Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 66 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is what our Father says: "Heaven is my throne, and the earth is my footstool. Where, then, is the house you would build for me? And where is the place of my rest? Uku ni ko Uhoraho avuze: “Ijuru ni intebe yanje y’ubwami, isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje. Mbega mwonyubakira inzu nyabaki? Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?
2 My hand has made all these things, and so they all came into being, declares our Father. But this is the one to whom I will look: the one who is humble and contrite in spirit, and who trembles at my word. Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose hanyuma bikabaho?” ni ko Uhoraho abaza. “Ariko abo ndaba ryiza ni abicisha bugufi, bafise imitima imenetse, kandi bahindira agashitsi ijambo ryanje.
3 But whoever slaughters an ox is like one who kills a man; whoever sacrifices a lamb, like one who breaks a dog's neck; whoever offers a grain offering, like one who presents pig's blood; whoever burns frankincense, like one who blesses an idol. They have chosen their own ways, and their soul delights in their abominations. Ariko uwutanga ikimazi c’impfizi uko abibonye, ameze nk’uwica umuntu, kandi uwushikana umwagazi w’intama uko abibonye angana n’uwubaga imbwa, n’uwutanga amashikanwa y’ifu uko abibonye ameze nk’uwushikana amaraso y’ingurube, nayo uwuturira ibimota neza uko abibonye, ameze nk’uwusenga ikigirwamana. Bahisemwo inzira zabo, imitima yabo inezerererwa ibizira.
4 So I also will choose harsh treatment for them and bring their dread upon them, because when I called, no one answered; when I spoke, they did not listen. They did what was evil in my eyes and chose what does not please me." Ni co gituma nzobarungikira ivyago bikomeye, ivyo batinya cane. Kuko igihe nahamagara, ntibitavye n’igihe navuga, ntibanyumvirije. Bakoreye ibibi mu maso yanje, bahitamwo ibitampimbara.”
5 Hear the word of our Father, you who tremble at his word: "Your own brothers who hate you and cast you out for my name's sake have said, 'Let our Father be glorified, that we may see your joy'—but it is they who will be put to shame." Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindira agashitsi ijambo ryiwe: Benewanyu babanka, bakabakumira, bakabakumira kubera izina ryanje, bavuze bati: “Uhoraho nashimagizwe, kugira ngo tubone umunezero wanyu!” Ariko bazokwicwa n’isoni.
6 A sound of uproar from the city! A voice from the temple! It is the voice of our Father, repaying his enemies what they have done! Nimwumve urwamo rw’umuvurungano ruri mu gisagara, nimwumve iyo nduru iri mu Ngoro! Ni urwamo rw’Uhoraho, ariko arishura abansi biwe ibihwanye n’ivyo bakoze.
7 Before she was in labor, she gave birth; before her pain came upon her, she delivered a son. “Imbere yo gutera ibise, Yerusalemu haravyaye; imbere y’imibabaro, havyaye umwana w’umuhungu.
8 Who has ever heard of such a thing? Who has ever seen such things? Can a land be born in a single day? Can a nation be brought forth in a moment? Yet no sooner was Zion in labor than she brought forth her children. Ni nde yari bwavyumve? Ni nde yari bwabibone? Mbega igihugu covuka ku musi umwe, canke ihanga ryovyarirwa icarimwe? Ariko igihe co gutera ibise nicahera, Siyoni hazoba hamaze kwibaruka.
9 "Will I bring to the moment of birth and not deliver?" says our Father. "Will I who deliver shut the womb?" says your Father. Mbega nzoshitsa umugore ku mwanya wo kuvyara, hanyuma sindamureke ngo avyare?” ni ko Uhoraho abaza. “Mbega ndapfunga inda y’umuvyeyi hageze ko avyara?” ni ko Imana yawe ibaza.
10 Rejoice with Jerusalem and be glad for her, all you who love her; rejoice with her in joy, all you who mourn over her, “Nezeranwa na Yerusalemu mwongere muhahimbarirwe, yemwe abahakunda mwese; munezeranwe na ho cane yemwe abaharirira.
11 that you may nurse and be satisfied at her comforting breast, that you may drink deeply and delight in her overflowing glory. Kuko muzokwonka muhage, amabere yaho abahumuriza. Muzokwonka cane, mwongere munezererwe ubwiza bwaho buhebuje.”
12 For this is what our Father says: "I will extend peace to her like a river, and the glory of the nations like an overflowing stream; you will nurse and be carried on her hip and bounced upon her knees. Kuko uku ari ko Uhoraho avuze: “Nzohasesekazako amahoro atemba nk’uruzi, n’ubutunzi bw’amahanga butemba nk’imigende; muzokwonka, murerurwe mu maboko yaho, habasimbagize ku bibero.
13 As a mother comforts her child, so I will comfort you; and you will be comforted over Jerusalem." Nk’uko umuvyeyi ahumuriza umwana wiwe, ni ko nanje nzobahumuriza, namwe muzohumuririzwa i Yerusalemu.
14 When you see this, your heart will rejoice, and your bones will flourish like new grass; the hand of our Father will be made known to his servants, but his fury to his enemies. Ivyo nimwabibona muzonezerwa, kandi muzototahara nk’ubwatsi. Abasavyi b’Uhoraho bose bazobona ukuboko kwiwe, ariko abansi biwe bazobona uburake bwiwe.
15 For look—our Father will come with fire, and his chariots like the whirlwind, to unleash his anger with fury and his rebuke with flames of fire. Ehe raba Uhoraho aje afise umuriro, kandi imikogote yiwe ije nk’igihuhusi; azomanukana uburake bwiwe n’umujinya mwinshi, igihano ciwe kizanane n’imbeya z’umuriro.
16 For with fire and with his sword our Father will execute judgment on all flesh, and those slain by our Father will be many. Kuko Uhoraho azozana umuriro n’inkota, acire urubanza abantu bose, kandi abazotikizwa na we ni benshi.
17 "Those who consecrate and purify themselves to enter the gardens, following one in the midst, eating the flesh of pigs and vermin and mice, will come to an end together, declares our Father. Abiyeza bakitunganiriza kwinjira mu mashamba, bakagira imisi mikuru barya ingurube n’imbeba, hamwe n’ibindi bizira, bose bazohonera rimwe,” ni ko Uhoraho avuze.
18 "For I know their deeds and thoughts. The time comes to gather all nations and tongues; they will come and see my glory. “Nanje ndazi ibikorwa vyabo n’ivyiyumviro vyabo, kandi ngiye kuza negeranye amahanga yose n’indimi zose, na yo azoza abone ubwiza bwanje.
19 "I will set a sign among them and send survivors to the nations—Tarshish, Pul, Lud (who draw the bow), Tubal, Javan, and distant coastlands that never heard of me or saw my glory. They will declare my glory among the nations. Nzoshira ikimenyetso muri bo, kandi nzorungika bamwe mu bazoba bacitse kw’icumu mu mahanga; i Tarushishi, muri Libiya n’i Ludi mu bazi kugwanisha imiheto, i Tubali no mu Bugiriki, no mu mazinga ya kure, aho bataramenya izina ryanje canke ngo babone ubwiza bwanje. Bazokwerekana ubwiza bwanje mu mahanga.
20 They will bring all your brothers from every nation as an offering to our Father—on horses, in chariots and wagons, on mules and camels—to my holy mountain Jerusalem, says he, as Israel brings a grain offering in a clean vessel to the house of our Father. Bazozana ubwoko bwanyu, babakuye mu mahanga, babazane ku musozi wanje wera Yerusalemu, baze nk’ishikanwa ry’Uhoraho, baje ku mafarasi, mu mikogote no mu bikwegana, ku nyumbu no ku ngamiya,” ni ko Uhoraho avuze. “Bazobazana, nk’uko Abisirayeli bazana amashikanwa yabo mu Ngoro y’Uhoraho, bayazanye mu bikoresho bimeze neza.
21 And some of them I will take to be priests and Levites, says our Father. Nzobatoranyamwo bamwe ndabagire abaherezi n’Abalewi,” ni ko Uhoraho avuze.
22 "For just as the new heavens and the new earth that I make will endure before me, declares our Father, so will your offspring and your name endure. “Nk’uko ijuru rishasha n’isi nshasha nzorema bizokwamaho, ni ko izina ryanyu n’uruvyaro rwanyu bizoramba,” ni ko Uhoraho avuze.
23 From new moon to new moon, and from Sabbath to Sabbath, all flesh will come to worship before me, says our Father. “Kuva mu mboneko z’ukwezi kumwe gushika mu z’ukundi, no kuva kw’Isabato kugeza ku yindi, abantu bose bazoza bampfukamire,” ni ko Uhoraho avuze.
24 "And they will go out and look on the corpses of those who rebelled against me; for their worm will not die, and their fire will not be quenched, and they will be a horror to all flesh." “Bazosohoka baje kuraba imivyimba y’abangararije; inyo zabo ntizizopfa, kandi umuriro wabo ntuzozima, kandi bazotera ishishi abantu bose.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]