Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Samson went to Gaza, and there he saw a prostitute, and he was intimate with her. Umusi umwe Samusoni aja i Gaza, ahura na maraya, aca aja kurarana na we.
2 When the people of Gaza heard, "Samson has come here," they surrounded the place, waiting for him all night at the city gate. They kept quiet all night, saying, "At dawn we'll kill him." Abantu b’i Gaza baramenya ko Samusoni ari ho ari, baca barakorana barara bamurindiririye ijoro ryose ku muryango w’igisagara bibwira bati: “Ejo nibwaca, tuzomwica.”
3 Samson lay there until midnight. At midnight he rose, grabbed the doors of the city gate and the two posts, pulled them up with the bar, set them on his shoulders, and carried them to the top of the hill facing Hebron. Ariko Samusoni wewe aryamayo gushika ijoro rigeze hagati gusa. Araheza aravyuka arandura umuryango w’ico gisagara, awurandurana n’ibihindizo hamwe n’ibizingiti vyawo. Avyiremeka ku rutugu, abidugana ku mutumba urabana na Heburoni.
4 After this he loved a woman in the Valley of Sorek, whose name was Delilah. Haheze imisi akunda umukobwa wo mu kiyaya ca Soreki, yitwa Delila.
5 The Philistine rulers came to her and said, "Lure him and learn where his great strength lies, and how we can overpower and bind him to subdue him. Each of us will give you 1,100 pieces of silver." Abatware b’Abafilisitiya baja kuraba Delila bamubwira bati: “Uzohendahende Samusoni akubwire aho akura inkomezi, akubwire n’ukuntu twomunesha kugira ngo tumubohe, tumumare amanyama. Umwe wese muri twebwe azoguha shekeli igihumbi n’ijana z’ifeza.”
6 Delilah said to Samson, "Tell me where your great strength lies, and how you could be tied up and subdued." Nuko Delila abaza Samusoni ati: “Ndakwinginze umbarire aho ukura izo nkomezi hamwe n’ukuntu umuntu yokuboha akakumara amanyama.”
7 Samson told her, "If they tie me with seven fresh bowstrings, not yet dried, I'll grow weak and be like any other man." Samusoni aramwishura ati: “Umuntu ambohesheje imigozi indwi ikiri mibisi, nca mba umunyantegenke nk’abandi bose.”
8 Then the Philistine rulers brought her seven fresh bowstrings, not yet dried, and she tied him with them. Nuko abatware b’Abafilisitiya bamuzanira imigozi indwi ikiri mibisi, arayimubohesha.
9 Now she had men lying in wait in the inner room. She said to him, "The Philistines are upon you, Samson!" But he snapped the bowstrings as a strand of flax snaps when it touches the fire. So the secret of his strength was not discovered. Yari yanyegeje abagabo mu cumba co haruguru c’iyo nzu, aca arasemerera ati: “Samusoni! Abafilisitiya baraje kugufata.” Samusoni aca avutagura ya migozi nk’uko inyuzi zicika zifashwe n’umuriro. Nuko inkomezi ziwe ntizamenyekana aho ziva.
10 Delilah said to Samson, "You've mocked me and told me lies. Now tell me how you can be tied up." Delila abwira Samusoni ati: “Ni kuki umpenda ukambwira ibinyoma? Mbwira neza rero ingene umuntu yokuboha akakugumya.”
11 He told her, "If they tie me tight with new ropes never used, I'll become weak, like any man." Aramubwira ati: “Umuntu ambohesheje ibiziriko bishasha bitarakoreshwa, noca mba umunyantegenke nk’abandi bose.”
12 Delilah took new ropes and tied him with them, saying, "Samson, the Philistines are on you!" Men lay in wait in the inner room. But he tore the ropes off his arms like thread. Nuko Delila aca afata ibiziriko bishasha arabimubohesha. Ba bantu bari binyegeje muri ca cumba nka kumwe kwa mbere. Delila aca arasemerera ati: “Samusoni! Ngaho Abafilisitiya baraje kugufata.” Samusoni acagagura vya biziriko nk’uwucagagura inyuzi.
13 Delilah said to Samson, "You've mocked me and lied to me all this time. Tell me how you can be tied up." He said to her, "Weave the seven braids of my head into the loom's fabric and pin it tight, and I'll be as weak as any man." Delila aca abwira Samusoni ati: “Wahereye kera umpenda. Mbwira rero ingene umuntu yokuboha.” Samusoni aramubwira ati: “Ibitsibo indwi vy’umushatsi wanje ubifatanije n’igitambara c’impuzu, hanyuma ukabibohera ku giti noca mba umunyantegenke nk’abandi bose.” Nuko Delila ahengera Samusoni asinziriye, afata vya bitsibo indwi vy’umushatsi wiwe abifatanisha igitambara c’impuzu.
14 She fastened it with the pin and told him, "Samson, the Philistines are on you!" But he woke from his sleep and pulled out the pin, the loom, and the fabric. Nuko arabijisha, abigumisha urumambo, aca asubira gusemerera ati: “Samusoni! Ngaho Abafilisitiya baraje kugufata!” Aca arazanzamuka ava mw’itiro, ashingura rwa rumambo hamwe n’ikijishirwako impuzu.
15 She said, "How can you say 'I love you' when your heart isn't with me? Three times you've mocked me and not told me where your great strength lies." Delila aravuga ati: “Uvuga gute ngo urankunda, udashobora kumbwira amabanga yawe? Ubu bubaye ubwa gatatu umpenda, utambwira aho ukura inkomezi zawe.”
16 When she pressed him hard with her words day after day and kept urging him, he grew so tired of it that he wished he were dead. Maze akomeza kumuzigiriza uko bukeye uko bwije, gushika aho amubuza amahoro.
17 So he told her his whole heart: "No razor has touched my head, for I am a Nazirite of our Father from my mother's womb. If I am shaved, my strength leaves me, and I become weak, like any other man." Ni ko kumubwira vyose ati: “Nta rwembe rurangera ku mutwe, kuko namye ndi Umunaziri w’Imana kuva nkivuka. Uwomwa uwu mushatsi, inkomezi zanje zose zoca zimvako, noca mba umunyantegenke nk’abandi bose.”
18 When Delilah saw he had told her all his heart, she sent for the Philistine rulers: "Come up once more, for he has told me all his heart." So they came up to her with the silver in their hands. Delila abonye ko amubwiye vyose, aca atuma intumwa kuri ba batware b’Abafilisitiya, ababwira ati: “Nimusubire mugaruke, kuko ubu yambwiye vyose.” Ba batware baca baragaruka bazanye na za feza mu minwe.
19 She lulled him to sleep on her knees, called a man, and had him shave the seven braids of his head. She began to subdue him, and his strength left him. Nuko Delila amusinziririza ku bibero vyiwe, aca ahamagara umuntu amumwa vya bitsibo indwi vy’umushatsi wiwe, gutyo aba amuhinduye umunyantegenke. Inkomezi zica ziramuvako.
20 She said, "The Philistines are on you, Samson!" He woke from his sleep and thought, "I'll go out as before and shake myself free." But he did not know our Father had left him. Aca aramuhamagara ati: “Samusoni, ngaho Abafilisitiya baraje kugufata!” Aca arakanguka ava mw’itiro, yibwira ko abakira nk’ubwa mbere. Ariko ntiyari azi ko Uhoraho yamuretse.
21 The Philistines seized him, gouged out his eyes, and brought him to Gaza. They bound him with bronze shackles, and he ground grain in the prison. Abafilisitiya baca baramufata, bamunogora amaso, bamumanukana i Gaza, bamubohesha umunyororo w’umwakaka, bamugira umusyi wo mw’ibohero.
22 But the hair of his head began to grow again after it had been shaved. Ariko umushatsi wiwe uca urasubira kumera inyuma yo kumumwa.
23 The Philistine rulers gathered to offer a great sacrifice to Dagon their god and to celebrate, saying, "Our god has handed Samson our enemy over to us." Umusi umwe abatware b’Abafilisitiya bakoranira hamwe ngo bashikanire ibimazi Dagoni imana yabo, bongere bagire umusi mukuru, kuko bagira bati: “Imana yacu yarekuriye Samusoni, umwansi wacu, mu maboko yacu.”
24 When the people saw him, they praised their god, saying, "Our god has handed over our enemy, who ravaged our land and multiplied our slain." Abantu bose bamubonye bashima imana yabo bavuga bati: “Imana yacu ni yo yarekuriye umwansi wacu mu maboko yacu, uwatikije imirima yacu, akica benshi muri twebwe.”
25 When their hearts were merry, they said, "Call Samson to entertain us." So they brought Samson from the prison, and he entertained them. They stood him between the pillars. Mu gihe abo bantu basa n’ababorewe, baca bavuga bati: “Nimukure Samusoni mw’ibohero abe aradutwenza.” Nuko bahamagara Samusoni ava mw’ibohero ngo abe arabatwenza. Nuko bamuhagarika hagati y’inkingi zibiri zari zifashe igisenge.
26 Samson told the boy holding his hand, "Let me feel the pillars the house rests on, so I can lean on them." Samusoni abwira uwari amufashe ukuboko ati: “Nshira aho nshobora kwumva inkingi zibiri zifashe iyi ngoro, kugira ngo ndazegamire.”
27 The house was full of men and women; all the Philistine rulers were there, and on the roof about 3,000 men and women watched Samson perform. Iyo nzu yari yuzuyemwo abagabo n’abagore, kandi n’abatware b’Abafilisitiya bose bari aho. Mu bibanza vyo hejuru hariyo abantu ibihumbi bitatu bariko bararaba ivyo Samusoni agira.
28 Then Samson called to our Father: "O Sovereign Father, remember me, please. Strengthen me just this once, that with one blow I may bring justice on the Philistines for my two eyes." Maze Samusoni asenga Uhoraho avuga ati: “Ewe Uhoraho, Nyeninganji, ndakwinginze unyibuke. Mana, ndakwinginze umpe inkomezi iri rimwe gusa, kugira ngo nihore Abafilisitiya ku maso yanje abiri.”
29 Samson grasped the two central pillars supporting the house and braced against them, his right hand on one, his left on the other. Maze Samusoni aramvurira amaboko yiwe kuri za nkingi zibiri iyo nzu yari ihagazeko. Azisunikisha amaboko yose,
30 Samson said, "Let me die with the Philistines." He pushed with all his strength, and the house fell on the rulers and all the people in it. So he killed more at his death than in his life. asenga ati: “Ndeka mpfane n’Abafilisitiya.” Asunika za nkingi n’inguvu nyinshi, iyo nzu isenyukira kuri ba batware n’abandi bose bari muri yo. Aho hantu yahiciye abantu baruta kure abo yishe mu yindi misi yose yabayeho.
31 His brothers and all his father's household came down, took him, brought him up, and buried him between Zorah and Eshtaol in his father Manoah's tomb. He had judged Israel twenty years. Hanyuma abo bavukana hamwe n’umuryango wiwe wose baca baramanuka gutora ikiziga ciwe. Bamutahana iwabo, bamuhamba hagati y’i Zora n’i Eshitayoli, aho se wiwe Manowa yahambwe. Samusoni yatwaye Abisirayeli imyaka mirongo ibiri.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]