Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 There was a man from the hill country of Ephraim whose name was Micah. Hariho umugabo yitwa Mika yava mu karere k’imisozi ya Efurayimu.
2 He told his mother, "The 1,100 pieces of silver taken from you, which you cursed—I heard you say it—look, I have the silver; I took it." His mother said, "May our Father bless my son." Umusi umwe abarira nyina wiwe ati: “Narumvise uvuma uwakwivye shekeli igihumbi n’ijana z’ifeza. Ni jewe nazivye, ni jewe ndazifise.” Nyina amwishura ati: “Uhoraho aguhezagire, mwana wanje.”
3 So he returned the 1,100 pieces of silver to his mother, and she said, "I solemnly dedicate this silver to our Father from my own hand, for my son, to make a carved image and a cast idol. Now I give it back to you." Amugarukaniye za shekeli igihumbi n’ijana z’ifeza, nyina aca avuga ati: “Izi feza ndazeguriye Uhoraho ku bw’umuhungu wanje kugira ngo zikorwemwo igishushanyo n’ikigirwamana cometseko ifeza. Nzoheza ndabiguhe bibe ivyawe.”
4 He returned the silver to his mother; she took 200 pieces and gave them to a silversmith, who made a carved image and a cast idol; it stood in Micah's house. Mika aca asubiza ya mahera nyina wiwe, na we aca akuramwo shekeli amajana abiri aziha umucuzi, na we azicuramwo igishushanyo n’ikigirwamana, baca babishira mu nzu kwa Mika.
5 This man Micah had a shrine, made an ephod and household idols, and ordained one of his sons as his priest. Mika yari afise akazu asengeramwo, aca akoresha efodi n’ibindi bishushanyo, agena n’umuhungu wiwe ngo abe umuherezi wiwe.
6 In those days Israel had no king; everyone did what was right in his own eyes. Muri ico gihe Abisirayeli nta mwami bari bafise, umuntu wese yakora ibintu uko avyumva.
7 A young man from Bethlehem in Judah, of Judah's clan, was a Levite staying there. Umusi umwe haza umusore w’Umulewi avuye i Betelehemu i Buyuda, yabaye mu muryango wa Yuda,
8 This man left Bethlehem in Judah to find another place to live, and traveling on, he reached the hill country of Ephraim, to Micah's house. ava i Betelehemu arondera aho yoba. Ari ku rugendo ni ho yashika kwa Mika, mu ntara y’imitumba mu gihugu ca Efurayimu.
9 Micah asked, "Where are you from?" He said, "A Levite from Bethlehem in Judah; I'm looking for somewhere to live." Mika aramubaza ati: “Uva he?” Aramwishura ati: “Ndi Umulewi w’i Betelehemu i Buyuda. Ndiko ndondera aho noba.”
10 Micah said, "Stay with me; be my father and priest, and I'll give you ten pieces of silver a year, a set of clothes, and your food." So the Levite went in. Mika aramubwira ati: “Bana natwe, ube umuherezi wa data, nzoguhemba shekeli icumi ku mwaka, ndakwambike nongere ndakugaburire.”
11 The Levite agreed to stay with the man, and the young man became to him like one of his sons. Wa Mulewi aca aremera kubana na we, maze uwo musore aca aba nk’umwe mu bahungu biwe.
12 Micah ordained the Levite, and the young man became his priest and lived in Micah's house. Mika agira uwo Mulewi umuherezi wiwe, aba mu nzu yiwe.
13 Micah said, "Now I know our Father will be good to me, because I have a Levite as my priest." Mika aravuga ati: “Noneho menye ko Uhoraho azobana nanje, ko ndonse umuherezi w’Umulewi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]