Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 You are righteous, my Father, whenever I bring my case before you; yet I want to speak with you about your judgments. Why does the way of the wicked prosper? Why do all the treacherous live at ease? Yewe Uhoraho, ibihe vyose uragororotse, igihe ndakuzaniye urubanza. Ariko nagomba mvugane nawe ku vy’ubutungane: Ni kuki abanyakibi batera imbere? Ni kuki abatizera biberaho neza?
2 You planted them, and they took root; they grow and bear fruit. You are near in their mouths but far from their hearts. Warabateye, bashora imizi; barakura bama ivyamwa. Bakwamana mu kanwa kabo mugabo uri kure y’imitima yabo.
3 But you, my Father, know me; you see me, and you test my heart toward you. Drag them off like sheep for the slaughter, and set them aside for the day of slaughter. Ariko jeho uranzi, yewe Uhoraho; urambona kandi uzi n’ivyiyumviro nkwiyumvirako. Nubatware nk’intama zigiye kubagwa! Ubabikire umusi wo gusogotwa!
4 How long will the land mourn and the grass of every field wither? Because of the evil of those who live in it, the animals and the birds are swept away—for the people say, "He will not see what becomes of us." Igihugu kizogeza ryari kugandara n’ivyatsi ku misozi kwama bikabiranye? Kuko ababa muri co ari abanyakibi, ibikoko n’ibiguruka vyahonye. Vyongeye, abantu bavuga bati: “Ntazobona ibiriko biradushikako.”
5 If you have raced with runners on foot and they have worn you out, how then will you compete with horses? If you stumble in a peaceful land, how will you do in the thickets of the Jordan? “Nimba wasiganywe n’abiruka n’amaguru kandi bakakuruhisha, woshobora ute gusiganwa n’amafarasi? Ko utsitara mu gihugu kirimwo impore, uzobigenza gute igihe Yorodani ruzoba rwarenze inkombe?
6 For even your brothers and your father's house—even they have betrayed you; even they have cried out loudly against you. Do not trust them, though they speak kind words to you. Abavukanyi bawe, umuryango wawe bwite, na bo nyene baguhemukiye; baguhagurukiye ngo bakugwanye. Ntubizigire, naho bakuvuga neza.
7 I have forsaken my house, I have abandoned my heritage; I have given the beloved of my heart into the hands of her enemies. Nzoheba inzu yanje, nzoreka n’iragi ryanje; nzotanga umwe nkunda mu maboko y’abansi biwe.
8 My heritage has become to me like a lion in the forest; she has roared against me, and so I have turned against her. Iragi ryanje ryampindukiye nk’intare mw’ishamba. Riraroha rimbonye; ni co gituma ndaryanka.
9 Is my heritage a speckled bird of prey to me, with birds of prey circling against her on every side? Go, gather all the wild animals; bring them to devour. Mbega iragi ryanje ntiryambereye nk’igisiga c’amero gifise amabara menshi ibindi bisiga vy’amero bikikuza ngo bikirye? Genda mukoranye ibikoko vyose vyo mw’ishamba; mubizane kugira ngo bishihagure amazimano.
10 Many shepherds have ruined my vineyard; they have trampled my portion underfoot; they have turned my pleasant portion into a desolate wilderness. Abungere benshi bazohonyanga uruzabibu rwanje kandi bazohonyanga umurima wanje; bazohindura umurima wanje nakunda ahantu h’ubugaragwa bw’agahinga.
11 They have made it a desolation; desolate, it mourns before me. The whole land is laid waste, but no one takes it to heart. Hazohindurwa agahinga, ahantu hahebwe kandi h’ubugaragwa imbere yanje; igihugu cose kizoba ubugaragwa kuko ata n’umwe abibabaye.
12 Over all the bare heights in the wilderness the destroyers have come, for my sword devours from one end of the land to the other; no one is safe. Ku dutwe twose tw’imisozi yose yo mu bugaragwa abasambura ni ho bazoca, kuko inkota y’Uhoraho izoririka kuva ku mpera y’igihugu gushika ku yindi; nta n’umwe azokira.
13 They have sown wheat but reaped thorns; they have worn themselves out for nothing. Be ashamed of your harvests, because of my burning anger. Bazobiba ingano ariko bimbure amahwa; bazotama cane ariko ntihagire ico bunguka. Bazomaramazwe n’ivyo bimbuye ku bw’uburake bw’inkazi bw’Uhoraho.”
14 This is what our Father says: About all my evil neighbors seizing the inheritance I gave my people Israel—I will uproot them from their land, and uproot Judah's house from among them. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Ku babanyi banje babi bafashe ishamvu nahaye abantu banje b’Abisirayeli, nzobarandura ndabakure mu bihugu vyabo ndandure n’inzu ya Yuda ndayikure hagati muri bo.
15 After uprooting them, I will return, show them compassion, and bring each back to his inheritance, each to his land. Ariko ninamara kubarandura, nzosubira ndabagirire imbabazi ngarukane umwe wese wo muri bo mw’ishamvu yiwe no mu gihugu ciwe bwite.
16 If they truly learn my people's ways—swear by my name, 'As surely as your Father lives,' as they taught my people to swear by Baal—they'll be built among my people. Kandi nibiga neza inzira z’abantu banje bakarahira mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ naho babanje kwigisha abantu banje ngo barahire mw’izina rya Bayali, nuko bazoronka ikibanza mu bantu banje.
17 But any nation that will not listen, I will completely uproot and destroy, declares your Father. Ariko nihagira ihanga na rimwe ritumvira, nzorirandura rwose kandi ndariherengeteze,” ni ko Uhoraho avuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]