Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 On the third day, a wedding took place in Cana of Galilee; Jesus's mother was there. Haciye imisi ibiri, haba ubukwe ahantu hitwa Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari.
2 Jesus and his disciples were also invited to the wedding. Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.
3 When the wine ran out, the mother of Jesus said to him, "They have no wine." Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: “Nta muvinyu basigaranye.”
4 "Woman, why are you bringing me into this?" Jesus replied. "My hour has not yet come." Yesu aramwishura ati: “Muvyeyi, kuki ugomba kunshira muri ivyo bintu? Igihe canje ntikirashika.”
5 His mother said to the servants, "Do whatever he tells you." Ariko Mariya abwira abakozi ati: “Ico ababwira cose mugikore.”
6 Six stone water jars stood there, used for Jewish purification, each holding twenty to thirty gallons. Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kwuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.
7 Jesus said to them, "Fill the jars with water," so they filled them to the brim. Yesu abwira abakozi ati: “Nimwuzuze izo mpange amazi.” Nuko barazuzuza gushika ku mbiga.
8 He told them, "Draw some out now, and take it to the head steward." So they did. Maze arababwira ati: “Nimudaheko mushire umuteretsi.” Na bo babikora nk’uko ababwiye.
9 The master of the banquet tasted the water now wine, not knowing its source—though the servants who drew it knew. So he called the bridegroom aside, Nuko wa muteretsi yumvirije ayo mazi yahindutse umuvinyu. Ntiyari azi uko vyagenze, ariko abakozi bayadashe bo bari babizi, aca ahamagara umukwe,
10 and said, "Everyone serves the good wine first, then the lesser once guests are drunk. But you've kept the good wine till now." amubwira ati: “Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!”
11 Jesus performed this first sign at Cana in Galilee. He revealed his glory, and his disciples believed in him. Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.
12 After this he went down to Capernaum with his mother, brothers, and disciples, and stayed there a few days. Hanyuma y’ivyo, Yesu aja i Kaperinawumu ari kumwe na nyina, na bene nyina n’abigishwa biwe, bahamara imisi mike.
13 When the Jewish Passover was near, Jesus went up to Jerusalem. Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu.
14 In the temple courts he found sellers of cattle, sheep, and doves, and others sitting at tables exchanging money. Ashitse mu rusengero, ahasanga abantu bariko baradandaza inka, intama n’inuma; n’abandi bicaye bariko baravunja amahera ku meza.
15 He made a whip of cords and drove them all out of the temple courts, sheep and cattle alike, poured out the money-changers' coins, and overturned their tables. Yesu atora imigozi arayitsiba imera nk’inkoni, yirukana abantu bose mu rusengero, asohora n’intama n’inka, asanzaza ibiceri vy’abavunja amahera, atembagariza n’imeza zabo hasi.
16 To the dove sellers he said, "Take these out of here! Don't make my Father's house a marketplace." Abariko baragurisha inuma arababwira ati: “Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!”
17 His disciples remembered that it is written: "Zeal for your house will consume me." Abigishwa biwe baca baribuka ijambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga ngo: “Ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro.”
18 So the Jews asked, "What sign will you show us for doing these things?" Abayuda baramubaza bati: “Ni ikihe kimenyetso ukora kitwereka ububasha ufise bwo gukora ibi?”
19 Jesus answered them, "Destroy this temple, and in three days I will raise it up." Yesu arabishura ati: “Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu.”
20 They replied, "This temple took forty-six years to build, and will you raise it in three days?" Na bo baramwishura bati: “Kwubaka uru rusengero vyafashe imyaka mirongo ine n’itandatu, none nawe uvuga ko worwubaka mu misi itatu?”
21 But the temple he had spoken of was his body. Ariko Yesu yavuze urusengero, ashaka kuvuga umubiri wiwe.
22 After he rose from the dead, his disciples remembered he had said this, and believed the Scripture and the word Jesus had spoken. Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.
23 While he was in Jerusalem at the Passover, many saw the signs he did and trusted in his name. Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora.
24 But Jesus would not entrust himself to them, for he knew all people. Ariko Yesu ntiyabizigira kuko yari azi imitima yabo bose.
25 He didn't need anyone's testimony about people—he knew what was in each one. Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]