Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father spoke to Joshua: Maze Uhoraho abarira Yosuwa ati:
2 "Tell the Israelites: 'Designate for yourselves the cities of refuge I spoke to you through Moses, “Barira Abisirayeli bategekanye ibisagara vy’ubuhungiro, nk’uko nabibategetse nciye kuri Mose,
3 so anyone who kills someone by accident, unknowingly, may flee there—a refuge for you from the avenger of blood. kugira ngo nihagira uwica umuntu atabishaka canke atabiteguye, azoshobore kuronka aho ahungira uwuzoba ajejwe guhora amaraso mu muryango w’uwapfuye.
4 Whoever flees to one of these cities is to stand at the entrance of the city gate and state his case to that city's elders. They will bring him in, give him a place, and let him live among them. Niyamara guhungira muri kimwe muri ivyo bisagara, azohagarare kw’irembo ryaco yiregure ku bakuru baco. Bazoheze bamwakire muri ico gisagara, bamuhe aho aba, abane na bo.
5 If the avenger of blood pursues him, they must not hand the slayer over to him, because he struck his neighbor unknowingly, without prior hatred. Uwujejwe guhora amaraso niyamukurikirana, ntibaze bamutange, kuko azoba yishe mugenziwe atabishaka, atahora ari umwansi wiwe.
6 He must stay in that city until he stands trial before the assembly, and until the high priest serving at that time dies. Then the killer may return to his own city and house, the town he fled from.'" Azogume muri ico gisagara gushika yumvirijwe n’ikoraniro, yongere arindire gushika umuherezi mukuru azoba ariho ico gihe apfuye. Ni ho azoheza agasubira mu gisagara ciwe, ico yari yahunze avamwo.”
7 They set apart Kedesh in Galilee, Naphtali's hills; Shechem, Ephraim's hills; and Kiriath-arba (Hebron), Judah's hills. Nuko baca bategekanya Kedeshi i Galilaya mu misozi iri mu ntara ya Nafutali, Shekemu mu misozi iri mu ntara ya Efurayimu, na Kiriyati-Araba ari co Heburoni, mu misozi iri mu ntara ya Yuda.
8 Beyond the Jordan, east of Jericho, they gave Bezer in the wilderness on the plateau from Reuben's tribe, Ramoth in Gilead from Gad's tribe, and Golan in Bashan from Manasseh's tribe. Mu buseruko bwa Yorodani ahaherereye i Yeriko, bategekanya Bezeri mu bugaragwa no mu misozi migufimigufi mu muryango wa Reyubeni, Ramoti i Gileyadi mu muryango wa Gadi, n’i Golani i Bashani mu muryango wa Manase.
9 These were the cities designated for all Israelites and foreigners living among them, so anyone who killed someone unintentionally could flee there and not die by the blood avenger's hand before standing trial before the assembly. Umwisirayeli wese canke umunyamahanga yabana n’Abisirayeli yishe umuntu atabishaka yaca ahungira muri ivyo bisagara vyateguriwe ico kugira ngo uwujejwe guhora amaraso y’umuryango ntahave amwica ataraburana imbere y’ikoraniro.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]