Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The men of Ephraim gathered and crossed to Zaphon. They said to Jephthah, "Why did you cross to fight the Ammonites without calling us to go with you? We'll burn your house down over you!" Abantu bo mu muryango wa Efurayimu bakoranya ingabo zabo, bajabuka Yorodani baja i Zafoni, babarira Yefuta bati: “Ni kubera iki wagiye kugwanya Abamoni utaduhamagaye ngo tujane? Tugira tuguturirane n’inzu yawe.”
2 Jephthah told them, "My people and I had a bitter dispute with the Ammonites; I called you, but you didn't rescue me from them. Yefuta arishura ati: “Jewe n’abantu banje twari mu ngorane zikomeye n’Abamoni, kandi igihe nabahamagara, ntimwigeze muza kuntabara mu maboko yabo.
3 When I saw you wouldn't save me, I took my life in my hand and crossed over against the Ammonites, and our Father gave them into my hand. Why have you come up to me today to fight me?" Mbonye mutaje kuntabara naciye nibako nja kubagwanya tutari kumwe, kandi Uhoraho yampaye intsinzi ku Bamoni. None ubu ni igiki gitumye muza kungwanya?”
4 So Jephthah gathered all Gilead's men and fought Ephraim. Gilead struck Ephraim down, because the Ephraimites had said, "You Gileadites are fugitives of Ephraim, among Ephraim, among Manasseh." Yefuta aca akoranya abantu b’i Gileyadi kugira ngo bagwanye aba Efurayimu. Abanyagileyadi barabatera, barabanesha, barabica kuko aba Efurayimu bari bavuze bati: “Mwebwe Abanyagileyadi muri abahunze bava mu turere twa Efurayimu na Manase.”
5 Gilead captured the Jordan fords against Ephraim. When an Ephraimite fugitive said, "Let me cross," the Gilead men asked, "Are you an Ephraimite?" If he said, "No," Abanyagileyadi bafata ivyambu vyo kuri Yorodani bija muri Efurayimu. Uwucitse kw’icumu mu bo kwa Efurayimu avuze ati: “Nimundeke ndengane,” Abanyagileyadi bakamubaza bati: “Uri uwo mu Befurayimu?” Akishura ati: “Oya,”
6 they said, "Say 'Shibboleth.'" He said "Sibboleth," unable to pronounce it right. So they seized him and killed him at the Jordan fords. At that time 42,000 Ephraimites fell. baca bamubwira bati: “Subiramwo uti ‘Shiboleti.’ ” Ari Umwefurayimu yaca avuga ati: “Siboleti,” kuko Abefurayimu batashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira kw’ijabukiro rya Yorodani. Ico gihe hishwe abantu bangana n’ibihumbi mirongo ine na bibiri vy’Abefurayimu.
7 Jephthah judged Israel six years. Then Jephthah the Gileadite died, buried in a town of Gilead. Yefuta aca amara imyaka itandatu arongora Abisirayeli. Maze Yefuta Umunyagileyadi apfuye, ahambwa mu gisagara ca Gileyadi.
8 After him, Ibzan of Bethlehem judged Israel. Inyuma ya Yefuta haza Ibuzani w’i Betelehemu, arongora Abisirayeli.
9 He had thirty sons and thirty daughters. He sent his thirty daughters outside the clan to marry, and brought thirty daughters from outside for his sons. He judged Israel seven years. Yari afise abahungu mirongo itatu n’abakobwa mirongo itatu nyene. Abakobwa biwe barongowe mu yindi miryango, maze na we azana abandi bakobwa mirongo itatu bavuye mu yindi miryango, barongorwa n’abahungu biwe. Ibuzani arongora Abisirayeli imyaka indwi.
10 Then Ibzan died and was buried in Bethlehem. Hanyuma arapfa, ahambwa i Betelehemu.
11 After him, Elon the Zebulunite judged Israel; he judged Israel ten years. Inyuma yiwe haje Eloni yava mu muryango wa Zebuloni, arongora Abisirayeli imyaka icumi.
12 Then Elon the Zebulunite died and was buried at Aijalon in the land of Zebulun. Hanyuma arapfa, ahambwa muri Ayijaloni mu ntara ya Zebuloni.
13 After him, Abdon son of Hillel, from Pirathon, judged Israel. Eloni amaze gupfa, haje Abudoni mwene Hileli, yava i Piratoni, arongora Abisirayeli.
14 He had forty sons and thirty grandsons, who rode on seventy donkeys. He judged Israel eight years. Yari afise abahungu mirongo ine, n’abuzukuru b’abahungu mirongo itatu, bari bafise indogoba mirongo indwi bagenderako. Yarongoye Abisirayeli imyaka umunani.
15 Abdon son of Hillel the Pirathonite died and was buried at Pirathon in Ephraim's land, in the Amalekite hill country. Apfuye, yahambwe i Piratoni mu ntara ya Efurayimu, mu misozi y’Abamaleki.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]