Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After Abimelech, Tola son of Puah, son of Dodo, a man of Issachar, rose to save Israel; he lived in Shamir in Ephraim's hills. Inyuma ya Abimeleki, umuntu wo mu muryango wa Isakari, yitwa Tola mwene Puwa, umwuzukuru wa Dodo, arahaguruka arokora Isirayeli. Yaba i Shamiri, mu karere k’imisozi ka Efurayimu.
2 He led Israel as judge for twenty-three years; then he died and was buried in Shamir. Arongora Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’itatu, hanyuma arapfa, ahambwa i Shamiri.
3 After him rose Jair the Gileadite, who led Israel as judge for twenty-two years. Tora yakurikiwe na Yayiro w’i Gileyadi, yarongoye Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’ibiri.
4 He had thirty sons riding thirty donkeys, with thirty towns in Gilead, called Havvoth-jair to this day. Yari afise abahungu mirongo itatu, n’indogoba mirongo itatu yagenderako, kandi yaganza n’ibisagara mirongo itatu mu ntara ya Gileyadi. Ivyo bisagara biracitwa ibisagara vya Yayiro gushika n’ubu.
5 When Jair died, he was buried in Kamon. Yayiro apfuye, yahambwe i Kamoni.
6 Again the Israelites did evil in our Father's eyes, serving the Baals, the Ashtoreths, the gods of Aram, the gods of Sidon, the gods of Moab, the gods of the Ammonites, and the gods of the Philistines. They abandoned our Father and no longer served him. Isirayeli isubira gukora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe. Bakorera Bayali na Ashitaroti n’izindi mana zo muri Aramu, i Sidoni, i Mowabu, muri Amoni n’iz’Abafilisitiya. Bava k’Uhoraho, ntibaba bakimukorera na gatoya.
7 So our Father's anger burned against Israel, and he sold them to the Philistines and the Ammonites. Uburake bw’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abarekurira mu maboko y’Abafilisitiya n’Abamoni,
8 That year they shattered and crushed the Israelites—for eighteen years they oppressed all the Israelites beyond the Jordan in the Amorites' land, in Gilead. batangura kubacinyiza uwo mwaka nyene. Bamara imyaka icumi n’umunani batwaza umukazo Abisirayeli baba mu buseruko bwa Yorodani, mu ntara y’Abamori ari yo Gileyadi.
9 The Ammonites also crossed the Jordan to fight Judah, Benjamin, and Ephraim's house, so Israel was in deep distress. Abamoni na bo nyene bajabuka Yorodani baja gutera umuryango wa Yuda, uwa Benyamini n’uwa Efurayimu; Abisirayeli bari mu gatengo gahambaye.
10 Then the Israelites cried to our Father: "We have sinned against you, abandoning our Father to serve the Baals." Maze Abisirayeli baririra Uhoraho bavuga bati: “Twaragucumuyeko, kuko twagutaye ari wewe Mana yacu, tugakorera za Bayali.”
11 And our Father said to the Israelites, "Did I not save you from the Egyptians, the Amorites, the Ammonites, and the Philistines? Uhoraho arabishura ati: “Igihe Abanyegiputa, Abamori, Abamoni, Abafilisitiya,
12 The Sidonians, Amalekites, and Maonites oppressed you; you cried to me, and I saved you from their hand. Abanyesidoni, Abamaleki n’Abamawoni babacinyiza, ntimwandiriye nkabatabara? Sinabarokoye mu maboko yabo?
13 Yet you have forsaken me and served other gods; therefore I will save you no more. Ariko mwarantaye mukorera izindi mana. None rero singisubira kubarokora.
14 Go cry out to the gods you chose; let them save you when you're in trouble." Nimugende muririre ziriya mana zindi mwahisemwo. Nizibe ari zo zibatabara mu marushwa yanyu!”
15 The Israelites said to our Father, "We have sinned. Do to us whatever you think best; only please rescue us today." Ariko Abisirayeli babarira Uhoraho bati: “Twaracumuye. Duhane uko ubigomvye ariko upfe kudukiza uwu musi.”
16 They put away the foreign gods and served our Father, and his heart could bear Israel's misery no longer. Baca bakura imana z’inyamahanga muri bo, bakorera Uhoraho. Uhoraho ntiyaba agishobora kwihanganira amagorwa y’Abisirayeli.
17 The Ammonites mustered and camped in Gilead; the Israelites gathered and camped at Mizpah. Igihe Abamoni bari bakoraniye i Gileyadi ngo baje mu ntambara, Abisirayeli na bo bari bakoraniye i Misipa.
18 The people, the leaders of Gilead, said to one another, "Whoever begins fighting the Ammonites will be head over all Gilead's people." Abarongozi b’i Gileyadi babwirana bati: “Uwuza gutera Abamoni ubwa mbere ni we azoca aba umurongozi w’Abagileyadi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]