Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 37 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Zedekiah son of Josiah reigned instead of Coniah son of Jehoiakim, whom Nebuchadnezzar king of Babylon made king in Judah's land. Zedekiya mwene Yosiya yimitswe na Nebukadineza umwami w’i Babiloni ngo abe umwami w’i Buyuda; atwara mu kibanza ca Yehoyakini mwene Yehoyakimu.
2 But neither he, his servants, nor the land's people heeded our Father's words spoken through Jeremiah the prophet. Yaba we, yaba abamukorera canke abantu bo mu gihugu, nta n’umwe yumviye amajambo y’Uhoraho ayo yacishije mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yeremiya.
3 King Zedekiah sent Jehucal son of Shelemiah and Zephaniah son of Maaseiah the priest to Jeremiah the prophet: "Please pray to our Father for us." Ariko umwami Zedekiya arungika Yehukali mwene Shelemiya hamwe na Zefaniya mwene Mayaseya kuri Yeremiya umuvugishwa ngo bamubwire bati: “Ndakwinginze udusengere k’Uhoraho Imana yacu.”
4 Jeremiah was still coming and going among the people; they had not yet imprisoned him. Muri ico gihe Yeremiya yarashobora kuja aho abandi bari no gutaha, kuko atari bwashirwe mw’ibohero.
5 Pharaoh's army had marched from Egypt; when the Babylonians besieging Jerusalem heard, they withdrew from Jerusalem. Ingabo za Farawo zari zasohotse ziva muri Egiputa, maze Abanyababiloni bari bugarije Yerusalemu bavyumvise, baca bava i Yerusalemu.
6 Then the word of our Father came to Jeremiah the prophet: Nuko ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya umuvugishwa riti:
7 This is what our Father of Israel says: Tell Judah's king who sent you to ask me: Pharaoh's army that marched out to help you is returning home to Egypt. “Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Bwira umwami w’i Buyuda, yakurungitse ngo unsiguze uti: Ingabo za Farawo, zaje ngo zigutabare, zizokwisubirira inyuma, muri Egiputa.
8 Then the Babylonians will return and fight this city, capture it, and burn it down. Maze Abanyababiloni bazogaruka batere iki gisagara; bazogifata mpiri bagitongoze umuriro.’ ”
9 This is what our Father says: Don't fool yourselves, saying, "The Babylonians will surely leave us"—they won't leave. Uku ni ko Uhoraho avuze ati: “Ntimwihende, ngo mwibaze muti: Turazi ko Abanyababiloni bazotureka. Ntibazobareka!
10 Even if you struck down the whole Babylonian army fighting you, and only wounded men were left in their tents, they would rise up and burn this city down. Naho mwonesha ingabo zose z’Abanyababiloni ziriko zirabatera maze hagasigara abakomeretse gusa bari mu mahema yabo, bosohoka bagatongoza iki gisagara umuriro.”
11 Now when the Babylonian army had withdrawn from Jerusalem because of Pharaoh's army, Ingabo z’Abanyababiloni zimaze kuva i Yerusalemu kubera ingabo za Farawo,
12 Jeremiah left Jerusalem for the land of Benjamin to claim his share there among the people. Yeremiya atangura kuva mu gisagara ngo aje mu ntara ya Benyamini ngo aronke umugabane wiwe w’itongo mu bantu baho.
13 At the Benjamin Gate, guard captain Irijah son of Shelemiah son of Hananiah seized Jeremiah the prophet: "You're deserting to the Babylonians!" Ariko ashitse kw’Irembo rya Benyamini, Umukuru w’Abarinzi, yitwa Iriya mwene Shelemiya, mwene Hananiya, aramufata aca avuga ati: “Uriko urahunga Abanyababiloni!”
14 Jeremiah said, "A lie! I'm not deserting to the Babylonians." But Irijah ignored him, seized Jeremiah, and took him to the officials. Yeremiya amwishura ati: “Ivyo si ukuri! Simpunze Abanyababiloni.” Ariko, Iriya ntiyamwumviriza; ahubwo, afata Yeremiya amujana ku batware.
15 The officials were angry with Jeremiah, beat him, and jailed him in the house of Jonathan the scribe, made into a prison. Bari bashavujwe na Yeremiya bituma bamukubita baca bamushira mw’ibohero mu nzu ya Yonatani umunyamabanga, iyo bari bahinduye ibohero.
16 So Jeremiah went into the vaulted cells of the dungeon, and there he remained many days. Yeremiya ashirwa mu kumba gatoya k’ibohero, aho yamaze igihe kirekire.
17 Then King Zedekiah sent for him and had him brought out. The king questioned him privately at the palace and asked, "Is there any word from our Father?" "There is," Jeremiah said. "You will be handed to the king of Babylon." Hanyuma, umwami Zedekiya aramutumako, baramumuzanira ku kirimba, maze aramubaza biherereye ati: “Mbega hari ijambo na rimwe rivuye k’Uhoraho ufise?” Yeremiya aramwishura ati: “Egome, uzotangwa mu maboko y’umwami w’i Babiloni.”
18 Jeremiah asked King Zedekiah, "How have I sinned against you, your servants, or this people, that you jailed me? Nuko Yeremiya abwira umwami Zedekiya ati: “Ni ikihe kibi nagukoreye wewe canke abatware bawe canke ubu bwoko, cotuma unshira mw’ibohero?
19 Where now are your prophets who prophesied, 'The king of Babylon won't come against you or this land'? Abavugishwa bawe bari hehe, bamwe bakuvugishwako ngo: ‘Umwami w’i Babiloni ntazogutera canke ngo ntazotera iki gihugu’?
20 Please hear me, my lord the king: let my plea reach you—don't send me back to Jonathan the scribe's house, or I'll die there." Ariko ubu, mwami wanje, ndakwinginze unyumvirize. Ndakwinginze ntunsubize muri irya nzu ya Yonatani umunyamabanga, kuko nopfirayo.”
21 King Zedekiah gave orders, and they placed Jeremiah in the guard's courtyard, giving him a loaf of bread daily from the bakers' street until the city's bread ran out. So Jeremiah stayed in the guard's courtyard. Umwami Zedekiya ategeka ko bashira Yeremiya mu rugo rw’abarinzi bakamuha umukate uvuye kw’ibarabara ry’abakora imikate uko bukeye gushika aho imikate muri ico gisagara itazoba ikiboneka. Nuko Yeremiya aguma mu rugo rw’abarinzi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]