Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 38 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Shephatiah son of Mattan, Gedaliah son of Pashhur, Jucal son of Shelemiah, and Pashhur son of Malchijah heard Jeremiah telling all the people: Shefatiya mwene Matani, Gedaliya mwene Pashuri, Yehukali mwene Shelemiya, na Pashuri mwene Malikiya bumva ivyo Yeremiya yariko arabwira abantu bose igihe yavuga ati:
2 "This is what our Father says: Whoever stays in this city will die by sword, famine, and plague, but whoever surrenders to the Babylonians will live and keep his life as plunder. “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Uwuzoguma muri iki gisagara wese azokwicwa n’inkota, ikigoyi canke ikiza, ariko abantu bose bazokwishikana ku Banyababiloni bazobaho. Bazokiza ubuzima bwabo, bazobaho.’
3 This is what our Father says: This city will surely be handed to the army of Babylon's king, and he will capture it." Kandi uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Iki gisagara nta kabuza kigiye gutangwa mu maboko y’ingabo z’umwami w’i Babiloni, na we azogifata.’ ”
4 The officials told the king, "Put this man to death. Such words weaken the hands of the soldiers left in this city and all the people. He seeks not their good but their harm." Maze abatware baca babwira umwami bati: “Uwu mugabo akwiye kwicwa. Ariko araca intege ingabo zisigaye mu gisagara, hamwe n’abantu, kubera ibintu ariko arababwira. Uyu mugabo ntariko ararondera ineza y’aba bantu atari ukubamara.”
5 King Zedekiah said, "Look, he is in your hands; the king can do nothing to oppose you." Umwami Zedekiya abishura ati: “Ari mu maboko yanyu, umwami nta co yokora kinyuranye n’ico mugomba.”
6 They took Jeremiah and threw him into the cistern of Malchiah the king's son, in the guard's courtyard, lowering him by ropes. It had no water, only mud, and Jeremiah sank in. Nuko bafata Yeremiya bamushira mu kinogo ca Malikiya umuhungu w’umwami, cari mu rugo rw’abarinzi. Bamanura Yeremiya n’ibiziriko muri ico kinogo; nta mazi yarimwo, atari ivyondo gusa, maze Yeremiya anyikira muri ivyo vyondo.
7 But Ebed-Melech the Cushite, a palace official, heard that they had put Jeremiah in the cistern. While the king was sitting at the Benjamin Gate, Ariko Ebedi-Meleki, Umunyakushi, umutware yakora ku kirimba i bwami, yumva ko bataye Yeremiya muri ico kinogo. Umwami acicaye mw’Irembo rya Benyamini,
8 Ebed-Melech went out from the palace and spoke to the king: Ebedi-Meleki asohoka ava mu kirimba aramubwira ati:
9 "My lord the king, these men have done evil in all they did to Jeremiah the prophet, throwing him in the cistern to die of hunger, since there's no more bread in the city." “Nyakwubahwa mwami wanje, aba bantu bakoze nabi ku vyo bakoreye Yeremiya uwuvugishwa n’Imana. Bamutereye mu kinogo c’amazi, aho azokwicwa n’inzara gushika apfuye mu gihe ata vyokurya bizoba bikiri mu gisagara.”
10 The king ordered Ebed-Melech the Cushite, "Take thirty men from here with you and lift Jeremiah the prophet from the cistern before he dies." Nuko umwami ategeka Ebedi-Meleki Umunyakushi ati: “Fata abantu mirongo itatu ubakuye ngaha mujane mukure Yeremiya uwuvugishwa muri kirya kinogo atarapfa.”
11 Ebed-Melech took the men, went to the palace, to a room under the treasury, took old rags and worn-out clothes, and let them down by ropes to Jeremiah in the cistern. Nuko Ebedi-Meleki afata abantu bajana na we baja mu cumba cari musi y’ububiko ku kirimba. Akurayo ibihuzu vy’imishire abimanuza imigozi aho Yeremiya yari muri ca kinogo.
12 Ebed-Melech the Cushite told Jeremiah, "Put these worn-out rags and clothes under your armpits, below the ropes." Jeremiah did. Ebedi-Meleki Umunyakushi abwira Yeremiya ati: “Shira ibi bihuzu vy’imishire mu kwaha kwawe ubipfundikeko ibi biziriko.” Yeremiya agira atyo,
13 They pulled Jeremiah up out of the cistern with ropes; Jeremiah stayed in the guard's courtyard. maze baca bakwega vya biziriko bamukura muri ca kinogo. Nuko Yeremiya aguma mu rugo rw’abarinzi.
14 Then King Zedekiah sent for Jeremiah the prophet and had him brought to the third entrance of our Father's house. The king said to Jeremiah, "I'll ask you something; hide nothing from me." Nuko umwami Zedekiya atumako uwavugishwa Yeremiya bamumuzanira ku muryango ugira gatatu w’Ingoro y’Uhoraho. Umwami abwira Yeremiya ati: “Ngomba nkubaze ikintu, kandi ntugire ico umpisha.”
15 Jeremiah told Zedekiah, "If I tell you, won't you kill me? And if I advise you, you won't listen." Yeremiya abwira Zedekiya ati: “Ninakwishura, ntuca unyica? Kandi naho noguha impanuro, ntiwonyumvira.”
16 King Zedekiah secretly swore to Jeremiah, "As our Father lives, who made us this life, I won't kill you or hand you to these men seeking your life." Ariko umwami Zedekiya arahira Yeremiya mu mpisho ati: “Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima, ari we yaduhaye guhumeka, sinzokwica canke ngo ndagutange ku bagomba kukwica.”
17 Jeremiah told Zedekiah, "This is what the Father of heaven's armies, the Father of Israel says: If you surrender to the king of Babylon's officials, your life will be spared, this city won't be burned with fire, and you and your household will live. Nuko Yeremiya abwira Zedekiya ati: “Uku ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Niwishikana ku bakuru b’ingabo z’umwami w’i Babiloni, ubuzima bwawe buzorokoka kandi iki gisagara ntikizotongozwa umuriro; wewe n’umuryango wawe muzobaho.
18 But if you refuse to surrender to the king of Babylon's officials, this city will be given to the Babylonians, who will burn it, and you won't escape them." Ariko nutishikana ku bakuru b’ingabo z’umwami w’i Babiloni, iki gisagara kizotangwa mu maboko y’Abanyababiloni kandi bazogitongoza umuriro; kandi nawe ubwawe ntuzocika ariko uzogwa mu maboko yabo.’ ”
19 King Zedekiah told Jeremiah, "I fear the Judeans who deserted to the Babylonians; I may be handed over for them to abuse." Umwami Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ndatinya Abayuda bamaze kwishikana ku Banyababiloni, kuko abo Banyababiloni bohava bandekurira mu maboko yabo na bo bakangirira nabi.”
20 Jeremiah said, "They won't hand you over. Obey our Father's voice as I tell you, so it goes well and your life is spared. Yeremiya amwishura ati: “Ntibazogutanga. Niwumvire Uhoraho ku vyo ndakubwiye, ni ho ivyawe bizogenda neza, ugakiza ubuzima bwawe.
21 But if you refuse to surrender, this is the word that our Father has shown me: Ariko niwanka kwishikana, ibi ni vyo Uhoraho yampishuriye:
22 "Look! All the women left in the palace of Judah's king will be brought out to the officials of Babylon's king, and they'll say: 'Your trusted friends misled and overpowered you; your feet sank in the mud, and they have turned their backs on you.'" Abagore bose basigaye mu kirimba c’umwami w’i Buyuda bazosohorwa bahabwe abatware b’umwami w’i Babiloni. Maze abo bagore bazokubwira bati: ‘Baraguhenze kandi barakunesheje, abari abagenzi bawe bizigiwe. Ibirenge vyawe biranyitse mu vyondo; abagenzi bawe bose bagutaye.’
23 "All your wives and children will be taken to the Babylonians, and you will not escape their hand but be seized by Babylon's king, and this city burned with fire." Abagore bawe bose n’abana bawe bazosohorwa bahabwe Abanyababiloni. Nawe ubwawe ntuzokira amaboko yabo ariko uzofatwa n’umwami w’i Babiloni; kandi iki gisagara kizotongorwa n’umuriro.”
24 Then Zedekiah said to Jeremiah, "Let no one know about this conversation, or you may die. Nuko Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ntubwire umuntu n’umwe ivyo tuvuganye, kuko ubikoze wopfa.
25 If the officials hear I spoke with you and come saying, 'Tell us what you said to the king and what he said to you; hide nothing from us, or we will put you to death,' Abatware nibumva ko navuganye nawe, maze bakaza kukubaza bati: ‘Tubwire ivyo wabwiye umwami n’ivyo umwami yakubwiye; kandi ntuduhishe canke na ho tukwice,’
26 then tell them, 'I was begging the king not to send me back to Jonathan's house to die.'" uze ubabwire uti: ‘Nariko ndinginga umwami ngo ntansubize mu nzu kwa Yonatani gupfirayo.’ ”
27 All the officials came and questioned Jeremiah, and he answered exactly as the king had ordered. So they stopped, for the conversation had not been overheard. Abaganwa bose baca baja kuraba Yeremiya baramubazagiza, na we ababwira ivyo umwami yari yamutegetse vyose kuvuga. Nuko ntibasubira kugira ico bamubaza, kuko ata n’umwe yari yumvise ivyo bavuganye n’umwami.
28 Jeremiah stayed in the guard's courtyard until the day Jerusalem was captured. And this was the situation when Jerusalem fell. Maze Yeremiya aguma mu rugo rw’abarinzi gushika ku musi Yerusalemu hafatiweko. Uku ni ko i Yerusalemu hafashwe:
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]