Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is what our Father said to me: "Go, buy yourself a linen loincloth, put it around your waist, but do not let it touch water." Uku ni ko Uhoraho yambwiye, ati: “Genda ugure umukanda wera derere maze uwambare mu rukenyerero, ariko ntihagire amazi awukorako.”
2 So I bought the loincloth, as our Father had spoken, and put it around my waist. Nuko ngura umukanda, nk’uko Uhoraho yari yabintegetse, ndawukenyera mu rukenyerero.
3 Then the word of our Father came to me a second time: Maze Uhoraho aza aho ndi ubwa kabiri, ati:
4 "Take the loincloth you bought, the one at your waist, get up, go to the Euphrates, and hide it in a crevice of the rock." “Twara uwo mukanda waguze kandi ukenyeje, maze ugende uwunyegeze i Perati mu mugaga wo mu bitandara.”
5 So I went and hid it by the Euphrates, as our Father had commanded me. Nuko ndagenda ndawunyegeza hafi ya Perati, nk’uko Uhoraho yari yabimbwiye.
6 After many days our Father told me, "Get up, go to the Euphrates, and get the loincloth I told you to hide there." Hashize imisi Uhoraho arambwira ati: “Ubu na ho genda i Perati maze uzane wa mukanda nakubwira ngo ugende unyegezeyo.”
7 So I went to the Euphrates, dug up the loincloth, and took it from where I'd hidden it. But it was ruined, useless. Nuko nja i Perati nzura wa mukanda ndawukura aho nari narawunyegeje, ariko wari wononekaye rwose ata woshobora kuwukoresha.
8 Then the word of our Father came to me: Maze Uhoraho ambwira ijambo ati:
9 "This is what our Father says: So I will ruin Judah's pride and Jerusalem's great pride. “Uko uwo mukanda umeze, ni ko Uhoraho avuze: ‘Uko ni ko nzokwonona ubwibone bwa Yuda n’ubwibone buhambaye bwa Yerusalemu.
10 This evil people, refusing to hear my words, following their stubborn hearts, chasing other gods to serve and bow to them, will be like this loincloth—useless. Abo banyakibi, banka kwumva amajambo yanje, bagakurikira ugukomantara kw’imitima yabo kandi bagakurikira izindi mana ngo bazisabe bongere bazisenge, bazoba nk’uwu mukanda, ata co ugishoboye kumara!
11 As a loincloth clings to a man's waist, so I made all Israel and all Judah cling to me, declares our Father, to be my people, renown, praise, and glory—but they would not listen. Kuko, nk’uko umukanda bawukenyera mu rukenyerero, ni ko nakenyeye inzu yose ya Isirayeli n’inzu yose ya Yuda,’ ni ko Uhoraho avuze, kugira ngo babe abantu banje, bitirirwe izina ryanje, maze bampimbaze kandi bampe icubahiro. Ariko ntibanyumviye.
12 "So tell them: the Father of Israel says: Every jar is to be filled with wine. They'll answer, 'Don't we know every jar is to be filled with wine?' Uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: Umukuza wose w’urusato ukwiye kwuzuzwa umuvinyu. Kandi nibakubwira bati: None ntitubizi ko umukuza wose ukwiye kwuzuzwa umuvinyu?’
13 Then tell them: This is what our Father says: I am about to fill everyone in this land—the kings on David's throne, the priests, the prophets, and all in Jerusalem—with drunkenness. Uzoce ubabwira uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ngiye kuzokwuzuza akaborerwe abantu bose baba muri iki gihugu, harimwo n’abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, abaherezi, abavugishwa, n’abantu bose baba i Yerusalemu.
14 I'll smash them against each other, parents and children alike, declares our Father. No pity, no sparing, no mercy will stop me from destroying them." Nzobamenagura umwe wese kuri mugenziwe, abavyeyi n’abana co kimwe, ni ko Uhoraho avuze. Nta kagongwe nzogira canke imbabazi canke ikibabarwe ngo bimbuze kubaherengeteza.’ ”
15 Listen and pay attention; do not be proud, for our Father has spoken. Nimwumve kandi muntege amatwi, ntimugire ubwibone, kuko Uhoraho aravuze.
16 Give glory to your Father before he brings darkness, before your feet stumble on the darkening mountains; you will hope for light, but he will turn it into deep gloom and make it total darkness. Nimuhe Uhoraho Imana yanyu icubahiro atarazana umwijima, ibirenge vyanyu bigatsitara ku misozi kuko iri mu mwijima. Mwizigira umuco, ariko azowuhindura umwijima w’umuzitanya kandi azowuhindura nk’igicu gitwaye isegenya.
17 But if you will not listen, I will weep in secret because of your pride; my eyes will weep bitterly and stream with tears, because our Father's flock has been taken captive. Ariko nimutanyumvira, nzoririra mu mpisho kubera ubwibone bwanyu; amaso yanje azorira abogoze, amosozi acundugute, kuko umukuku w’Uhoraho uzoba utwawe kw’inyagano.
18 Say to the king and to the queen mother: Humble yourselves and sit down, for your glorious crown has fallen from your head. Bwira umwami n’umugabekazi uti: “Nimuve ku ntebe zanyu z’ubwami, kuko ingori z’ubwiza zizokoroka zive ku mitwe yanyu.
19 The cities of the Negev are shut up, with no one to open them. All Judah is carried into exile, carried away completely. Ibisagara vy’i Negebu bizokwugarwa, kandi ntihazoboneka uwo kuvyugurura. Abayuda bose bazojanwa ari inyagano, bazojanwa bose nta wuzosigara.
20 Look up and see those who are coming from the north. Where is the flock that was given to you, your beautiful flock? Nimwunamure amaso yanyu murabe abaje bava mu buraruko. Mbega umukuku bakuragije uri he, intama wari wishimiye?
21 What will you say when our Father appoints those you yourself trained as your allies to be your rulers? Will not pains grip you like a woman in labor? Mbega uzovuga iki Uhoraho niyatuma abo wimenyereje ko ari abakunzi bawe bagutegeka? Mbega ntuzofatwa n’uburibwe nk’ubw’umugore afashwe n’ibise?
22 And if you ask yourself, "Why have these things happened to me?"—it is because of the greatness of your guilt that your skirts have been stripped off and you have been violated. Kandi niwibaza uti: ‘Ni kuki ibi vyanshikiye?’ Ni kubera ivyaha vyawe vyinshi vyatumye uduhuzu twawe tugutabagurikirako n’umubiri wawe ukaba warakubaguwe.
23 Can an Ethiopian change his skin, or a leopard its spots? Then you also could do good—you who are trained to do evil. Mbega Abanyetiyopiya bohindura urukoba rwabo canke ingwe yohindura amabara yayo? Ni ko na wewe utoshobora gukora ivyiza kuko wamenyereye gukora ibibi.
24 I will scatter you like chaff that the desert wind blows away. Nzobasanzaza nk’umuguruka utwarwa mu bugaragwa n’umuyaga.
25 This is your lot, the portion I have measured out to you, declares our Father, because you have forgotten me and trusted in lies. Uyu ni wo mugabane wawe, umugabane nakugereye,” ni ko Uhoraho avuze, “kuko wanyibagiye ukizigira imana z’ibinyoma.
26 "So I myself will pull your skirts up over your face, and your shame will be seen. Nzoduza agahuzu kawe gashike mu maso yawe kugira ngo umaramare,
27 Your adulteries, your lustful neighings, your shameless prostitution—on the hills and in the open field I have seen your detestable acts. Woe to you, Jerusalem! How long until you are made clean?" Narabonye ubusambanyi bwawe n’ivyipfuzo vyawe, n’ubumaraya bwawe buteye isoni! Narabonye ibikorwa vyawe vyo kwankwa urunuka, ivyo wakoreye ku mirambi no ku misozi. Uragowe, Yewe Yerusalemu! Mbega uzogeza ryari kuba uwuhumanye?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]