Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days Israel had no king. A Levite in Ephraim's remote hill country took a concubine from Bethlehem in Judah. Muri ico gihe, Abisirayeli nta mwami bari bafise. Hariho Umulewi yaba kure cane mu karere k’imisozi ya Efurayimu. Umusi umwe akura umugore i Betelehemu h’i Buyuda amuzana i muhira nk’umugore wa kabiri.
2 His concubine was unfaithful to him, left him for her father's house in Bethlehem, Judah, and stayed four months. Ariko uwo mugore ntiyemera kugumana na we, asubira iwabo kwa se i Betelehemu.
3 Her husband set out after her, to speak to her heart and bring her back, with his servant and two donkeys. She brought him to her father's house, and the girl's father was glad to meet him. Haciye amezi ane, umugabo wiwe afata ingingo yo kuja kumugarukana. Agenda ajanye umukozi wiwe n’indogoba zibiri. Wa mugore aramwakira, amushikana mu nzu kwa se. Se amubonye amwakirana urweze.
4 His father-in-law, the girl's father, prevailed on him to stay, and he remained with him three days; they ate, drank, and slept there. Sebukwe aramugobera aguma ngaho gato, na we ahamara imisi itatu, asangira na bo, aryama ngaho.
5 On the fourth day they rose early, and he got up to leave. But the girl's father told his son-in-law, "Have a bit of bread, then go." Ku musi ugira kane bazinduka kare, baritegura ngo bagende, ariko sebukwe aramubwira ati: “Banza ufungure hanyuma muheze mugende.”
6 The two sat, ate, drank together. The girl's father said to the man, "Please, stay tonight and let your heart be glad." Nuko bompi baricara, bararya, baranywa. Hanyuma se w’umukobwa amubwira ati: “Ndakwingize usubire urare, unezereze umutima wawe.”
7 The man rose to leave, but his father-in-law urged him, so he stayed the night there again. Wa mugabo asubira kwizindura ngo agende, sebukwe yongera kumugobera, asubira kuharara irindi joro.
8 On the fifth day he rose early to leave; the girl's father said, "Please restore yourself, and wait until afternoon." So the two of them ate. Mu gatondo k’umusi ugira gatanu, azindutse kugira ngo agende, sebukwe aramubwira ati: “Akira imfungurwa ufungure, uraba uragenda n’inyuma y’umutaga.” Nuko bamara uwundi musi.
9 As the man rose to go, with his concubine and servant, his father-in-law, the girl's father, said, "Look, day is nearly gone; stay the night. See, it's ending; lodge here and enjoy yourself. Tomorrow rise early, travel on, and go home." Wa mugabo n’umugore wiwe hamwe n’umukozi wiwe bahagurutse ngo batahe, sebukwe aramubwira ati: “Ehe raba bugira bwire; umusi usa n’uwurangiye, rara iri joro unezereze umutima wawe, hanyuma ejo uzozinduke witahira.”
10 But the man refused to stay the night; he got up, departed, and came opposite Jebus (Jerusalem), with his two saddled donkeys and his concubine. Ariko kuko uwo mugabo atashaka gusubira kuharara irindi joro, aca afata inzira ija i Yebusi ari ho i Yerusalemu, ari kumwe n’umugore wiwe na za ndogoba zibiri ziriko amatandiko yazo.
11 Near Jebus, with daylight nearly gone, the servant said to his master, "Come, please, let's turn into this Jebusite city and spend the night." Begereje i Yebusi, bwari bumaze kwira cane, wa mukozi abwira shebuja ati: “Ingo tuje mu gisagara c’Abayebusi dusabeho indaro.”
12 His master replied, "We won't turn into a foreign city, not Israelite; we'll press on to Gibeah." Shebuja aramubwira ati: “Oya ntibishoboka. Ntitwinjira mu gisagara c’abanyamahanga, kitabamwo Abisirayeli. Turabandanya dushike i Gibeya.
13 He told his servant, "Come, let's reach one of these places and lodge in Gibeah or Ramah." Reka tubandanye turabe ko twoshika i Gibeya canke i Rama, turaza gusaba indaro muri ivyo bisagara.”
14 So they went on their way, and the sun set on them near Gibeah in Benjamin. Nuko barabandanya, izuba rirenga begereje i Gibeya mu ntara ya Benyamini.
15 They turned aside to lodge at Gibeah. He went in and sat in the city square, but no one took them into his house to lodge. Bajayo kugira ngo baharare. Baragenda bahagarara ku mbuga y’igisagara ariko ntihagira n’umwe abakira ngo abahe indaro.
16 An old man came from field work at evening. He was from the hill country of Ephraim, living in Gibeah as a foreigner; the local men were Benjamites. Kuri uwo mugoroba, haza umutama ava mu karere k’imisozi ya Efurayimu aba i Gibeya yari atashe avuye mu mirima. (Abantu baba ngaho bava mu umuryango wa Benyamini).
17 The old man looked up, saw the traveler in the city square, and asked, "Where are you going? Where have you come from?" Abonye izo ngenzi ziri ku mbuga y’igisagara, abaza ati: “Muva he, mukaja he?”
18 He said to him, "We're traveling from Bethlehem in Judah to the far hill country of Ephraim—that's my home. I went to Bethlehem in Judah, and now I'm going to our Father's house, but no one takes me into his house. Wa mugabo arishura ati: “Tuvuye i Betelehemu h’i Buyuda tuja kure cane mu karere k’imisozi ya Efurayimu, ni ho mba. Nahora i Betelehemu h’i Buyuda, ubu nkaba ndiko nsubira i muhira ariko habuze n’umwe yompa indaro y’iri joro.
19 We have both straw and feed for our donkeys, and also bread and wine for me, your maidservant, and the young man with your servants. We lack nothing." Turifitiye ivyokurya bikwiye vy’indogoba zacu n’ivyacu twebwe abasavyi bawe, jewe, uwu musavyikazi, n’uwu musore turi kumwe. Nta na kimwe dukeneye.”
20 The old man said, "Peace to you. I'll supply all you need; just don't lodge in the square." Wa mutama arababwira ati: “Nimushike muhira iwanje, ndabaha ivyo mukeneye vyose. Nawe nu ntimworara ku mbuga.”
21 He brought him home, fed the donkeys, and they washed their feet, ate, and drank. Nuko arabashikana mu nzu, agaburira n’indogoba ziwe. Ahejeje kuboza ibirenge, baca barasangira ivyokurya.
22 While they were enjoying themselves, suddenly worthless men of the city surrounded the house, pounding on the door. They shouted to the old man who owned the house, "Bring out the man who entered your house, so we can have relations with him!" Bakiriko baranezeranwa, abantu b’inkozi z’ibibi bo mu gisagara baraza bakikuza iyo nzu. Batangura guhondagura ku muryango bahamagara uwo mutama, bavuga bati: “Sohokana uwo mugabo aje kurara mu nzu yawe tumusambanye.”
23 The house's owner went out to them and said, "No, my brothers, please don't do evil since this man came into my house; don't do this disgraceful thing. Uwo mutama arasohoka ababwira ati: “Oya bagenzi banje, ndabinginze ntimukore ikibi kingana gityo. Uwu muntu ni umushitsi wanje, ntimukore igiterasoni nk’ico.
24 Here are my virgin daughter and his concubine—let me bring them out. Violate them, do to them whatever seems good to you, but don't do this disgraceful thing to this man." Ehe raba mfise umukobwa w’isugi, hari kandi n’umugore w’uwu mugabo. Reka ndababasohokanire mubakoze ico mushaka. Ariko uwo mugabo, ntimumukorere igiterasoni nk’ico.”
25 But the men wouldn't listen. So the man grabbed his concubine and pushed her out to them; they raped and abused her all night until dawn, then let her go. Ariko ba bantu ntibamwumviriza. Wa mugabo aca afata wa mugore wiwe amuterera hanze, bamukuranwako bamusambanya ijoro ryose, maze bugiye guca baramurekura.
26 At daybreak the woman came and fell at the man's house door, where her master was, until daylight. Umutwenzi utamanzuye, wa mugore aca asubira ku nzu ya wa mutama, aho umugabo wiwe yari ari, ariko aca agwa imbere y’umuryango, agumaho gushika bukeye.
27 At dawn her master rose, opened the house doors, went out on his way—there lay his concubine, fallen at the house entrance, hands on the threshold. Mu gitondo, wa mugabo avyutse, yugurura umuryango, arasohoka ngo abandanye urugendo, asanga aho wa mugore yaguye imbere y’umuryango, afashe igishimaryango.
28 He said to her, "Get up, let's go." No answer. So he put her on the donkey and headed home. Aramubwira ati: “Haguruka tugende.” Ariko wa mugore ntiyamwishura. Wa mugabo aca amushira ku ndogoba, aramutahana.
29 At home he took a knife, seized his concubine, cut her limb by limb into twelve pieces, and sent her throughout all Israel's territory. Bashitse i muhira, wa mugabo aca afata imbugita, amucagaguramwo ibihimba icumi na bibiri, abirungika mu miryango icumi n’ibiri y’Abisirayeli.
30 All who saw it said, "No such thing has happened or been seen since Israel came up out of Egypt until today. Consider it, discuss it, and speak." Abantu bose babibonye baravuga bati: “Ububi nk’ubu ntibwari bwakaboneke kuva Abisirayeli bavuye muri Egiputa. Nimuvyiyumvireko, muheze mutubwire ico twokora.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]