Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days Israel had no king. The tribe of Dan was seeking territory to settle in, for until then no inheritance had fallen to them among the tribes of Israel. Muri ico gihe Abisirayeli nta mwami bari bafise. Kandi muri ico gihe nyene, umuryango wa Dani wari ukiriko urironderera aho kuba, kuko batari bwaronke iragi ryabo mu miryango ya Isirayeli.
2 The Danites sent five brave men from their clan, from Zorah and Eshtaol, to scout and explore the land. They told them, "Go, explore the land." They reached the hill country of Ephraim, to Micah's house, and stayed the night there. Nuko abo mu muryango wa Dani barungika abasoda batanu bava i Zora baja muri Eshitayoli gutata iyo ntara no kuyigenzura. Abo bantu baserukira umuryango wose wa Dani. Barababwira bati: “Genda mugenzure iyo ntara.” Ba bantu binjira mu karere k’imisozi ya Efurayimu, bashika ku nzu kwa Mika, bararaho.
3 Near Micah's house they recognized the young Levite's voice, so they turned in there and said to him, "Who brought you here? What are you doing in this place? What do you have here?" Begereje inzu ya Mika, bumvise ijwi rya wa muhungu w’Umulewi baramumenya. Baca binjirayo baramubaza bati: “Ni nde yakuzanye ino? Ukora iki aha hantu? Ni kubera iki uri ngaha?”
4 He told them, "Micah did such and such for me; he hired me, and I became his priest." Aca ababwira ivyo Mika yamukoreye ati: “Mika yampaye akazi ko kumubera umuherezi.”
5 They said to him, "Please ask our Father, so we'll know whether the journey we're taking will succeed." Baca bamubwira bati: “Turakwinginze utubarize Imana ko urugendo rwacu ruzogenda neza.”
6 The priest told them, "Go in peace. Your journey is under the watch of our Father." Wa muherezi arabishura ati: “Nimugende amahoro, Uhoraho azobana namwe mu rugendo rwanyu.”
7 So the five men went to Laish and saw its people living safely, like the Sidonians—quiet and secure—lacking nothing in the land and possessing wealth. They were far from the Sidonians and had no dealings with anyone. Ba bantu baca baragenda bashika i Layishi, aho hantu basanga abantu baho bibereye mu mahoro nk’Abanyesidoni, ata co binona, batekaniwe. Kandi kubera ko intara yabo ata co yari ikenye, bari bateye imbere. Baba kure cane y’Abanyesidoni, kandi nta migenderanire bari bafitaniye n’abandi bantu na bamwe.
8 When they returned to their relatives at Zorah and Eshtaol, they were asked, "What did you find?" Basubiye i Zora n’i Eshitayoli, benewabo barababaza bati: “Mwasanze ibintu vyifashe gute?”
9 They said, "Get up, let's attack them! We've seen the land—it's very good. Will you do nothing? Don't delay to go take the land. Bishura bati: “Nimuze tugende tubatere! Twabonye ko intara yabo ari nziza cane. Mbega murindiriye iki? Ntimwijijanye imitima, ingo tugende kuhafata.
10 When you arrive, you'll reach an unsuspecting people in a spacious land. Our Father has handed it to you—a place lacking nothing on earth." Nitwashikayo, muzohasanga abantu ata co binona, hamwe n’intara nini cane Imana yarekuriye mu maboko yanyu, intara ata kintu na kimwe ikenye.”
11 600 men of the Danite clan, armed with weapons of war, set out from Zorah and Eshtaol. Nuko abasoda amajana atandatu bo mu muryango wa Dani biteguriye intambara, bava i Zora n’i Eshitayoli.
12 They went up and camped at Kiriath-jearim in Judah. That is why it's called Mahaneh-dan to this day; it lies west of Kiriath-jearim. Bari ku rugendo bashinga ikambi yabo ahitwa Kiriyati-Yeyarimu i Buyuda. Ni co gituma aho hantu hiswe Mahanehi Dani gushika n’ubu.
13 From there they crossed to the hill country of Ephraim and reached Micah's house. Bavuye aho baciye baja mu gihugu c’imitumba ca Efurayimu, bashika ku nzu kwa Mika.
14 Then the five men who had scouted the land of Laish said to their relatives, "Do you know these houses hold an ephod, household idols, a carved image, and a cast idol? Now decide what to do." Ba bantu batanu bari bagiye gutata iyo ntara ya Layishi babwira benewabo bati: “Mbe murazi ko muri izi nzu harimwo efodi, ibigirwamana vyo mu nzu, igishushanyo kibajwe hamwe n’ikindi c’igicurano? None tubigenze dute?”
15 So they turned in and came to the young Levite's house, Micah's house, and greeted him. Nuko baca barinjira mu nzu ya wa musore w’Umulewi kwa Mika, baramuramutsa.
16 The 600 armed Danite men stood at the gate's entrance. Ba bantu amajana atandatu bari biteguriye urugamba basigara kw’irembo,
17 The five men who had scouted the land went in and took the carved image, the ephod, the household idols, and the cast idol, while the priest stood at the gate entrance with the 600 armed men. bamwe batanu bari bagiye gutata iyo ntara baba ari bo binjira, batwara ca gishushanyo c’ikibazano, efodi hamwe n’imana z’uwo muryango na ca gishushanyo c’igicurano, kandi wa muherezi na bamwe amajana atandatu bari bahagaze kw’irembo.
18 When these men entered Micah's house and took the carved image, ephod, household idols, and cast idol, the priest asked them, "What are you doing?" Wa muherezi abonye ba bantu binjiye mu kanyabugoro ka Mika bagatora ca gishushanyo, efodi, utugirwamana hamwe n’ikigirwamana gikozwe mu cuma, arababaza ati: “Ivyo mukora ni ibiki?”
19 They said, "Quiet! Put your hand on your mouth, come with us. Be our father and priest. Better for you to be priest to one man's house, or to a tribe and clan in Israel?" Baramwishura bati: “Numa! Ntihagire ijambo na rimwe usubira kuvuga. Ingo ujane natwe utubere umuvyeyi n’umuherezi. Mbega si vyiza ko wobera umuherezi umuryango ukwiye wo mu Bisirayeli gusumba kumubera inzu y’umugabo umwe gusa?”
20 The priest's heart was glad. He took the ephod, household idols, and carved image, and went among the people. Wa muherezi aca aranezerwa, cane. Ahitana efodi n’ibindi bishushanyo vyo mu muryango na ca gishushanyo c’ikibazano, aca ajana n’abo bantu.
21 Then they turned and set out, putting the children, the livestock, and their goods in front of them. Ashira imbere abana batobato, ibitungwa hamwe n’ayandi matungo yabo, barahindukira bafata urugendo.
22 When they had left Micah's house, the men near it were summoned and caught up with the Danites. Bageze kure gatoya yo kwa Mika, ababanyi ba Mika na bo barahamagarana, bakurikira abo mu muryango wa Dani.
23 They shouted to the Danites, who turned and said to Micah, "What's wrong with you, calling out your men?" Bagenda barasemerera inyuma ya bene Dani, na bo barahindukira babwira Mika bati: “Ni ibiki? Ni kubera iki wahamagaye abo bantu ngo baze kutugwanya?”
24 He said, "You took the gods I made and the priest, and left. What do I have left? How can you ask me, 'What's wrong with you?'" Mika arabishura ati: “Mwatwaye imana nakoze, mutwarana n’umuherezi wanje. Hari na kimwe mwansigiye? Ni kubera iki mumbaza muti ‘Ni ibiki?’ ”
25 The Danites told him, "Don't let your voice be heard among us, or angry men will attack you, and you'll lose your life and your household's lives." Bene Dani baramubwira bati: “Ntiwirirwe uraharira rero, ahandi ho abakaza ishavu bari ngaha boraka bakakurandurana n’umuryango wawe.”
26 The Danites went on their way; and when Micah saw they were too strong for him, he turned back home. Nuko bene Dani babandanya urugendo rwabo, Mika abonye ko bakomeye kumusumvya, aca arahindukira asubira i muhira.
27 They took what Micah had made, and his priest, and came to Laish—a quiet, unsuspecting people—struck them with the edge of the sword, and burned the city with fire. Bene Dani baca bafata vya bigirwamana vya Mika hamwe n’umuherezi wiwe, barabandanya baja i Layishi, batera abantu bari bibereye mu mahoro ata co binona. Babaririkisha inkota, bongera baturira ico gisagara.
28 No one could rescue them, for the city lay far from Sidon with no ties to anyone. It sat in the valley that belongs to Beth-rehob. The Danites rebuilt the city and settled there. Nta muntu n’umwe bari bafise wo kubatabara kuko baba kure cane ya Sidoni kandi nta migenderanire bari bafitaniye n’abandi bantu na bamwe. Igisagara cari mu kiyaya hafi y’i Beti-Rehobu. Bene Dani baca basanura ico gisagara baciberamwo.
29 They named the city Dan, after their ancestor Dan, Israel's son; but the city was formerly named Laish. Baca bacita Dani, izina rya sekuruza wabo, yavutse kuri Isirayeli, ariko ico gisagara cari cahoze citwa Layishi.
30 The Danites set up the carved image for themselves. Jonathan, son of Gershom, son of Moses, and his sons were priests to the tribe of the Danites until the day of the land's captivity. Bene Dani baca bashinga vya bigirwamana, Yonatani mwene Gerishomu, Gerishomu mwene Mose, n’abahungu biwe, baba abaherezi b’umuryango wa Dani ibihe vyose gushika igihe batwarwa nk’inyagano.
31 They set up for themselves the carved image Micah had made, the whole time the house of our Father was at Shiloh. Babaho bakoresha ivyo bigirwamana Mika yari yarikoreye mu gihe ihema ry’Imana ryari i Shilo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]