Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When all the Amorite kings west of the Jordan and all the Canaanite kings along the sea heard that our Father had dried up the Jordan's waters before Israel until they crossed over, their hearts melted and no spirit was left in them because of Israel. Abami bose b’Abamori bo hakurya ya Yorodani, n’abami b’Abanyakanani bo ku nkengera ya Yorodani bumvise ko Uhoraho yakamije Yorodani kugira ngo Abisirayeli bajabuke, bose bacika ivutu, mu mitima yabo barihebura kubera ubwoba, ntibaba bakigira intege zo guhangara Abisirayeli ngo babagwanye.
2 At that time our Father said to Joshua, "Make yourself flint knives and circumcise the Israelites again, a second time." Ico gihe Uhoraho abarira Yosuwa ati: “Rondera amabuye akarishe nk’imbugita, ukebe abagabo bose bo muri uru runganwe rwa kabiri rw’Abisirayeli.”
3 So Joshua made flint knives and circumcised Israel's sons at Gibeath-haaraloth, the Hill of Foreskins. Nuko Yosuwa ategura amabuye akarishe nk’imbugita, akebera Abisirayeli i Gibeyati Haraloti.
4 This is why Joshua circumcised them: all the people who came out of Egypt—the males, all the men of war—had died in the wilderness on the way after leaving Egypt. Iki ni co catumye Yosuwa abikora: Abari bavuye muri Egiputa bafise imyaka yo kuja mu ntambara bose bari bapfiriye mu bugaragwa bariko bava muri Egiputa.
5 Everyone who came out had been circumcised, but those born in the wilderness on the way out of Egypt had not been. Abari bavuyeyo bose bari barakebwe, ariko abavukiye mu bugaragwa bari mu rugendo, bamaze kuva muri Egiputa, ntibari barakebwe.
6 Israel's people walked forty years in the wilderness until the whole nation—the men of war who left Egypt—died off, because they did not obey our Father's voice. To them our Father swore he would not let them see the land he swore to their ancestors to give us, a land flowing with milk and honey. Abisirayeli bamaze imyaka mirongo ine bayerera mu bugaragwa, gushika aho abari bafise imyaka yo kuja mu ntambara igihe bava muri Egiputa bose bapfuye bagahera, kuko bari bagararije Uhoraho. Uhoraho yari yarabarahiye ko batazobona igihugu yari yarasezeraniye ba sekuruza ko azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubuki.
7 He raised up their children in their place, and Joshua circumcised them, for they were uncircumcised, not having been circumcised on the way. Nuko ahagurutsa abana mu gishingo ca ba se, abo rero ni bo Yosuwa yakevye. Ntibari bwigere bakebwa kuko batakebewe ku nzira baja i Kanani.
8 When the circumcision of the whole nation was complete, they stayed in camp until they were healed. N’uko abagabo bose bamaze gukebwa, baguma aho bari bashinze amahema gushika bose bakize.
9 Then our Father said to Joshua, "Today I rolled away Egypt's disgrace from you." So that place is called Gilgal to this day. Maze Uhoraho abarira Yosuwa ati: “Uyu musi ndabakuyeko ibimaramare vyose vyatewe n’ubuja bwo muri Egiputa.” Ico kibanza gica citwa Gilugali gushika n’ubu.
10 Israel camped at Gilgal kept the Passover on the fourteenth of the month, in the evening, on the plains of Jericho. Ku mugoroba wo ku musi ugira icumi na kane w’ukwo kwezi, bakiri ngaho i Gilugali mu biyaya vy’i Yeriko, Abisirayeli bahimbaza Pasika.
11 The day after Passover, on that very day, they ate the land's produce: bread without yeast and roasted grain. Ku musi wakurikiye Pasika, baca barya ivyokurya vyo muri ico gihugu, barya imikate itagira umwambiro n’ingano zikaranze.
12 The manna stopped the day after they ate the land's produce. The Israelites had no more manna; that year they ate the harvest of Canaan. Maze uhereye ku musi wakurikiye uwo baririyeko ivyokurya vyo muri ico gihugu, manu ntiyasubiriye kuboneka. Abisirayeli ntibongeye gusubira kuronka manu; uwo mwaka bariye ivyo basoromye i Kanani.
13 Near Jericho, Joshua looked up and saw a man standing before him, sword drawn in hand. He approached and asked, "Are you for us or our enemies?" Yosuwa yegereje i Yeriko, yunamura amaso abona umugabo ahagaze imbere yiwe afise inkota mu minwe. Yosuwa aramwegera, aramubaza ati: “Mbega uri ku ruhande rwacu canke ku ruhande rw’abansi bacu?”
14 "No," he replied. "I have now come as commander of our Father's army." Joshua fell facedown to the ground, worshiping, and said, "What does my lord say to his servant?" Na we aramwishura ati: “Sindi ku ruhande na rumwe. Ndi umugabisha w’ingabo z’Uhoraho.” Nuko Yosuwa aca arunama, yikubita hasi, amuha icubahiro, hanyuma aramubaza ati: “None ushaka ko jewe umusavyi wawe nkora iki?”
15 The commander of our Father's army said to Joshua, "Take off the sandals from your feet, for the place where you stand is holy." Joshua did so. Wa mugabisha w’ingabo z’Uhoraho aramwishura ati: “Ambura ibirato vyawe, kuko aha hantu uhagaze ari ahera.” Nuko Yosuwa yambura ibirato vyiwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]