Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jephthah the Gileadite was a mighty warrior, but the son of a prostitute. Gilead was his father. Hari umugabo yitwa Yefuta yari Umunyagileyadi, yari umugwanyi akomeye cane. Se yitwa Gileyadi, nyina akaba maraya.
2 Gilead's wife also bore him sons. When grown, they drove Jephthah out, saying, "You won't inherit in our father's house—you're another woman's son." Umugore wa Gileyadi yari yaravyaye n’abandi bahungu, bamaze gukura birukana Yefuta, bamubwira bati: “Nta ragi na ritoya uzoronka muri uwu muryango, kuko wavutse kuri maraya.”
3 Jephthah fled his brothers and lived in the land of Tob, where scoundrels gathered to him and went out with him. Yefuta aca ahunga benewabo, aja kuba mu ntara ya Tobu, aho yasanze umugwi w’abantu b’inyererezi b’inkozi z’ibibi, baramukurikira.
4 Some time later, the Ammonites made war against Israel. Haheze igihe, Abamoni bateye Isirayeli,
5 When Ammon fought Israel, Gilead's elders went to bring Jephthah from the land of Tob. abatware b’i Gileyadi batumako Yefuta mu ntara ya Tobu.
6 They said to Jephthah, "Come, be our commander, so that we can fight against the Ammonites." Bamubwira bati: “Ingo utubere umugabisha w’ingabo, kugira ngo dushobore kugwanya Abamoni.”
7 Jephthah told Gilead's elders, "Didn't you hate me and drive me from my father's house? Why come to me now, when you're in trouble?" Yefuta arabishura ati: “Mbega ntimwanyanse, mukanyirukana mu nzu ya data? Ubu rero muraje kundondera ko muri mu magorwa!”
8 Gilead's elders replied, "That's why we've returned to you now: come fight the Ammonites with us, and you will be our head over all who live in Gilead." Abatware b’i Gileyadi baramubwira bati: “Ni wewe duhanze amaso! Niwaturongora muri iyi ntambara, tukagwanya Abamoni tukabatsinda, tuzokugira uwutwara ababa i Gileyadi bose.”
9 Jephthah told Gilead's elders, "If you bring me back to fight the Ammonites and our Father gives them to me, I'll be your head." Yefuta arabishura ati: “Hinge twumvikane neza. Hamwe nje kugwanya Abamoni, hanyuma Uhoraho akabarekurira mu maboko yanje, muremera neza ko nzoca mba umutware wanyu?”
10 Gilead's elders told Jephthah, "Our Father is witness between us if we don't do just as you say." Ba batware bamwishura bati: “Uhoraho ni we cabona cacu. Turemeye ko tuzobikora uko nyene ubivuze.”
11 Jephthah went with Gilead's elders, and the people made him their head and commander. He spoke all his words before our Father at Mizpah. Nuko Yefuta ajana n’abo batware b’i Gileyadi, bamugira umugabisha w’ingabo zose. Ageze i Misipa imbere y’Uhoraho Yefuta asubiramwo ya majambo yose yavugana n’abatware.
12 Then Jephthah sent messengers to the Ammonite king: "What is between us, that you came to fight against my land?" Yefuta arungikira intuma umwami w’Abamoni, amubaza ati: “Mbega uturonderako iki ko uteye igihugu cacu?”
13 The Ammonite king told Jephthah's messengers, "Since Israel took my land from Arnon to Jabbok and the Jordan when they came from Egypt, now return it peacefully." Umwami w’Abamoni na we yishura intumwa ya Yefuta ati: “Igihe Isirayeli yaduga iva muri Egiputa, banyaze intara yanje kuva ku ruzi Arunoni gushika kuri Yaboki, ukabandanya no gushika kuri Yorodani. None rero nimuhansubize mu mahoro n’umutekano.”
14 Jephthah again sent messengers to the king of the Ammonites, Yefuta asubira kurungika intumwa ku mwami w’Abamoni
15 and told him, "Jephthah says: Israel took no land from Moab or Ammon. avuga ati: “Uku ni ko Yefuta avuze: Isirayeli ntiyanyaze intara ya Mowabu canke y’Abamoni.
16 When Israel came up from Egypt, they crossed the wilderness to the Red Sea and reached Kadesh. Ariko igihe bava muri Egiputa, Abisirayeli baciye mu bugaragwa baja ku Kiyaga Gitukura barabandanya bashika i Kadeshi.
17 Israel sent messengers to Edom's king: "Please let us pass through your land," but he wouldn't listen. They also sent to Moab's king, but he refused. So Israel stayed at Kadesh. Hanyuma barungikira intumwa umwami wa Edomu bamubwira bati: ‘Twemerere duce mu gihugu cawe.’ Ariko umwami wa Edomu ntiyatwemerera. Bongera barungika intumwa ku mwami wa Mowabu, na we nyene aranka. Abisirayeli baca baguma i Kadeshi.
18 They went through the wilderness, around Edom and Moab, arriving east of Moab. They camped across the Arnon without entering Moab's territory, since the Arnon marked its border. Bavuye aho baciye baca mu bugaragwa, bazunguruka intara za Edomu na Mowabu, baca baja mu buseruko bw’igihugu ca Mowabu, bashinga amahema yabo i ruhande y’uruzi Arunoni. Ntibigeze binjira mu ntara ya Mowabu kuko Arunoni ni rwo rwari urubibe rwaho.
19 Then Israel sent messengers to Sihon king of the Amorites, king of Heshbon: "Let us cross your land to reach our place." Nuko Abisirayeli barungika intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, zimubwira ziti: ‘Twemerere duce mu guhugu cawe kugira ngo dushike mu gihugu cacu.’
20 But Sihon would not trust Israel to pass through his territory; he gathered all his people, camped at Jahaz, and fought against Israel. Ariko Sihoni ntiyizera ivyo Abisirayeli bavuze, ababuza guca mu guhugu ciwe. Aca akoranya ingabo ziwe zose zija i Yahiza kugwanya Abisirayeli.
21 Then our Father, the God of Israel, gave Sihon and all his people into Israel's hand; they defeated them and took all the Amorite land there. Maze Uhoraho Imana ya Isirayeli arekurira Sihoni n’ingabo ziwe mu maboko y’Abisirayeli, barabanesha. Abisirayeli baca bafata intara yose y’Abamori baba muri ico gihugu,
22 They took all Amorite land, from Arnon to Jabbok, and from the wilderness to the Jordan. bagifata bahereye kuri Arunoni gushika kuri Yaboki, no kuva mu bugaragwa gushika kuri Yorodani.
23 Now our Father, Israel's God, drove out the Amorites before his people Israel—should you possess it? Urabona rero ko ari Uhoraho Imana ya Isirayeli yafashe iyo ntara y’Abamori iyiha Isirayeli. None ni iki cotuma tuyibasubiza?
24 Won't you possess what Chemosh your god gives you? So we'll possess all our Father has driven out before us. Mbega mweho ntimugumya ico Kemoshi imana yanyu yabahaye? Natwe ico Uhoraho Imana yacu yaduhaye cose turakigumya.
25 Are you better than Balak son of Zippor, Moab's king? Did he ever contend with Israel or fight them? Mbega usumba Balaki mwene Zipori, umwami w’i Mowabu? Yarigeze atongana n’Abisirayeli canke ngo abagwanye?
26 For 300 years Israel lived in Heshbon and its villages, Aroer and its villages, and all towns along the Arnon. Why didn't you recover them then? Haheze imyaka amajana atatu Abisirayeli baba i Heshiboni, muri Aroweri no mu micungararo yaho, hamwe no mu bisagara biri ku nkengera ya Arunoni. None ubu ni ho uje kubibohoza?
27 I haven't wronged you, but you wrong me by warring against me. May our Father, the Judge, judge today between Israel's sons and Ammon's sons." Nta kibi nabakoreye, ariko ni wewe ugize nabi kuza kuntera. Uhoraho we mucamanza, abe ari we acira urubanza Abisirayeli n’Abamoni.”
28 But the king of the Ammonites paid no attention to the message Jephthah sent him. Ariko umwami wa Amoni ntiyitaho ubwo butumwa Yefuta yamurungikiye.
29 Then the Spirit of our Father came on Jephthah. He passed through Gilead and Manasseh, passed through Mizpah of Gilead, and from Mizpah of Gilead he advanced against the Ammonites. Ico gihe Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Yefuta, ajabuka Gileyadi na Manase, aca i Misipehi h’i Gileyadi, avuye aho aca ayobora abasoda baja gutera Abamoni.
30 And Jephthah made a vow to our Father: "If you give the Ammonites into my hand, Yefuta asezeranira Uhoraho ati: “Niwampa intsinzi ku Bamoni,
31 whatever comes out my house's doors to meet me returning safely from the Ammonites will be our Father's, and I'll offer it as a burnt offering." ikija gusohoka kunsanganira ntahanye intsinzi ku Bamoni kizoba ari ic’Uhoraho, nza kugishikana nk’ishikanwa rituriwe.”
32 Jephthah crossed to the Ammonites to fight them, and our Father gave them into his hand. Nuko Yefuta aja kugwanya Abamoni, Uhoraho amuha intsinzi kuri bo.
33 He defeated them from Aroer to near Minnith—twenty cities—and to Abel-keramim, a very great defeat. Ammon was subdued before Israel. Asambura ibisagara mirongo ibiri kuva Aroweri gushika mu bisagara vya Miniti no muri Abeli-Keramimu. Maze Abisirayeli banesha Abamoni.
34 Jephthah came home to Mizpah; his daughter came out to meet him with tambourines and dancing—his only child, he had no other son or daughter. Yefuta agarutse i muhira i Misipa, ntihagira uwundi aza kumusanganira atari umukobwa wiwe, aza atambatamba ku gashako k’ingoma. Ni we mwana yari afise wenyene; nta wundi muhungu canke umukobwa yari afise.
35 When he saw her, he tore his clothes and said, "Oh, my daughter, you've brought me low—you have become my trouble. I opened my mouth to our Father; I can't take it back." Amubonye yitaburirako impuzu, asemerera ati: “Ewe mwana wanje urakankoreye! Urankwegeye amahano! Kuko nasezeraniye Uhoraho kandi sinisubirako.”
36 She said, "My father, you vowed to our Father—do to me as you promised, since our Father avenged you on your enemies, the Ammonites." Na we amwishura ati: “Data, nimba hari ico wasezeraniye Uhoraho, ngira uko wasezeranye kuko Uhoraho aguhaye intsinzi nini ku bansi bawe, ari bo Bamoni.
37 She said to her father, "Let this one thing be done for me: grant me two months to go down to the hills, weeping for my virginity, I and my companions." Ariko unyemerere iki kimwe gusa: umpe amezi abiri, nduge mu mitumba nje kurirana n’abagenzi banje kuko nzopfa ntarongowe.”
38 "Go," he said, and sent her away two months. She and her friends went and wept over her virginity on the hills. Yefuta aramubwira ati: “Nugende.” Aramureka aragenda amarayo amezi abiri. We na bagenzi biwe baduga mu mitumba bararira kuko azopfa atarongowe.
39 After two months she returned to her father, who fulfilled his vow on her. She had not known a man; a custom began in Israel, Amezi abiri aheze, aca agaruka kwa se, na we amugira nk’uko yari yarasezeranye. Yapfuye ari inkumi. Vyahavuye biba umugenzo mu Bisirayeli
40 that each year Israel's daughters went out to commemorate Jephthah the Gileadite's daughter, four days a year. igihe cose uko umwaka utashe, inkumi z’Abisirayeli zarava mu gisagara zikamara imisi ine zibuka umukobwa wa Yefuta, Umunyagileyadi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]