Listen to me, citizens of Shechem, that our Father may listen to you.OKCBYotamu avyumvise, aca aduga ku musozi Gerizimu, arasemerera ati: “Nimunyumvirize yemwe batware b’i Shekemu! Nimunyumvirize nimba mushaka ko Imana ibumviriza.
8One day the trees went out to anoint a king over themselves. They said to the olive tree, 'Reign over us.'OKCBUmusi umwe ibiti vyagiye kwiyimikira umwami wavyo. Ubwa mbere bibarira umwelayo biti: ‘Tubere umwami.’
9But the olive tree answered them, 'Should I give up my oil, by which both our Father and people are honored, to go and sway over the trees?'OKCBAriko umwelayo uravyishura uti: ‘Ariko noheba amavuta yanje ahesha icubahiro Imana n’abantu, ngo nze kwirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?’
10Then the trees said to the fig tree, 'You come and reign over us.'OKCBHanyuma bibwira umusukoni bati: ‘Ingo wewe utubere umwami.’
11But the fig tree answered them, 'Should I give up my sweetness and my good fruit, to go and sway over the trees?'OKCBAriko na wo nyene uvyishura uti: ‘Ariko noheba insukoni zanje n’ukuntu zisosa, nkirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?’
12Then the trees said to the vine, 'You come and reign over us.'OKCBNi ko kubaza umuzabibu biti: ‘Ingo wewe utubere umwami.’
13But the vine answered them, 'Should I give up my new wine, which cheers both our Father and people, to go and sway over the trees?'OKCBAriko umuzabibu uvyishura uti: ‘Ariko noheba umutobe wanje, uryohera Imana n’abantu, nkaja kwirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?’
14Then all the trees said to the bramble, 'You come and reign over us.'OKCBUbwa nyuma ibiti vyose bibwira umukere, biti: ‘Ingo utubere umwami.’
15And the bramble said to the trees, 'If you really mean to anoint me king over you, then come and take refuge in my shade; but if not, let fire come out of the bramble and devour the cedars of Lebanon.'OKCBUmukere wishura ibiti uti: ‘Nimba mushaka kunyimika ngo mbe umwami wanyu vy’ukuri, nimuze muhungire musi y’igitutu canje; bitari uko, umuriro uce uza uvuye mu mukere uturire amasederi yose y’i Libani!’ ”
16Now if you acted honestly and with integrity in making Abimelech king, and if you dealt well with Jerubbaal and his house, repaying him as his deeds deserved,OKCBYotamu abandanya ababwira ati: “None rero nimurabe neza nimba mwakoze ibibereye kandi bivuye mu kwizera mu kwimika Abimeleki nk’umwami, kandi nimba mwakoreye ibibereye Yerubayali n’umuryango wiwe, mukamufata uko bibereye.
17my father fought for you, risked his life to rescue you from Midian's hand,OKCBKuko mwibuke ko data yabagwaniye, ntiyatinyira ubuzima bwiwe kugira ngo abarokore mu maboko y’Abamidiyani.
18but today you rose against my father's house, killed his sons, seventy men on one stone, and made Abimelech, son of his slave woman, king over Shechem's citizens because he's your brother,OKCBAriko uwu musi mwagararije data n’uruvyaro rwiwe, mwicira abahungu biwe mirongo indwi ku gitandara kimwe. Kandi mufashe umuhungu wo ku mugore w’umugurano wiwe Abimeleki aba ari we mwimika nk’umwami wa Shekemu kuko ari incuti yanyu.
19if you have acted in good faith and integrity toward Jerubbaal and his house today, then rejoice in Abimelech, and let him rejoice in you too.OKCBNone rero nimba Yerubayali n’uruvyaro rwiwe mwabakoreye ivy’icubahiro, vyiza kandi bivuye mu kwizera, nimunezerererwe Abimeleki, kandi na we nabanezerererwe.
20But if not, let fire come from Abimelech and devour Shechem's citizens and Beth-millo, and fire from Shechem's citizens and from Beth-millo and devour Abimelech."OKCBAriko nimba mutakoze ibikorwa vyiza bivuye mu kwizera, umuriro uce uza uvuye kuri Abimeleki ubatongore, mwebwe abatware b’i Shekemu n’i Beti-Milo, kandi umuriro uce ugenda uvuye muri mwebwe ab’i Shekemu n’i Beti-Milo, utongore Abimeleki.”
21Jotham fled and escaped, going to Beer, where he lived, away from his brother Abimelech.OKCBYotamu aca arahunga aja i Beyeri, agumayo kuko yatinya mwenewabo Abimeleki.
22After Abimelech had ruled over Israel three years,OKCBInyuma y’ivyo Abimeleki atwara Isirayeli imyaka itatu,
23our Father sent an evil spirit between Abimelech and Shechem's citizens, and they dealt treacherously with Abimelech.OKCBmaze Imana irungika impwemu hagati ya Abimeleki n’abatware b’i Shekemu, baramuhemukira, baramugumukana.
24So that the violence to Jerubbaal's seventy sons would be repaid, their blood placed on their brother Abimelech, who killed them, and on Shechem's citizens, who strengthened his hands to kill his brothers.OKCBIvyo Imana yabikoze kugira ngo ihore ikibi bene Yerubayali bakorewe mu guseserwa amaraso na mwenewabo Abimeleki hamwe n’ab’i Shekemu bamufashije kwica benewabo.
25The citizens of Shechem set ambushers against him on the hilltops, and they robbed everyone passing by on the road. And Abimelech was told.OKCBMu kumugarariza, abatware b’i Shekemu barungitse abantu baja kwinyegeza ku misozi hejuru, bagasahura uwurengana wese. Ariko ivyo birahava bishikira Abimeleki.
26Gaal son of Ebed came with his brothers and moved into Shechem, and its citizens trusted him.OKCBUmusi umwe Gayali mwene Ebedi aja i Shekemu ari kumwe na benewabo, maze yizerwa n’abatware b’i Shekemu.
27They went to the fields, picked grapes from their vineyards, trod them, and held a festival in their god's temple, where they ate, drank, and cursed Abimelech.OKCBBamaze kuja mu mirima bakimbura inzabibu bakazigana, bagirira umusi mukuru w’iyimbura mu ngoro y’ikigirwamana cabo. Bariko bararya banywa, batangura kuvuma Abimeleki.
28Gaal son of Ebed said, "Who is Abimelech, and who is Shechem, that we should serve him? Isn't he Jerubbaal's son, and isn't Zebul his deputy? Serve the men of Hamor, Shechem's father! Why should we serve Abimelech?OKCBGayali mwene Ebedi aravuga ati: “Mbega Abimeleki ni iki, kandi Shekemu ni iki kugira ngo tube abasavyi biwe? Mbe si mwene Yerubayali, kandi uwu Zebuli si icegera ciwe? Enda nimuze dukorere abakomoka kuri Hamori, sekuruza w’ab’i Shekemu aho gukorera Abimeleki.
29If only this people were mine to command! Then I'd remove Abimelech; I'd say to him, 'Call out your whole army!'"OKCBIcari kumpa aba bantu nkabatwara, noca nkuraho Abimeleki. Nobwira Abimeleki nti: ‘Shaka uzanane n’ingabo zawe zose tugwane!’ ”
30When Zebul the city's ruler heard the words of Gaal son of Ebed, his anger flared.OKCBZebuli umukuru w’ico gisagara yumvise ivyo Gayali mwene Ebedi avuze, ararakara cane.
31He secretly sent messengers to Abimelech: "Gaal son of Ebed and his brothers have come to Shechem and are turning the city against you.OKCBAca arungika intumwa kuri Abimeleki muri Aruma, amubwira ati: “Gayali mwene Ebedi hamwe na benewabo baje kuba i Shekemu, none bariko baragumura igisagara cose ngo bakugararize.
32Now rise by night, you and the people with you, and lie in wait in the field.OKCBNone rero uze guhengera mw’ijoro uzanane n’ingabo zawe, mubategerere mu gahinga.
33In the morning at sunrise, get up early and raid the city. When Gaal and his men come out against you, do to them whatever your hand finds."OKCBMu gatondo ka kare izuba rigiye guseruka muje gutera igisagara. Gayali n’ingabo ziwe nibaza kubagwanya, muze kubagira uko mushaka.”
34So Abimelech and all his people set out at night and lay in wait against Shechem in four companies.OKCBNuko Abimeleki n’ingabo ziwe zose bafata inzira mw’ijoro baragenda, bicamwo imigwi ine, bagira ibirindiro bikikuje Shekemu.
35Gaal son of Ebed went out and stood at the city gate entrance; Abimelech and the people with him rose from ambush.OKCBGayali mwene Ebedi yari ahagaze mw’irembo ry’igisagara igihe Abimeleki n’abasoda biwe basokoroka bava aho bari binyegeje.
36Gaal saw the people and told Zebul, "Look, people coming down from the hilltops!" Zebul said, "You're seeing mountain shadows as men."OKCBGayali ababonye abarira Zebuli ati: “Ehe bariya bantu bariko baramanuka bavuye hejuru ku misozi!” Zebuli amwishura ati: “Eka si bo witiranije ibitutu vy’imisozi n’abantu.”
37Gaal spoke again, "Look, people coming down from the center of the land, and one company from the direction of the Diviners' Oak."OKCBAriko Gayali aramubwira ati: “Eka raba, ni abantu bariko baramanuka bavuye ku misozi, kandi uwundi mugwi na wo uriko uzanana mu nzira ica impande y’igiti ca ba kamenyi.”
38Then Zebul said to him, "Where's your big talk now—you who said, 'Who is Abimelech, that we should serve him?' Aren't these the people you despised? Go out and fight them!"OKCBMaze Zebuli aramubwira ati: “Aho wahereye wirata, reka ubu rero turabe ingene ubigenza. Ntiwavuze ngo: ‘Mbega Abimeleki ni iki aho adutwara?’ Aba si ba bantu wacokora? Genda rero ubagwanye turabe!”
39So Gaal went out at the head of the citizens of Shechem and fought Abimelech.OKCBNuko Gayali asohokana abatware b’i Shekemu baja kugwanya Abimeleki.
40But Abimelech chased him, Gaal fled before him, and many fell wounded up to the gate's entrance.OKCBAbimeleki aramwirukana, kandi benshi mu b’i Shekemu barakomereka, bagenda baragwa mu nzira gushika kw’irembo ry’igisagara.
41Abimelech stayed in Arumah, and Zebul drove Gaal and his brothers out of Shechem, so they could not live there.OKCBAbimeleki aca asubira muri Aruma, Zebuli na we yomora Gayali na benewabo abakura mu gisagara ca Shekemu.
42The next day the people went out into the fields, and Abimelech was told.OKCBKu musi ukurikira, abantu b’i Shekemu baja mu ntambara. Abimeleki abimenye,
43He took his men, split them into three companies, and set an ambush in the fields. When he saw the people leaving the city, he rose against them and struck them down.OKCBaca agabura ingabo ziwe mu migwi itatu baja kubunda mu gahinga. Abonye basohotse igisagara, aca arahaguruka aho yari abunze, arabatera.
44Abimelech and his companies rushed forward and took their stand at the city gate's entrance, while the other two companies rushed on all in the fields and struck them down.OKCBAbimeleki n’umugwi bari kumwe baca bihutira gutangira ku muryango w’igisagara kugira ngo abuze abagaruka mu gihe iyindi migwi yariko iratikiriza abandi mu gahinga.
45Abimelech fought the city all that day, captured it, killed its people, tore down the city, and sowed it with salt.OKCBUwo musi wose Abimeleki yawumaze atera ico gisagara, gushika agifate. Aca agisanzamwo umunyu cose.
46Hearing this, all the leaders of the Tower of Shechem entered the stronghold of the temple of El-berith.OKCBAbaba mu munara w’i Shekemu bavyumvise baca baja kwinyegeza mu ruzitiro rukomeye rw’ikibanza co gusengeramwo ibigirwamana ca Bayali-Beriti.
47Abimelech was told that all the leaders of the Tower of Shechem had gathered there,OKCBAbimeleki yumvise ko bakoraniyeyo,
48so he went up Mount Zalmon, he and all his people. He took an axe in his hand, cut a branch of brushwood, lifted it, set it on his shoulder, and said to his people, "Hurry, do what you saw me do!"OKCBaca aduga ku musozi Zalumoni. Aca afata ishoka, atemagura amashami y’ibiti, ayikorera ku bitugu. Aca abwira abo bari kumwe ati: “Nimunyarutse, mugire nk’uko nagize.”
49So everyone cut branches, followed Abimelech, piled them against the stronghold, and set it burning over those inside. The people of Shechem's Tower died too—about 1,000 men and women.OKCBNuko bose baca amashami, bakurikira Abimeleki. Bayarundanya kuri wa munara, bawuturirana n’abantu bari muri wo. Abari muri wo bose bapfirayo, bashika nk’abantu igihumbi, abagore n’abagabo.
50Then Abimelech went to Thebez, camped against it, and captured it.OKCBMu nyuma y’aho, Abimeleki aca atera igisagara ca Tebezi, aragifata.
51A strong tower stood inside the city, and all the men and women—all the city's leaders—fled to it, shut themselves in, and climbed to the tower's roof.OKCBAriko hagati muri ico gisagara harimwo iminara ikomakomeye abagore n’abagabo, ndetse n’abantu bose baba muri ico gisagara bayihungiramwo. Bayiyugaraniramwo baca baduga ku nsenge zayo.
52Abimelech reached the tower, attacked it, and neared its door to burn it.OKCBAbimeleki aja kuri iyo minara arayugariza. Yegereye ku miryango yayo ngo ayiturire,
53But a woman dropped an upper millstone on Abimelech's head and crushed his skull.OKCBumugore yari hejuru ku munara aca amukororerako urusyo, rumumena umutwe.
54He quickly called his armor-bearer and said, "Draw your sword and kill me, so they can't say of me, 'A woman killed him.'" So the young man ran him through, and he died.OKCBAbimeleki aca abarira umugendanyi wiwe yamutwaza ibigwanisho yihuta ati: “Fata inkota yawe ningoga unyice, ntibazovuge ngo Abimeleki yishwe n’umugore!” Wa mugendanyi wiwe aca arayimusogota, aca arapfa.
55When the men of Israel saw that Abimelech was dead, they all went home.OKCBAbisirayeli babonye Abimeleki apfuye, baca basubira mu mihana yabo.
56This is how our Father repaid the evil Abimelech did to his father by killing his seventy brothers.OKCBGutyo Imana iba irahanye Abimeleki kubera ikibi yakoreye se wiwe mu kugandagura benewabo mirongo indwi.
57Our Father returned all the evil of Shechem's men on their own heads, and Jotham son of Jerubbaal's curse came on them.OKCBImana yongera iba ihaniye abantu b’i Shekemu ububisha bwabo. Umuvumo wa Yotamu mwene Yerubayali ari we Gidiyoni uba urabashitseko.