Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the beginning was the Word, and the Word was with our Father, and the Word was God. Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana.
2 He was in the beginning with our Father. Yari kumwe n’Imana mu ntango ya vyose.
3 All things were made through him, and without him not one thing was made that was made. Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.
4 In him was life, and the life was the light of all people. Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.
5 The light shines in the darkness, and the darkness has not overcome it. Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwashoboye kuwuzimya.
6 There came a man sent from our Father, whose name was John. Imana yatumye umuntu yitwa Yohana,
7 He came as a witness, to bear witness about the light, so that all might believe through John's witness. aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.
8 He was not the light, but came to bear witness about the light. Yohana ubwiwe si we yari uwo muco; ahubwo yaje ari icabona co gushingira intahe uwo umuco.
9 The true light, which gives light to everyone, was coming into the world. Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.
10 He was in the world. The world came into being through him, yet did not know him. Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.
11 He came to his own, and his own people did not receive him. Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.
12 But to all who received him, believing in his name, he gave the right to become children of our Father, Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.
13 children born not of blood nor of the will of flesh nor of the will of man, but of our Father. Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.
14 The Word became flesh and lived among us. We saw his glory, the glory of the one and only Son from the Father, full of grace and truth. Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege, aje ava kuri Data, yuzuye ubuntu n’ukuri.
15 John testified about him, crying out, "This is the one I meant: he who comes after me outranks me, since he existed before me." (Yohana yamushingiye intahe aho yasemerera ati: “Uwu ni we nariko mvuga igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane kuko yariho jewe ntarabaho.’ ”)
16 For from his fullness we have all received, grace upon grace. Ibinengesereye muri we, ni vyo twese twaronseko; ni ubuntu bugeretse ku bundi.
17 For the law was given through Moses; grace and truth came through Jesus Christ. Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.
18 No one has ever seen our Father; the one and only God, close beside the Father, has made him known. Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.
19 This is John's testimony, when the Jews sent priests and Levites from Jerusalem to ask him, "Who are you?" Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.
20 He confessed, and did not deny, but confessed, "I am not the Christ." Ntiyatinye kubishura, ahubwo yabivuze avyemanga ati: “Jewe sindi Kristo.”
21 So they asked him, "What then? Are you Elijah?" "I am not," he said. "Are you the Prophet?" "No," he answered. Na bo baramubaza bati: “None uri nde? Woba uri Eliya?” Na we ati: “Sindi we.” Na bo bati: “Woba uri wa muvugishwa n’Imana?” Arabishura ati: “Oya.”
22 So they asked, "Who are you? We need to give an answer to those who sent us. What do you say about yourself?" Ubwa nyuma, baravuga bati: “None uri nde? Tubwire ico tuja kwishura abadutumye. Wewe uvuga ko uri nde?”
23 He said, "I'm the voice of one crying out in the wilderness, 'Make straight the way of the Lord,' as the prophet Isaiah said." Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’”
24 Now they had been sent from the Pharisees. Mu bari barungitswe kubaza Yohana harimwo Abafarisayo.
25 They asked him, "Why baptize, then, if you're not the Christ, nor Elijah, nor the Prophet?" Nuko baca baramubaza bati: “None nimba utari Kristo, ntube Eliya, canke uwuvugishwa n’Imana, ni kuki ubatiza?”
26 John answered them, "I baptize with water, but among you stands one you do not know, Yohana arabishura ati: “Jewe mbatiza abantu mu mazi, ariko hagati muri mwebwe hahagaze umuntu mutazi.
27 even he who comes after me, whose sandal strap I am not worthy to untie." Uwo ni we aza inyuma yanje, ariko ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.”
28 These things took place in Bethany across the Jordan, where John was baptizing. Ivyo vyose vyabereye ahitwa Betaniya, hakurya y’uruzi Yorodani, aho Yohana yabatiriza.
29 The next day, seeing Jesus coming toward him, he said, "Look! The Lamb of our Father—Jesus—who takes away the sin of the world! Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.
30 This is the one I meant: 'After me comes a man who ranks before me, because he was before me.' Uwu ni we navuga, igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane, kuko yariho jewe ntarabaho.’
31 I didn't know him, but I came baptizing with water so he would be revealed to Israel." Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko icatumye nza mbatiza mu mazi, kwari ukugira ngo ahishurirwe Abisirayeli.”
32 John testified: "I saw the Holy Spirit descend from heaven like a dove and remain on him. Maze Yohana ashinga intahe avuga ati: “Nabonye Mpwemu Yera amanuka ava mw’ijuru mw’ishusho y’inuma, amugumako.
33 I didn't know him, but the one who sent me to baptize with water told me, 'The one you see the Holy Spirit come down and stay on—he is the one who baptizes with the Holy Spirit.' Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘Uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’
34 And I have seen and have borne witness that this is the Son of our Father." Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”
35 The next day John was standing again with two of his disciples, Ku musi ukurikira, Yohana yari ahagaze ha handi nyene ari kumwe na babiri mu bigishwa biwe.
36 and looking at Jesus as he walked by, he said, "Look! The Lamb of our Father!" Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”
37 The two disciples heard him say this, and they followed Jesus. Ba bigishwa biwe babiri bavyumvise, baca bakurikira Yesu.
38 Jesus turned, saw them following, and asked, "What do you seek?" They said, "Rabbi" (meaning Teacher), "where do you stay?" Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi” (bisigura “Mwigisha”), “watse indaro he?”
39 He told them, "Come and you will see." So they went and saw where he was staying, and remained with him that day—about four in the afternoon. Arabishura ati: “Nimuze muhirabire.” Aho hari nk’isaha icumi. Nuko bajana na we, babona aho yatse indaro, baca bamarana na we uwo muhingamo.
40 One of the two who heard John speak and followed Jesus was Andrew, Simon Peter's brother. Umwe muri ba bigishwa babiri bumvise ivyo Yohana yavuze bagaca bakurikira Yesu, yitwa Andereya kandi yavukana na Simoni Petero.
41 He first found his own brother Simon and told him, "We've found the Messiah" (meaning Christ). Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo).
42 He brought him to Jesus. Jesus looked at him and said, "You are Simon the son of John. You will be called Cephas" (meaning Peter). Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).
43 The next day, Jesus decided to leave for Galilee. He found Philip and said, "Follow me." Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”
44 Now Philip was from Bethsaida, the city of Andrew and Peter. Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo.
45 Philip found Nathanael and told him, "We've found the one Moses wrote of in the Law and the prophets—Jesus, son of Joseph, from Nazareth." Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu Vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”
46 Nathanael said, "Can anything good come from Nazareth?" Philip said, "Come and see." Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”
47 Jesus saw Nathanael approaching and said of him, "Look—a true Israelite, with no deceit in him!" Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri agororotse mu mutima.”
48 Nathanael asked him, "How do you know me?" Jesus answered, "Before Philip called you, while you were under the fig tree, I saw you." Natanayeli aca amubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”
49 Nathanael answered him, "Rabbi, you are the Son of our Father! You are the King of Israel!" Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”
50 Jesus answered him, "You believe because I told you I saw you under the fig tree? You'll see greater things than these." Yesu aramwishura ati: “Wizeye kubera nakubwiye ko nakubonye igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibihambaye kurusha ivyo.”
51 He told him, "Truly, truly, I say to you, you will see heaven opened, and our Father's angels ascending and descending on the Son of Man." Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]