Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jerubbaal (Gideon) and all his people rose early, camping at Harod's spring; Midian's camp lay north of them, at Moreh's hill in the valley. Bukeye mu gatondo ka kare, Yerubayali ari we Gidiyoni hamwe n’abasoda biwe bose bashinga amahema kw’iriba ry’i Harodi. Ikambi y’Abamidiyani yari ruguru yabo mu kiyaya kiri hafi y’umusozi More.
2 Our Father told Gideon, "You have too many people for me to hand Midian to them, or Israel will brag against me, 'My hand saved me.' Uhoraho abarira Gidiyoni ati: “Ufise abasoda benshi cane. Hamwe nobareka bose ngo baje kugwanya Abamidiyani, Abisirayeli bohava bishira hejuru, bakavuga ko inkomezi zabo ari zo zabahaye intsinzi.
3 Now announce to the people: 'Whoever is afraid and trembling, turn back and leave Mount Gilead.'" 22,000 turned back; 10,000 remained. None rero, barira abantu bose uti: ‘Uwumva afise ubwoba wese nave kuri uno musozi atahe iwe.’ ” Abantu ibihumbi mirongo ibiri na bibiri baca basubira inyuma, hasigara ibihumbi cumi gusa.
4 Our Father told Gideon, "The people are still too many. Take them down to the water; I will sift them for you there. Whoever I say goes with you will go; whoever I say won't go with you won't go." Ariko Uhoraho abarira Gidiyoni ati: “N’ubu baracari benshi. Bamanukane ku mazi, ndaza kubisuzumira, ndakwereke abo mujana ku rugamba n’abo mutajana.”
5 He brought the people down to the water, and our Father told Gideon, "Separate everyone who laps water with his tongue like a dog; do the same for everyone who kneels to drink." Nuko Gidiyoni amanukana ba bantu bose ku mazi. Uhoraho amubwirira kuri ayo mazi ati: “Uraraba utandukanye abantu mu mice ibiri. Abayora amazi bakayanywesha ururimi ku mashi nka kurya kw’imbwa, baje mu mugwi umwe, abapfukama bakayanywesha umunwa na bo baje mu wundi mugwi.”
6 300 men lapped, hand to mouth; all the rest knelt to drink water. Abantu amajana atatu ni bo bayayoje iminwe, abandi na bo barapfukama mu kunywa.
7 Our Father told Gideon, "With the 300 men who lapped I'll save you and give Midian into your hand. Send everyone else home, each to his place." Uhoraho abarira Gidiyoni ati: “Nzobarokora nongere ndabahe intsinzi ku Bamidiyani nkoresheje abo amajana atatu bayoje amazi iminwe. Abandi barungike basubire mu mihana iwabo.”
8 The people took provisions and trumpets; Gideon sent the rest of Israel home, each to his tent, keeping the 300. Midian's camp lay below him in the valley. Gidiyoni aca arungika Abisirayeli basubira iwabo, asigarana abo amajana atatu, ariko basigarana impamba n’inzamba vy’abo basubiye inyuma. Ico gihe ikambi y’Abamidiyani yari mu kiyaya hepfo y’aho Gidiyoni yari ari.
9 That night our Father told him, "Up, go down to the camp, for I've given it into your hand. Muri iryo joro, Uhoraho abarira Gidiyoni ati: “Haguruka ugende utere ikambi y’Abamidiyani, kuko nabarekuriye mu maboko yawe.
10 But if you are afraid to go down, go down to the camp with Purah your servant, Ariko nimba wumva ufise ubwoba, hitana umukozi wawe Pura, muje kw’ikambi y’Abamidiyani.
11 "Hear what they say, then your hands will be strengthened, and you will go down into the camp." He went down with his servant Purah to the edge of the camp's armed troops. Nimwumva ivyo bavuga, birabatera intege mubatere.” Nuko Gidiyoni ahitana Pura, baramanuka baja ku mpande z’ikambi y’Abamidiyani.
12 Midianites, Amalekites, and all the eastern peoples lay in the valley like locusts; their camels were as countless as sand on the shore. Abamidiyani, Abamaleki, n’abandi bose bari bavuye mu buseruko, bakoranira mu kiyaya bangana n’igitero c’inzige, ingamiya zabo zangana n’umusenyi wo ku kiyaga, ata woziharura.
13 When Gideon arrived, a man was telling his companion a dream. He said, "Listen, I had a dream: a round loaf of barley bread came tumbling into Midian's camp, struck the tent, and it fell—flipped upside down and flattened." Gidiyoni ahashitse aca yumva umuntu ariko yiganira mugenziwe indoto yagize, avuga ati: “Naronse mbona irobe ry’umutsima ritembagarira mw’ikambi y’Abamidiyani, ryikubita kw’ihema, ihema riratemba, rigwa ryubamye, rica rirasambuka.”
14 His companion answered, "This is only the sword of Gideon son of Joash, an Israelite. God gave Midian and the whole camp into his hand." Wa mugenzi wiwe aca amwishura ati: “Ivyo si ibindi, ni inkota ya Gidiyoni mwene Yowashi, Umwisirayeli. Imana yarekuriye Abamidiyani hamwe n’ikambi yose mu maboko yiwe.”
15 Gideon heard the dream and its meaning, worshiped, returned to Israel's camp, and said, "Get up, for our Father has given Midian's camp into your hands." Gidiyoni yumvise iyo ndoto n’ukuntu bayisiguye, ahimbaza Imana. Aca asubira mw’ikambi y’Abisirayeli, asemerera avuga ati: “Haguruka tugende, kuko Uhoraho aduhaye intsinzi ku Bamidiyani.”
16 He split the 300 men into three companies, each with a trumpet, an empty jar, and a torch inside. Aca agabura abo bantu amajana atatu mu migwi itatu, umuntu wese amuha inzamba n’akabindi karimwo ikimuri.
17 He told them, "Watch me; do as I do. When I reach the camp's edge, do as I do." Ababwira ati: “Muje kuguma muraba ivyo nkora vyose. Nitwashika ku mahema ya mbere, ivyo nja gukora namwe abe ari vyo mukora.
18 When I and all with me blow trumpets, blow yours around the whole camp, and shout: "For our Father and for Gideon!" Jewe n’abo turi kumwe nitwavuza inzamba abakikuje ikambi mwese muce muvuza izanyu, musemerere muti: ‘Ku bw’Uhoraho no ku bwa Gidiyoni.’ ”
19 Gideon and his one hundred men reached the camp's edge as the middle watch began, just after the guards changed. They blew trumpets and smashed the jars in their hands. Gidiyoni na bamwe ijana bari kumwe na we bashika ku nsago za mbere, umuteramyi wa mbere ari ho agiheza, bavyuye uwa kabiri. Baca bavuza inzamba, bamenagura na twa tubindi bari bafise mu minwe.
20 The three companies blew their trumpets and smashed jars, torches in their left hands, trumpets in their right ready to blow, shouting, "A sword for our Father and for Gideon!" Ya migwi itatu yose ica ivuza inzamba, imenagura na twa tubindi. Bafata vya bimuri mu kubamfu, mu kuryo na ho bafata za nzamba, bose barasemerera bati: “Fata inkota ku bw’Uhoraho na Gidiyoni!”
21 Each man stayed in place around the camp while the whole army ran, shouted, and fled. Umuntu wese yagumye ahagaze aho yari ari bakikuje ikambi, Abamidiyani bose bahunga bakoma induru.
22 When the 300 trumpets sounded, our Father set each man's sword against his companion throughout the camp. The camp fled to Beth-shittah, toward Zererah, to Abel-meholah's border near Tabbath. Bamwe amajana atatu bavugije inzamba, Uhoraho aca atuma abari muri iryo kambi bahindukiriranira, bamaranisha inkota zabo. Abacitse kw’icumu bahungira i Beti-Shita ahaherereye i Zerera, bashika ku rubibe rwa Abeli-Mehola hafi ya Tabati.
23 Israelites from Naphtali, Asher, and all Manasseh were called out, and they pursued Midian. Gidiyoni aca atumako abo mu miryango ya Nafutali, Asheri, hamwe n’Abamanase bose, bakurikira Abamidiyani.
24 Gideon sent messengers through Ephraim's hill country: "Come down against Midian—seize the waters ahead of them, as far as Beth-barah and the Jordan." So all Ephraim's men gathered and seized the waters as far as Beth-barah and the Jordan. Gidiyoni atumako n’abo mu karere k’imisozi ya Efurayimu ababwira ati: “Nimumanuke tugwanye Abamidiyani. Mubatangirire kuri Yorodani ku majabukiro y’i Beti-Bara.” Nuko Abefurayimu babikora nk’uko babwiwe.
25 They captured Midian's two princes, Oreb and Zeeb. They killed Oreb at Oreb's rock and Zeeb at Zeeb's winepress. Then they pursued Midian and brought Oreb's and Zeeb's heads to Gideon across the Jordan. Bafata abarongozi babiri b’Abamidiyani, Orebu na Zeyebu. Bicira Orebu ku gitandara ca Orebu, Zeyebu na we bamwicira kw’ibuye rya Zeyebu. Bakurikira Abamidiyani, bazanira Gidiyoni n’imitwe ya Orebu na Zeyebu aho yari ari kuri Yorodani.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]