Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the men of Ephraim said, "Why treat us like this—not calling us when you went to fight Midian?" And they quarreled with him sharply. Abo mu muryango wa Efurayimu babaza Gidiyoni bati: “Mbega ni iki watugaye catumye udufata uko? Ni kubera iki utaduhamagaye ngo tujane igihe waja gutera Abamidiyani?” Baramwidodombera cane.
2 But he said to them, "What have I done now compared to you? Isn't Ephraim's gleaning better than Abiezer's grape harvest? Ariko arabishura ati: “Mbega jewe maze iki mungereranije na mwebwe? Mbega imizabibu mwebwe Abefurayimu musiga yo guhumba ntisumba umwimbu wose w’Abiyezeri?
3 Our Father handed Midian's princes, Oreb and Zeeb, to you. What could I do compared to you?" At these words their anger against him faded. Imana yarekuriye Orebu na Zeyebu, abarongozi b’Abamidiyani, mu maboko yanyu. Jewe ni igiki nakoze gihwanye n’ico mwakoze?” Ababwiye ivyo, imyidodombo yabo ica iragabanuka.
4 Gideon reached the Jordan and crossed, he and his 300 men, exhausted but still pursuing. Gidiyoni na bamwe amajana atatu bari kumwe bararuha, ariko baguma bakurikira umwansi wabo, bashika kuri Yorodani bararujabuka.
5 He said to the men of Succoth, "Please give bread to my troops; they are worn out, and I am chasing Zebah and Zalmunna, the kings of Midian." Gidiyoni abarira abantu b’i Sukoti ati: “Ndabasavye mumpere abasoda ivyokurya kuko bararushe. Ndiko nkurikira Zeba na Zalimuna, abami b’Abamidiyani.”
6 But the officials of Succoth said, "Do you already hold Zebah and Zalmunna, that we should give bread to your army?" Ariko abatware b’i Sukoti bamwishura bati: “Mbega aho tubaha ivyokurya, Zalimuna na Zeba mwabafashe? Abasoda bawe tubahera indya iki batarabafata?”
7 So Gideon said, "When our Father hands Zebah and Zalmunna to me, I'll thresh your flesh with wilderness thorns and thornbushes." Gidiyoni arabishura ati: “Ko munyishuye uko, Uhoraho niyamara kurekurira Zeba na Zalimuna mu maboko yanje, mwebwe nzobahindukirira imibiri yanyu ndayishishaguze amahwa yo mw’ishamba n’imibambangwe.”
8 From there he went up to Penuel and spoke to them the same, and Penuel's men answered him as Succoth's men had. Bavuye aho baca baduga i Peniyeli, basaba ivyokurya gutyo nyene, ariko abantu baho babishura nk’ab’i Sukoti.
9 So he said to the men of Penuel too, "When I return safely, I will tear down this tower." Gidiyoni aca abwira abantu b’i Peniyeli ati: “Ninagaruka nzanye intsinzi nzosambura uwu munara.”
10 Zebah and Zalmunna were in Karkor with their armies—about 15,000, all who remained of the entire army of the eastern peoples; 120,000 swordsmen had fallen. Zeba na Zalimuna bari i Karukori bari kumwe n’abasoda ibihumbi cumi na bitanu. Abo ni bo bari basigaye muri abo basoda bo mu buseruko bose bari bagiye hamwe, kuko abandi ibihumbi ijana na mirongo ibiri bari bamaze kugwa ku rugamba.
11 Gideon went up the tent dwellers' route east of Nobah and Jogbehah and attacked the army while the army felt secure. Nuko Gidiyoni afata ibarabara ryo mu buseruko bwa Noba na Yogibeha, ahasanga izo ngabo arazitera giturumbuka.
12 Zebah and Zalmunna fled; he chased them, captured the two Midian kings, Zebah and Zalmunna, and panicked the whole army. Zeba na Zalimuna, abami babiri b’Abamidiyani, barahunga, ariko aboma inyuma, arabafata, afata n’abasoda babo bose.
13 Then Gideon son of Joash returned from the battle by the Pass of Heres. Gidiyoni mwene Yowashi aragaruka avuye ku rugamba, aca mu nzira ya Heresi.
14 He caught a young man of Succoth and questioned him; the man wrote down for him the names of Succoth's officials and elders—seventy-seven men. Afata umusore ava i Sukoti, uwo musore amwandikira amazina y’abatware mirongo indwi ba Sukoti, ari bo bakuru b’ico gisagara.
15 He came to the men of Succoth and said, "Here are Zebah and Zalmunna, about whom you mocked me: 'Are Zebah and Zalmunna's hands already in your grasp, that we should give bread to your tired men?'" Maze Gidiyoni abwira abantu b’i Sukoti ati: “Ngaba Zeba na Zalimuna, abo mwanshinyaguriza, muvuga muti: ‘Mbega Zeba na Zalimuna mwabafashe? Ni kubera iki twoha ivyokurya abantu bawe barushe?’ ”
16 He took the city's elders and, with desert thorns and thornbushes, taught the men of Succoth a lesson. Gidiyoni aca afata ba batware b’igisagara, arabahana, abashishaguza amahwa yo mw’ishamba n’imibambangwe.
17 He also tore down the tower of Penuel and killed the men of the city. Yongera asenyura umunara w’i Peniyeli, yica n’abatware b’ico gisagara.
18 He asked Zebah and Zalmunna, "What were the men you killed at Tabor like?" They said, "Like you—each resembling a king's son." Aca abaza Zeba na Zalimuna ati: “Abantu mwishe i Tabori bari bameze gute?” Na bo barishura bati: “Bari abantu bameze nk’uko kwanyu, basa n’abana b’abami.”
19 He said, "They were my brothers, my own mother's sons. As our Father lives, had you spared them, I would not kill you." Gidiyoni ababwira ati: “Barya bari abavukanyi banje, abahungu bavuka kuri mama. Ndabarahiye Uhoraho, iyo muba mutabishe, nanje sinari kubica.”
20 He said to Jether, his firstborn, "Get up, kill them!" But the boy did not draw his sword; he was afraid, still only a boy. Aca ahindukirira Yeteri umuhungu wiwe w’imfura, amubwira ati: “Bice!” Ariko Yeteri aratinya gufata inkota yiwe kuko yari akiri muto, ahinda agashitsi.
21 Zebah and Zalmunna said, "Get up yourself and strike us down, for as the man is, so is his strength." So Gideon arose and killed Zebah and Zalmunna, and took the crescent ornaments on their camels' necks. Zeba na Zalimuna bavuga babwira Gidiyoni bati: “Twiyicire wewe nyene, ibigumye bikora abagabo.” Nuko Gidiyoni ava hasi arabica, aca yambura ingamiya zabo ibitako vy’inyambarabami ku mazosi yazo.
22 Then the men of Israel said to Gideon, "Rule over us—you, your son, and your grandson—for you saved us from Midian's hand." Inyuma y’ivyo, Abisirayeli babwira Gidiyoni bati: “Nabe ari wewe udutwara! Abana bawe n’abuzukuru bawe bazobe abatware bacu kuko wadukuye mu maboko y’Abamidiyani.”
23 Gideon told them, "I will not rule over you, nor will my son; our Father will rule over you." Ariko Gidiyoni ababwira ati: “Sinzobatwara kandi n’abana banje ntibazobatwara. Uhoraho ni we azoguma abatwara.”
24 Gideon said to them, "I have one request: each of you give me an earring from his plunder." (The enemy had gold earrings, because they were Ishmaelites.). Yongera ababwira ati: “Ndafise ikintu kimwe ndabasaba: umwe wese muri mwebwe ampe ihereni rimwe ku yo mwanyaze.” (Wari umugenzo mu bo kwa Ishimayeli kwambara amahereni y’inzahabu.)
25 They said, "We'll gladly give them." They spread out a cloak, and each man threw on it an earring from his plunder. Baramwishura bati: “Turemeye kuriguha ata kagobero.” Nuko basanza umutamana hasi, umuntu wese atererako ihereni rimwe mu yo yanyaze.
26 The gold earrings he requested weighed about forty-two and a half pounds of gold, apart from the crescent ornaments, pendants, and purple garments worn by Midian's kings, and the chains on their camels' necks. Amahereni y’inzahabu yaronse yapima shekeli igihumbi n’amajana indwi, ukuyemwo ibisharizo vy’inyambarabami vy’ingamiya, utugenegene two kwambara tw’inzahabu, n’impuzu z’agahama zambarwa n’abami b’Abamidiyani.
27 Gideon made an ephod from it and set it up in his city, Ophrah, and all Israel prostituted themselves to it there, becoming a snare to Gideon and his household. Izo nzahabu Gidiyoni azikoramwo efodi ayishira muri Ofura, mu gisagara ciwe. Ariko ubwo nyene Abisirayeli baca bakora ubusambanyi mu kuyisenga, ivyo bica biba umutego kuri Gidiyoni n’umuryango wiwe.
28 So Midian was subdued before the Israelites and lifted its head no more. The land had peace forty years in Gideon's days. Uko ni ko Abisirayeli banesheje Abamidiyani, barabaganza, ntibapfa basubiriye kubiganzura. Mu yindi myaka mirongo ine Gidiyoni yabayeho, Isirayeli yari mu mahoro.
29 Then Jerubbaal son of Joash went and lived in his own house. Yerubayali mwene Yowashi aca asubira i muhira iwe.
30 Now Gideon had seventy sons, his own offspring, for he had many wives. Yari afise abahungu mirongo indwi yivyariye, kuko yari afise abagore benshi.
31 His concubine who was in Shechem also bore him a son, and he named him Abimelech. Umugore wiwe yaba i Shekemu na we nyene yamuvyayeko umwana w’umuhungu, amwita Abimeleki.
32 Gideon son of Joash died at a good old age, buried in his father Joash's tomb at Ophrah of the Abiezrites. Gidiyoni mwene Yowashi apfa ashaje cane, bamuhamba hamwe na se Yowashi muri Ofura, mu muryango w’Abiyezeri.
33 When Gideon died, the Israelites again prostituted themselves to the Baals and made Baal-berith their god. Gidiyoni agipfa, Abisirayeli baciye basubira gusambana mu gusenga za Bayali, bahagarika Bayali-Beriti nk’imana yabo,
34 The people of Israel did not remember our Father, who rescued them from all their enemies around them. bibagira Uhoraho Imana yabo yabarokoye mu maboko y’abansi bari babakikuje.
35 Nor did they show kindness to the household of Jerubbaal (Gideon) for all the good he had done for Israel. Kandi ikigeretseko, ntibigeze bafata neza umuryango wa Yerubayali ari we Gidiyoni ku bw’ivyiza vyose yabakoreye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]