Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Israel broke faith with what was devoted to destruction: Achan son of Carmi, son of Zabdi, son of Zerah, of Judah's tribe, took some of it. So our Father's anger burned against Israel. Ariko Abisirayeli barenga ku vyo Uhoraho yari yababujije ku bijanye n’ivyo yagize inyegu yiwe. Umugabo yitwa Akani mwene Karumi, Karumi mwene Zabudi, Zabudi mwene Zera, Zera wo mu muryango wa Yuda, yiba bimwe muri vyo. Uhoraho aca araraka kubw’Abisirayeli.
2 Joshua sent men from Jericho to Ai, near Beth-aven, east of Bethel, saying, "Go up and scout the land." They went up and scouted Ai. Yosuwa arungika abantu bari bavuye i Yeriko ngo baje gutera i Hayi, igisagara kiri hafi y’i Beti-Aveni, mu buseruko bwa Beteli, ababwira ati: “Nimugende mutate iriya ntara.” Nuko baragenda batata Hayi.
3 They returned and told Joshua, "Not everyone needs to go up. Send about two or 3,000 men to attack Ai; don't wear out all the people—they are few." Bagarutse babarira Yosuwa bati: “Ntibikenewe ko urinda kurungika abantu bose i Hayi. Rungika abantu ibihumbi bibiri canke bitatu baje kuhafata, ntiwirirwe uragora ingabo zose kuko abakibamwo ari bake cane.”
4 So about 3,000 of the people went up, but they fled before the men of Ai. Nuko abantu nk’ibihumbi bitatu baragenda, ariko abantu b’i Hayi barabirukana,
5 Ai's men struck down about thirty-six of them, chasing them from the gate to the quarries, striking them on the descent. The people's hearts melted, turning to water. babicamwo abantu mirongo itatu na batandatu, barabirukana kuva ku marembo y’igisagara bashika ku mitumba y’ibitandara, bagenda barabica bamanuka. Abisirayeli babibonye bicwa n’ubwoba, imitima yabo icika ivutu.
6 Joshua tore his clothes and fell facedown to the ground before the ark of our Father until evening, he and Israel's elders, and they threw dust on their heads. Maze Yosuwa yitabagurirako impuzu, yubama hasi imbere y’Isandugu y’Uhoraho, yirirwaho rirarenga. Abatware b’Abisirayeli na bo nyene babigenza batyo, bisiga n’imikungugu ku mitwe.
7 Joshua said, "Oh, Sovereign Father, why did you bring this people across the Jordan, only to hand us over to the Amorites to destroy us? If only we'd been content to stay beyond the Jordan! Yosuwa aravuga ati: “Yewe Uhoraho Nyeninganji, Ni iki catumye utujabukana Yorodani ukatuzana muri iki gihugu kugira ngo Abamori bakitwiciremwo? Ese iyo twigumira hakurya ya Yorodani?
8 Please, Sovereign Father, what can I say, now that Israel has turned and fled from its enemies? Mbega Mwami mvuge iki ko Abisirayeli birukanywe n’abansi babo?
9 The Canaanites and all who live in the land will hear, surround us, and erase our name from the earth. Then what will you do for your great name?" Abanyakanani n’abandi banyamahanga nibavyumva bazodukikuza bahanagure amazina yacu kw’isi. None izina ryawe rihambaye uzorigwanira ute?”
10 Our Father said to Joshua, "Stand up! Why have you fallen on your face? Uhoraho yishura Yosuwa ati: “Haguruka! Ni kubera iki wubamye hasi gutyo?
11 "Israel has sinned, breaking my covenant I commanded them. They took some devoted things, stole, lied, and put them among their own belongings. Isirayeli yacumuye. Yarenze kw’isezerano ryanje, iryo nabategetse kwubahiriza. Basahuye ivyari kuba inyegu y’Uhoraho. Ntibivye gusa ahubwo baranabeshe, babinyegeza mu vyabo.
12 So Israel can't stand before its enemies—they turn their backs before them, because they are now devoted to destruction. I won't be with you again unless you destroy what is devoted to destruction among you. Ni co gituma Abisirayeli batashoboye guhagarara imbere y’abansi babo. Babahaye umugongo barabahunga kuko bikwegeye ugutikizwa. Sinzobana namwe kiretse mukuye muri mwebwe icagenewe kurandurwa cose.”
13 Get up! Dedicate the people. Tell them: Dedicate yourselves for tomorrow, for our Father, the God of Israel, says: Devoted things are among you, Israel. You cannot stand against your enemies until you remove them. Genda ubwire abantu biyeze. Ubabwire uti: “Nimwiyeze kubera umusi w’ejo, kuko uku ari ko Uhoraho Imana y’Abisirayeli avuze: Ivyari vyagenewe kuba inyegu y’Uhoraho biri muri mwebwe, yemwe Bisirayeli. Ntimuzigera mushobora kunesha abansi banyu gushika mubikuye muri mwebwe.
14 "In the morning, present yourselves tribe by tribe. The tribe our Father selects comes forward clan by clan; the clan he selects comes forward family by family; the family he selects comes forward man by man. Ejo mu gitondo muzokorane uko imiryango yanyu iri, Uhoraho azokwerekana umuryango uwakoze ivyo avukamwo. Abo muri uwo muryango bazoce bakorana, maze Uhoraho azokwerekana inzu uwo muntu akomokamwo.
15 Whoever is caught with the devoted things will be burned with fire—him and all he has—for violating our Father's covenant and doing a disgraceful thing in Israel." Uwuzofatanwa ivyari kuba inyegu y’Uhoraho azoranduzwe umuriro, aturiranwe n’ivyiwe vyose, kuko yarenze isezerano agakora ikizira mu Bisirayeli.”
16 Joshua rose early and brought Israel near by tribes; Judah's tribe was picked. Bukeye, hakiri kare mu gatondo, Yosuwa akoranya imiryango y’Abisirayeli, uwa Yuda uba ari wo ufatwa.
17 He brought Judah's clans forward; the Zerahite clan was taken. He brought the Zerahite clan forward, family by family; Zabdi was taken. Mu bwoko bwa Yuda hafatwa Abakomoka kuri Zera. Abakomoka kuri Zera bakoranye hafatwa abo mu muryango wa Zabudi.
18 Joshua brought his household forward, man by man, and Achan son of Carmi, son of Zabdi, son of Zerah, of Judah's tribe, was caught. Yosuwa ahamagaza umugabo ku mugabo, hanyuma hafatwa Akani mwene Karumi, Karumi mwene Zabudi, Zabudi mwene Zera, Zera wo mu muryango wa Yuda.
19 Joshua said to Achan, "My son, give glory to our Father, the God of Israel, and give him praise. Tell me now what you've done—don't hide it from me." Yosuwa abwira Akani ati: “Mwana wanje, nuhe Uhoraho icubahiro, Imana ya Isirayeli, uyishire hejuru. Mbwira ico wakoze kandi ntumpishe.”
20 Achan answered Joshua, "Truly, I have sinned against our Father, the God of Israel. This is what I did: Akani yishura Yosuwa ati: “Ni ivy’ukuri naracumuye k’Uhoraho Imana ya Isirayeli.
21 Among the plunder I saw a beautiful robe from Shinar, about five pounds of silver, and a gold bar weighing about 1.2 pounds. I wanted them and took them; they're hidden in my tent floor, the silver underneath." Mu vyo twari twanyaze nabonyemwo ikanzu nziza iva i Babiloni, na shekeli amajana abiri z’ifeza, mbona n’ikigegene c’inzahabu gipima shekeli mirongo itanu nca ndavyipfuza. Nabizitse mu kuzimu mw’ihema ryanje, ifeza ni zo ziri musi y’ivyo vyose.”
22 Joshua sent messengers; they ran to the tent and found it hidden in his tent, silver underneath. Nuko Yosuwa arungika intumwa, zisanga ni ho binyegejwe nk’uko Akani yabivuze, na za feza ziri musi y’ibindi.
23 They took them from inside the tent, brought them to Joshua and all Israel's sons, and set them out before our Father. Baca babikurayo babizanira Yosuwa n’Abisirayeli bose, na bo babisanza imbere y’Uhoraho.
24 Joshua and all Israel took Achan son of Zerah, the silver, the robe, the bar of gold, his sons, daughters, cattle, donkeys, sheep, tent, and all he owned, and brought them up to the Valley of Achor. Maze Yosuwa n’Abisirayeli bose bafata Akani mwene Zera, bafata za feza, ya kanzu, za nzahabu, abahungu biwe n’abakobwa biwe, inka, indogoba n’intama ziwe, ihema ryiwe, babajana mu kiyaya ca Akori.
25 Joshua said, "Why have you troubled us? Our Father will trouble you today." And all Israel stoned Achan with stones, then burned them with fire, and stoned them with stones. Yosuwa amubwira ati: “Ni iki catumye udukwegera aya magorwa? Uyu musi Uhoraho arayaguteye nawe.” Maze Abisirayeli bose baca bamwicisha amabuye, bamwicana n’umuryango wiwe wose, ibiziga vyabo baca barabiturira.
26 They piled a great heap of stones over him, there to this day. Then our Father turned from his burning anger. So that place is called the Valley of Achor to this day. Akani baca bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kandi kiracariho gushika n’ubu. Ni co gituma ico kiyaya baciye bacita Akabande ka Akori [bisigura akabande k’ivyago] kandi ni ko kacitwa gushika n’ubu. Maze uburake bw’Uhoraho buca burahwama. Gushika n’uno musi aho hantu hitwa Akabande ka Akori.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]