Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 36 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In Judah's King Jehoiakim son of Josiah's fourth year, this word came to Jeremiah from our Father: Mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya ari ku ngoma i Buyuda, iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho riti:
2 "Take a scroll and write on it everything I've spoken to you against Israel, Judah, and all nations, from when I first spoke to you in Josiah's days until now. “Fata igitabu wandike muri co amajambo yose nakubwiye yerekeye Isirayeli, Yuda n’ayandi mahanga yose uhereye igihe natanguriye kuvugana nawe ku ngoma ya Yosiya kugeza n’ubu.
3 Perhaps Judah will hear all the disaster I plan to bring on them, each turning from his evil way, so I forgive their guilt and sin." Kumbure abantu b’i Buyuda nibumva ivyago vyose nateguye kubahanisha, umwe wese azohindukira ave mu nzira yiwe mbi; maze nanje nzobababarira ibibi vyabo n’icaha cabo.”
4 Jeremiah summoned Baruch son of Neriah, and Baruch wrote on a scroll, from Jeremiah's dictation, all the words our Father had spoken to him. Nuko Yeremiya ahamagara Baruki mwene Neriya, maze Yeremiya amubwira amajambo yose Uhoraho yamubwiye, Baruki na we ayandika mu gitabu.
5 Then Jeremiah instructed Baruch, "I am confined; I cannot go to the house of our Father. Maze Yeremiya abwira Baruki, ati: “Ndapfunzwe; sinshobora kuja ku Ngoro y’Uhoraho.
6 Go read from the scroll our Father's words you wrote as I dictated—read them to all the people in our Father's house on a fast day, and to the people of Judah coming from their towns. Nuko rero uze uduge uje mu Ngoro y’Uhoraho ku musi wo kwisonzesha uheze usomere abantu ivyo muri iki gitabu, amajambo yose y’Uhoraho wanditse nk’uko nakubwiye. Uze uyasomere abantu bose b’i Buyuda bazoza bavuye mu bisagara vyabo vyose.
7 Perhaps their plea for mercy will reach our Father, and each will turn from his evil way, for our Father has declared great anger against this people." Kumbure bazokwinginga Uhoraho, maze umwe wese ave mu nzira ziwe mbi, kuko ishavu n’uburake Uhoraho yavuze ko bizoza kuri ubu bwoko bihambaye cane.”
8 Baruch son of Neriah did all Jeremiah the prophet commanded him, reading our Father's words in the book, in our Father's house. Baruki mwene Neriya akora vyose nk’uko Yeremiya uwavugishwa n’Imana yabimubwiye; aja mu Ngoro y’Uhoraho ahasomera amajambo y’Uhoraho yari muri ca gitabu.
9 In the fifth year of Jehoiakim son of Josiah king of Judah, ninth month, all in Jerusalem and all who came from Judah's towns proclaimed a fast before our Father. Mu kwezi kw’icenda kw’umwaka wa gatanu Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, hashingwa igihe co kwisonzesha imbere y’Uhoraho ku bantu bose b’i Yerusalemu no ku bari baje bavuye mu bisagara vy’i Buyuda.
10 Baruch read Jeremiah's words from the scroll for all the people to hear, in the house of our Father, in the chamber of Gemariah son of Shaphan the scribe, in the upper court, at the New Gate entrance of our Father's house. Uhereye ku cumba ca Gemariya mwene Shafani umunyamabanga, cari mu rugo rwo haruguru ku muryango w’Irembo Rishasha ry’urusengero, Baruki asomera abantu bari mu Ngoro y’Uhoraho amajambo ya Yeremiya yari muri ca gitabu.
11 When Micaiah son of Gemariah, son of Shaphan, heard all our Father's words from the scroll, Igihe Mikaya mwene Gemariya, mwene Shafani, yumva ayo majambo y’Uhoraho yari muri ico gitabu,
12 he went down to the king's house, to the scribe's room, where all the officials sat: Elishama the scribe, Delaiah son of Shemaiah, Elnathan son of Achbor, Gemariah son of Shaphan, Zedekiah son of Hananiah, and all the officials. amanuka mu cumba c’umunyamabanga mu kirimba c’umwami, aho abatware bose bari bicaye: Elishama umukarani, Delaya mwene Shemaya, Elunatani mwene Akubori, Gemariya mwene Shafani, Zedekiya mwene Hananiya, n’abandi batware bose.
13 Micaiah reported all the words he heard when Baruch read from the book to the people. Mikaya amaze kubabwira ivyo yumvise vyose Baruki ariko arasomera abantu biri mu gitabu,
14 So all the officials sent Jehudi son of Nethaniah, son of Shelemiah, son of Cushi, to Baruch: "Bring the scroll you read to the people, and come." Baruch son of Neriah took it and came to them. abo batware bose batuma Yehudi mwene Netaniya, mwene Shelemiya, mwene Kushi, ngo abwire Baruki ati: “Zana ico gitabu wasomeye abantu kandi na wewe uze.” Nuko Baruki mwene Neriya aja iyo bari afise ca gitabu mu minwe.
15 They told him, "Sit and read it to us." So Baruch read it to them. Baramubwira bati: “Niwicare, turabigusavye, maze ukidusomere.” Nuko Baruki arakibasomera.
16 Hearing all the words, each turned to his neighbor in fear, saying to Baruch, "We must tell the king all these words." Bumvise ayo majambo yose, barabana mu maso bafise ubwoba maze babwira Baruki bati: “Dutegerezwa kumenyesha umwami aya majambo yose.”
17 They asked Baruch, "Tell us, how did you write all these words? At his dictation?" Nuko babaza Baruki bati: “Tubwire, ibi vyose wavyanditse gute? Mbega Yeremiya ni we yabikubwiye?”
18 Baruch answered, "He dictated all these words to me; I wrote them in the book with ink." Baruki arabishura ati: “Egome, yambwiye aya majambo yose, nanje ndayandikisha irangi muri iki gitabu.”
19 Then the officials told Baruch, "Go hide, you and Jeremiah; let no one know where you are." Maze ba baganwa babwira Baruki bati: “Wewe na Yeremiya, nimugende mwinyegeze. Ntihagire uwumenya aho mwinyegeje.”
20 So they went to the king in the court, leaving the scroll in scribe Elishama's room, and reported everything to him. Bamaze gushira ico gitabu mu cumba ca Elishama umunyamabanga, baja aho umwami yari ari mu rugo bamubwira vyose.
21 The king sent Jehudi for the scroll; he took it from the scribe Elishama's room. Jehudi read it aloud to the king and all the officials standing near him. Umwami atuma Yehudi kuzana ico gitabu, maze Yehudi arakizana agikuye mu cumba ca Elishama umunyamabanga maze agisomera umwami n’abatware bose bari bahagaze i ruhande yiwe.
22 The king sat in the winter house, in the ninth month, fire burning in the firepot before him. Hari mu kwezi kw’icenda kandi umwami yari yicaye mu nzu yo kwikingira imbeho, umuriro uriko uraka mu cotero imbere yiwe.
23 As Jehudi read three or four columns, the king cut them off with a scribe's knife, throwing them into the fire pot until the whole scroll was burned. Uko Yehudi yaba amaze gusoma uduce dutatu canke tune two mu gitabu, ni ko umwami yaja araducagagura akoresheje imbugita y’umwanditsi aduterera mu cotero, kugeza ca gitabu cose gihiye kigaherengetera.
24 But the king and all his servants who heard these words weren't afraid or tore their clothes. Umwami n’abagendanyi biwe bose bumvise ayo majambo ntibagira ubwoba, canke ngo bitaburireko impuzu.
25 Elnathan, Delaiah, and Gemariah urged the king not to burn the scroll, but he refused to listen to them. Naho Elunatani, Delaya na Gemariya binginze umwami ngo ntaturire ico gitabu, ntiyabumviye.
26 The king ordered Jerahmeel the king's son, Seraiah son of Azriel, and Shelemiah son of Abdeel to seize Baruch the scribe and Jeremiah the prophet, but our Father hid them. Ahubwo umwami yategetse Yerameyeli, umuhungu w’umwami, Seraya mwene Aziriyeli na Shelemiya mwene Abudeyeli ngo bafate Baruki umwanditsi na Yeremiya uwavugishwa n’Imana. Ariko Uhoraho yari yabanyegeje.
27 Then our Father's word came to Jeremiah after the king burned the scroll with the words Baruch wrote at Jeremiah's dictation: Umwami amaze guturira ico gitabu carimwo amajambo Baruki yari yanditse nk’uko Yeremiya yabimubwiye, ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya riti:
28 "Get another scroll and write on it all the words from the first scroll, which Jehoiakim king of Judah burned. “Fata ikindi gitabu wandike ya majambo yari muri ca gitabu ca mbere, ico umwami Yehoyakimu w’i Buyuda yaturiye.
29 About Jehoiakim king of Judah, say: This is what our Father says: You burned this scroll, asking, 'Why did you write that the king of Babylon will surely come and destroy this land, wiping out every person and animal?' Kandi ubwire Yehoyakimu umwami w’i Buyuda uti: ‘Uhoraho avuze ati: Waturiye igitabu maze urabaza uti: ni kuki wanditse muri co ko umwami w’i Babiloni ategerezwa kuza no gusambura iki gihugu akureho abantu n’ibikoko vyo muri co?
30 So our Father says of Jehoiakim king of Judah: none of his will sit on the throne of David; his corpse will be thrown out to the day's heat and the night's frost. Nuko rero, uku ni ko Uhoraho avuze ku vyerekeye Yehoyakimu umwami w’i Buyuda ngo: ntazoronka n’umwe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi; umuvyimba wiwe uzotererwa hanze uhure n’ubushuhe bw’izuba ku murango hamwe n’imbeho yo mw’ijoro.
31 I will punish him, his offspring, and his servants for their sin, bringing on them, Jerusalem's residents, and Judah's people all the disaster I declared against them—but they did not listen." Nzomuhana we n’abana biwe n’abamukomokako kubera ibibi bakoze; nzoshitsa kuri bo no ku baba i Yerusalemu n’i Buyuda ivyago vyose navuze ko nzobateza, kuko batumviye.’ ”
32 Jeremiah took another scroll, gave it to Baruch son of Neriah the scribe, who wrote at his dictation all the words of the scroll Jehoiakim king of Judah burned in the fire, plus many similar words. Nuko Yeremiya afata ikindi gitabu agiha umwanditsi Baruki mwene Neriya, maze yandika muri co amajambo yose yari muri ca gitabu umwami Yehoyakimu w’i Buyuda yaturira, uko Yeremiya yayamubwira. Kandi amajambo menshi asa nk’ayo arongerwamwo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]