Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "I am sick of my own life. I will give free rein to my complaint; I will speak out of the bitterness of my soul. Nzinutswe ubuzima bwanje; ni co gituma ncura intimba ata kwigumya, ngasesa umururazi uri mu mutima wanje.
2 I will say to God: Do not condemn me; let me know why you contend with me. Mbwire Imana nti: Ntuntsindishe, ariko niwerekane ico unyagiriza.
3 Does it please you to oppress, to despise the work of your hands while you smile on the schemes of the wicked? Mbega unezerejwe no kumpahaza, no gukengera igikorwa c’amaboko yawe, mu gihe uriko uramwenyura uraba imigambi y’abanyakibi?
4 Do you have eyes of flesh? Do you see as a mortal sees? Mbega wewe ufise amaso nk’ay’abantu, canke ubona ibintu nk’uko abantu bapfa babibona?
5 Are your days like the days of a mortal, or your years like the years of a man, Imisi yo kubaho kwawe ingana n’iy’abantu bapfa, canke imyaka yawe ingana n’iy’umuntu akomeye,
6 that you must search out my guilt and hunt down my sin, ku buryo urondera kumenya ukugabitanya kwanje, no kubona ivyaha vyanje?
7 though you know that I am not guilty, and there is no one who can rescue me from your hand? Urazi neza ko ata kibi kinyagira, kandi ko ata wushobora kunkiza ukuboko kwawe.
8 "Your hands shaped me and made me, every part of me, and now you turn and destroy me. Wambumbishije ukuboko kwawe, ni wewe muremyi wanje. Kandi ni wewe undanduye burundu.
9 Remember that you molded me like clay. Will you now return me to the dust? Ibuka ko wambumvye mw’ivu; none ugomba unsubize kuba ivu ubu nyene?
10 Did you not pour me out like milk and curdle me like cheese, Mbega ntiwambitse kurya babika amata bagomba ko avura, ukambumba kurya babumba isoro ry’amavuta?
11 clothe me with skin and flesh, and weave me together with bones and sinews? Ni wewe wanyambitse umubiri n’inyama, nyubakisha amagufa n’imitsi.
12 You granted me life and covenant love, and your care has watched over my spirit. Ni wewe wampaye ubuzima, unyereka n’urukundo rwinshi. Ukunyitaho kwawe ni kwo kwazigamye ubugingo bwanje.
13 "Yet you hid this in your heart, and I know this was your purpose: Ariko iki ni co wagize ibanga mu mutima wawe, kandi ndazi ko ibi wari ubifise mu vyiyumviro vyawe;
14 if I sinned, you would be watching me and would not clear me of my guilt. kugira ngo ninacumura, ube uriko uranyitegereza, hanyuma ntureke ngo icaha canje kigende kidahanywe.
15 If I am guilty, woe to me! And even if I am innocent, I cannot lift my head—I am so full of shame, drenched in my affliction. Ewe ndagowe nimba hari ico nagirizwa! Ariko naho noba nera, sinokwunamura umutwe, kuko nuzuye ibimaramare, kandi nyitswa n’umubabaro wanje.
16 If I hold my head high, you hunt me like a lion and again work wonders against me. Iyo nunamuye umutwe, umpiga nk’uko bahiga intare, kandi ukansukako ububasha bwawe butangaje.
17 You bring fresh witnesses against me and pour out more of your anger on me; wave after wave of trouble assaults me. Igihe cose wama uzana ivyagiriji bisha vyo kuntsindisha, ukangwizako ubushangashirwe bwawe, ibitero vyawe bikanzako nk’imipfunda yisubiriza.
18 "Why then did you bring me out of the womb? I wish I had died before any eye saw me. None ni igiki catumye unkura mu nda ya mama? Iyo mpfuma mpfa ata wurankubita ijisho.
19 I would have been as though I never existed, carried straight from the womb to the grave. Iyo mpfuma mba uwutabayeho, canke ngatwarwa mu mva nkiva mu nda ya mama.
20 Are not my days few? Turn away from me, let me alone, so I may have a moment of comfort, Mbega sinsigaje imisi mike yo kubaho? Ehe nundeke na gatoya mpumeke,
21 before I go to the place of no return, to the land of darkness and deep shadow, imbere y’uko nja iyo batagaruka, mu gihugu c’umubabaro n’umwijima mwinshi,
22 to the land of gloom like deepest night, of deep shadow and disorder, where even the light is like darkness." mu gihugu c’umwijima w’umuzitanya, umuzitanya urimwo umuvurungano, aho umuco umeze nk’umwijima.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]