Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now Jericho was shut tight because of the Israelites; no one went out and no one came in. Kandi ico gihe, igisagara c’i Yeriko cari cugawe bikomeye kubera gutinya Abisirayeli. Nta muntu yasohoka canke ngo yinjire.
2 Then our Father said to Joshua, "See, I have given Jericho, its king, and its mighty warriors into your hand. Maze Uhoraho abarira Yosuwa ati: “Ehe raba nshize Yeriko mu maboko yanyu, hamwe n’umwami waho n’abasoda baho bahambaye.
3 "March around the city, all you fighting men, circling it once. Do this for six days. Mwe n’ingabo zawe nimuzunguruke igisagara rimwe gusa ku musi, muzobikore imisi itandatu.
4 Have seven priests carry seven rams' horns before the ark. On the seventh day, march around the city seven times while the priests blow the horns. Muzojane n’abaherezi indwi bitwaje inzamba zikozwe mu mahembe y’intama, bagendere imbere y’Isandugu. Ku musi ugira indwi, muzozunguruke ico gisagara incuro indwi, abo baherezi bariko baravuza izo nzamba.
5 When the ram's horn sounds a long blast and you hear it, have all the people give a great shout. The city wall will fall flat, and each person will charge straight ahead." Nimwumva abaherezi bavugije inzamba n’ijwi rirengera, abasoda bose bazoce na bo bashira ijwi hejuru basemerere cane, inzitiro z’igisagara zizoca zisenyuka, abantu bose bazoce binjira, umwe wese yinjirire aho azoba atumbereye.”
6 Joshua son of Nun called the priests and told them, "Take up the ark of the covenant, and have seven priests carry seven rams' horns before the ark of our Father." Nuko Yosuwa mwene Nuni aca akoranya abaherezi, ababwira ati: “Nimurerure Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho, abaherezi indwi bo muri mwebwe batware inzamba bagendere imbere yayo.”
7 He told the people, "Advance! March around the city, and let the armed men go ahead of our Father's ark." Aca ategeka abasoda ati: “Genda! Nimuzunguruke igisagara, kandi habeho ingabo zigendera imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho.”
8 When Joshua finished speaking, the seven priests carrying the seven rams' horns before our Father moved forward, blowing the horns, and the ark of our Father's covenant followed them. Yosuwa ahejeje kubwira abantu ivyo, ba baherezi indwi bitwaje inzamba baca bagendera imbere y’Uhoraho, bavuza za nzamba. Ya Sandugu y’Isezerano na yo irabakurikira.
9 The armed men marched ahead of the priests blowing the horns, the rear guard behind the ark, horns sounding continually. Abasoda bafise ibigwanisho na bo baja imbere ya ba baherezi bitwaje inzamba, abandi bakurikira isandugu, kandi abaherezi bagenda baravuza inzamba.
10 But Joshua ordered the people, "Don't shout or let your voice be heard; not one word from your mouth until I say, 'Shout!' Then shout." Ariko Yosuwa yari yababwiye ati: “Ntimuze muvuze akaruru k’intambara, ntimuze muvuze urwamo, ndetse ntihaze hagire ijambo na rimwe muvuga, gushika umusi nzobabwira, ico gihe ni ho muzokoma akaruru.”
11 So he made the ark of our Father circle the city once. Then they came to the camp and spent the night in the camp. Nuko batwara Isandugu y’Uhoraho, bazunguruka ico gisagara rimwe gusa, bahejeje abantu baca basubira mu mahema yabo, bararaho.
12 Joshua got up early the next morning, and the priests took up the ark of our Father. Bukeye Yosuwa avyuka kare mu gitondo, ba baherezi na bo barerura ya Sandugu y’Uhoraho.
13 The seven priests carrying the seven rams' horns before the ark of our Father marched on, blowing them steadily. The armed men led; the rear guard followed the ark of our Father as the horns sounded. Abo baherezi indwi bitwaje inzamba baja imbere, bagendera imbere y’Isandugu y’Uhoraho bavuza inzamba. Abasoda bafise ibigwanisho bakurikira Isandugu y’Uhoraho, inzamba na zo ziriko ziravuzwa.
14 So on the second day they marched around the city once and returned to camp. They did this for six days. Ku musi ugira kabiri bazungurutse ico gisagara incuro imwe, baca basubira mu mahema yabo. Bamara imisi itandatu babigira gutyo.
15 On the seventh day they rose at dawn and circled the city as before, but this day seven times. Ku musi ugira indwi bavyuka hakiri kare cane, bazunguruka ico gisagara nk’uko bahora babigira, mugabo uwo musi bakizunguruka incuro indwi.
16 The seventh time around, as the priests blew the horns, Joshua told the people, "Shout! For our Father has given you the city. Ku ncuro igira indwi, abaherezi bavugije inzamba, Yosuwa aca abwira abantu ati: “Koma akaruru, kuko Uhoraho abahaye kino gisagara!
17 The city and all in it are devoted to our Father for destruction. Only Rahab the prostitute and everyone with her in her house will live, because she hid the messengers we sent. Igisagara n’ibikirimwo vyose bibe ishikanwa k’Uhoraho. Ariko muzigame maraya Rahabu n’abo mu nzu yiwe, kuko yakingiye abatasi bacu.
18 But keep away from what's set apart for destruction, so you don't bring destruction on yourselves by taking any of it, putting the whole camp of Israel in danger of destruction and bringing trouble on it. Ntihagire ikintu na kimwe mu vyagenewe guturirwa mwisigariza, kuko mwoba mwikwegeye kuranduka, kandi mwoba mukwegeye ingorane n’umuvumo Abisirayeli mu mahema yabo.
19 But all the silver, gold, and objects of bronze and iron are holy to our Father; they must go into his treasury." Amafeza, inzahabu, n’ibikozwe mu mwakaka no mu vyuma, bibe ivyejejwe vy’Uhoraho, bijanwe mu kigega ciwe.”
20 So the people shouted as the priests blew the horns. Hearing the trumpet, they gave a great shout, and the wall fell flat. The people charged into the city, each straight ahead, and captured it. Inzamba ivuze, abantu baca bakoma akaruru n’inkomezi zabo zose. Ubwo nyene inzitiro z’i Yeriko zica zirasenyagurika, umusoda wese aca yinjirana aho yari atumbereye, bafata ico gisagara,
21 They devoted everything in the city to destruction—men and women, young and old, oxen, sheep, donkeys—with the edge of the sword. batikiza ivyo muri ico gisagara vyose, baranduza inkota abakibamwo bose: abagabo, abagore, abana, abatama, inka, intama n’indogoba.
22 Joshua told the two men who had spied out the land, "Go to the prostitute's house and bring out the woman and all who belong to her, as you swore to her." Yosuwa abarira ba bagabo babiri baja gutata ico gisagara ati: “Nimuje ku nzu ya maraya, muzane abari muri yo bose nk’uko mwabimurahiye.”
23 So the young spies went in and brought out Rahab, her father, mother, brothers, and all who belonged to her. They brought out her whole family and settled them outside Israel's camp. Ba bagabo bari bagiye gutata ico gisagara baca binjira kwa Rahabu, baramusohokana; we na se, na nyina, abo bavukana hamwe n’abari muri iyo nzu bose. Basohokana umuryango wose, babashira hafi y’aho Abisirayeli bari bashinze amahema yabo.
24 They burned the city and everything in it, but put the silver, gold, and the bronze and iron articles into the storeroom of our Father's house. Baca baturira igisagara cose, n’ivyari muri co, ariko inzahabu, ifeza, ibikozwe mu mwakaka no mu vyuma, babitwara mu bubiko bwo mu nzu y’Uhoraho.
25 Joshua spared Rahab the prostitute, her father's household, and all who belonged to her. She has lived among Israel to this day, because she hid the messengers Joshua sent to spy out Jericho. Maze Yosuwa arokora ubuzima bwa maraya Rahabu n’umuryango wiwe wose n’ivyo yari afise vyose, kuko yanyegeje abatasi Yosuwa yarungitse i Yeriko. Gushika n’ubu aracaba mu Bisirayeli.
26 Then Joshua made them swear this oath: "Cursed before our Father is the man who rises to rebuild this city, Jericho. He will lay its foundation at the cost of his firstborn and set up its gates at the cost of his youngest." Uwo mwanya Yosuwa ashira umuvumo kuri ico gisagara ati: “Haravumwe imbere y’Uhoraho umuntu azosubira kwubaka iki gisagara Yeriko. Amatanguriro yaco niyayashiraho azobure umwana wiwe w’imfura, kandi ageze gushiraho inzugi z’irembo azobure umuhererezi.”
27 So our Father was with Joshua, and Joshua's fame spread throughout the land. Uko ni ko Uhoraho yabanye na Yosuwa, na we amenyekana mu gihugu cose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]