Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The words of Jeremiah son of Hilkiah, one of the priests at Anathoth in Benjamin's land. Aya ni amajambo ya Yeremiya mwene Hilukiya, umwe mu baherezi baba ahantu hitwa Anatoti mu ntara ya Benyamini.
2 The word of our Father came to him in the days of Josiah son of Amon, king of Judah, in the thirteenth year of his reign. Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri we mu mwaka ugira cumi na gatatu Yosiya mwene Amoni umwami w’i Buyuda ari ku ngoma,
3 It also came in the days of Jehoiakim son of Josiah, king of Judah, through the eleventh year of Zedekiah son of Josiah, king of Judah, until Jerusalem's exile in the fifth month. no ku ngoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda. Ryongeye gutumwa kuri we mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, kandi ico gihe ni ho abantu b’i Yerusalemu batwarwa ari inyagano mu mahanga.
4 The word of our Father came to me, saying: Ijambo ry’Uhoraho ryanjeko, riti:
5 "Before I formed you in the womb I knew you, and before you were born I set you apart; I appointed you a prophet to the nations." “Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, n’imbere y’uko uvuka nari naramaze kukurobanura; naguhisemwo ngo ube umuvugishwa wanje ku mahanga.”
6 I said, "Ah, Sovereign Father! I don't know how to speak, for I'm only a boy." Ndavuga nti: “Ewe Uhoraho Nyeninganji, jewe sinzi kuvuga, kandi ndacari muto.”
7 But our Father said to me, "Don't say, 'I'm only a youth,' for you'll go wherever I send you and speak whatever I command. Ariko Uhoraho arambwira ati: “Reka kuvuga uti: ‘Ndacari muto.’ Uzoja ku wo nzogutumako umubwire ico nzogutuma cose.
8 Do not be afraid of them, for I am with you to deliver you, declares the Father." Ntuze ubatinye, kuko ndi kumwe nawe kandi nzogutabara,” ni jewe Uhoraho mbivuze.
9 Then our Father reached out his hand, touched my mouth, and our Father told me, "Look, I've put my words in your mouth. Maze Uhoraho azana ukuboko kwiwe ankora ku munwa ambwira ati: “Ehe, nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.
10 See, I have set you this day over the nations and over the kingdoms, to uproot and to tear down, to destroy and to overthrow, to build and to plant." Ehe, uwu musi ndagutumye ku mahanga no ku bwami kurandura no gusambura, gutikiza no gusangangura, kwubaka no guteragira.”
11 The word of our Father came to me: "What do you see, Jeremiah?" I said, "I see an almond branch." Hanyuma Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako riti: “Ubona iki, ga Yeremiya?” Ndishura nti: “Mbona ishami ry’igiti ca alumonde.”
12 Then our Father said to me, "You have seen rightly, for I watch over my word to fulfill it." Uhoraho arambwira ati: “Ivyo ubonye ni vyo, kuko nteramira ijambo ryanje kugira ngo mbone ko rishitse.”
13 The word of our Father reached me a second time: "What do you see?" I said, "A boiling pot, facing away from north." Ijambo ry’Uhoraho rinzako kandi riti: “Ubona iki?” Ndishura nti: “Mbona inkono iriko irabira, iri ku ruhande rwo mu buraruko.”
14 And our Father said to me, "Out of the north, disaster will break loose on all who live in the land. Uhoraho ambwira ati: “Ivyago bizoza bivuye mu buraruko bije ku baba muri iki gihugu bose.
15 I'm about to summon all the northern kingdoms' clans, declares the Father; they'll come, each setting his throne at the entrance to Jerusalem's gates, against all her surrounding walls and all Judah's cities. Ngira mpamagare amahanga yose y’abami bo mu buraruko,” ni ko Uhoraho avuze. “Abami baho bazoza bashinge intebe zabo z’ubwami ku marembo y’i Yerusalemu; bazoza kugwanya inzitiro zihakikije zose n’ibisagara vy’i Buyuda vyose.
16 And I will pronounce my judgments against them for all their evil in forsaking me, in burning offerings to other gods and bowing down to idols they made with their own hands." Nzocira imanza abantu banje kubera ububi bwabo berekanye mu kumpeba, bagaturirira ibimota neza izindi mana kandi bagasenga ivyabajwe n’amaboko yabo.”
17 "Now get ready, stand and tell them all I command you. Don't break down before them, or I will break you before them. “None rero, wewe niwitegure! Va hasi ubabwire ivyo nzogutegeka vyose. Ntuze uterwe ubwoba na bo, kugira ngo sinze ndaguteze ubwoba imbere yabo.
18 Look, today I make you a fortified city, iron pillar, bronze walls against the whole land: Judah's kings, officials, priests, and its people. Uyu musi ndaguhinduye igisagara kizitijwe inzitiro, inkingi y’icuma n’uruhome rw’umwakaka ngo uhagarare uhange iki gihugu cose; uhange abami b’i Buyuda, abaganwa baho, abaherezi baho n’abantu bo mu gihugu.
19 They will fight you but not overcome you; I am with you to rescue you, declares the Father." Bazokugwanya ariko ntibazogutsinda, kuko ndi kumwe nawe ngo ngutabare,” ni ko Uhoraho avuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]