Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 49 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jacob called his sons and said, "Gather, so I can tell you what will happen to you in the days ahead. Nuko Yakobo akoranya abahungu biwe aravuga ati: “Nimukoranire i ruhande yanje kugira ngo ndababwire ibizobashikira mu misi igiye kuza.
2 Assemble and listen, sons of Jacob; listen to Israel your father. Nimwegere hafi mwumvirize, bahungu ba Yakobo; nimwumvirize so Isirayeli.
3 Reuben, you are my firstborn, my might and the firstfruits of my strength, excelling in dignity and excelling in power. Reyubeni, ni wewe mfura yanje, inkomezi zanje, umwana wo mu buto bwanje, urusha abandi iteka n’inkomezi.
4 Unstable as water, you will not excel, because you went up to your father's bed; then you defiled it—he went up to my couch. Umeze nk’amazi atagira uburagamo, ariko ntukibaye uwa mbere, kuko wuriye uburiri bwa so, ugahumanya aho ndyama.
5 Simeon and Levi are brothers; weapons of violence are their swords. Simeyoni na Lewi baravukana; ibigwanisho vyabo ni ivyo gukora ibara.
6 May I never enter their council; may my honor not be joined to their assembly. For in their anger they killed men, and in their willfulness they hamstrung oxen. Sinze nigere nja mu nama zabo, canke ngo nje aho bakoraniye, kuko bishe abantu kubera ishavu, banezerezwa no gukomeretsa impfizi.
7 Cursed be their anger, for it is fierce, and their wrath, for it is cruel! I will divide them throughout Jacob and scatter them throughout Israel. Ishavu ryabo rirakavumwa, kuko ni iry’inkazi; kandi ugushangashirwa kwabo ni ukw’abicanyi. Nzobashwiragiriza mu ruvyaro rwa Yakobo, ndabasabagirize muri Isirayeli.
8 Judah, your brothers will praise you; your hand will be on the neck of your enemies; your father's sons will bow down before you. Yuda, bene so bazogushimagiza; kandi ukuboko kwawe kuzofata abansi bawe kw’izosi; abahungu ba so bazokwunamira.
9 Judah is a lion's cub; from the prey, my son, you have come back. He stooped down; he crouched as a lion and as a lioness—who dares rouse him? Yuda, mwana wanje, uri intambwe ikiri nto; igarutse ihejeje kurya ico yishe. Aravyuka, akicara nk’intambwe, nk’intambwe y’ingore, ni nde yoyitegeka kuvyuka?
10 The scepter will not depart from Judah, nor the ruler's staff from between his feet, until he comes to whom it belongs, and to him will be the obedience of the peoples. Icumu ry’ubugabe ntirizova mu muryango wa Yuda, kandi inkoni yo kuganza ntizova mu ruvyaro rwiwe kugeza aho nyeneyo azozira, uwo ni we amahanga yose azokwumvira.
11 Binding his foal to the vine and his donkey's colt to the choice vine, he has washed his garments in wine and his robes in the blood of grapes. Azozirika indogoba yiwe ku muzabibu, inyana y’indogoba yiwe ayizirike ku muzabibu uruta iyindi; azomesa impuzu ziwe mu muvinyu, amakanzu yiwe ayamese mu maraso y’inzabibu.
12 His eyes are darker than wine, and his teeth whiter than milk. Amaso yiwe azokwakaka kubera umuvinyu, amenyo yiwe yere kurusha amata.
13 Zebulun will dwell at the shore of the sea; he will become a haven for ships, and his border will be at Sidon. Zebuloni azoba ku nkengera z’ibiyaga, acike ikivuko c’amato; imbibe ziwe zizoshika i Sidoni.
14 Issachar is a strong donkey, crouching between the sheepfolds. Isakari ni indogoba ikomeye cane iryamye hagati y’impongore zibiri z’intama.
15 He saw that a resting place was good and that the land was pleasant, so he bent his shoulder to the load and became a servant at forced labor. Abonye ingene ikibanza ciwe co kuruhukiramwo ari ciza, n’ingene itongo ryiwe ari ryiza, azotega ibitugu vyiwe vyikorere imitwaro, akore ibikorwa vy’ubugurano.
16 Dan will judge his people as one of the tribes of Israel. Dani azotunganiriza abantu biwe, nk’umwe mu miryango ya Isirayeli.
17 Dan will be a serpent in the road, a viper by the path, that bites the horse's heels so that his rider falls backward. Dani azomera nk’inzoka i ruhande y’ibarabara, nk’inkoma i ruhande y’inzira ikomora amaguru y’ifarasi kugira ngo uwuyigenderako agwe agaramye.
18 I wait for your salvation, my Father. Uhoraho, nditeze agakiza kawe!
19 Gad—raiders will raid him, but he will raid at their heels. Gadi azoterwa n’umugwi w’abambuzi, ariko azobivuna abatere bariko barahunga.
20 Asher's food will be rich, and he will yield royal delicacies. Asheri azogira ivyokurya vyinshi; azotanga ivyokurya bikwiye umwami.
21 Naphtali is a doe let loose that bears beautiful fawns. Nafutali ni ingeregere izituye, avuga amajambo aryoshe cane.
22 Joseph is a fruitful branch, a fruitful branch by a spring; his branches run over the wall. Yosefu ni uruzabibu rwama cane, ni uruzabibu rwama cane ruri hafi y’umugezi, amashami yarwo arakura akarenga uruzitiro.
23 The archers bitterly attacked him, shot at him, and harassed him severely. Abantu baramuteye bamurasa imyampi n’umururazi; baramurashe n’urwanko rwinshi.
24 Yet his bow remained unmoved; his arms were made agile by the hands of the Mighty One of Jacob—our Father—from there comes the Shepherd, the Stone of Israel. Ariko umuheto wiwe wagumanye ubukomezi bwawo, amaboko yiwe akomezwa n’ukuboko kw’inkomezi kw’Inyenkomezi ya Yakobo, n’Umwungere, ari we Gitandara ca Isirayeli.
25 By the God of your father who will help you, by El Shaddai—the Almighty, our Father—who will bless you with blessings of heaven above, blessings of the deep that crouches beneath, blessings of the breasts and of the womb. Imana ya so izogufasha, Iyishoboravyose izoguhezagira imihezagiro yo hejuru mw’ijuru, imihezagiro yo mu mazi hasi, n’imihezagiro y’ibere n’imbanyi.
26 The blessings of your father are mighty beyond the blessings of my ancestors, reaching to the riches of the everlasting hills. May they be on the head of Joseph, and on the brow of him who was set apart from his brothers. Imihezagiro ya so ni mikuru kurusha imihezagiro y’imisozi ya kera, kurusha ivyiza vy’imitumba ya kera cane. Ivyo vyose bibe ku mutwe wa Yosefu, ku ruhanga rw’umuganwa muri bene se.
27 Benjamin is a ravenous wolf, in the morning devouring the prey and at evening dividing the spoil." Benyamini ni ibingira ry’amarara; mu gitondo arya igikoko yishe, ku mugoroba akagabura ivyavuye mu ruhigi.”
28 All these are the twelve tribes of Israel; this is what their father said as he blessed them, each with the blessing fitting him. Iyo ni yo miryango icumi n’ibiri ya Isirayeli, kandi ivyo ni vyo yababwiye igihe yabahezagira, umwumwe wese akamuha umuhezagiro wiwe.
29 He commanded them: "I am being gathered to my people. Bury me with my fathers in the cave in Ephron the Hittite's field, Hanyuma Yakobo abihanikiriza avuga ati: “Ngiye gupfa vuba, mpamvye ba sogokuruza. Muze mumpambe hambavu ya ba sogokuruza mw’isenga riri mw’itongo rya Efuroni Umuheti.
30 in the cave in the field at Machpelah, east of Mamre in Canaan, which Abraham bought along with the field from Ephron the Hittite as a burial place. Ni rya senga riri mw’itongo rya Makapela, hafi y’i Mamure mu gihugu c’i Kanani, iryo Aburahamu yaguriye Efuroni, Umuheti nk’itongo ryo guhambamwo.
31 There they buried Abraham and Sarah his wife; there they buried Isaac and Rebekah his wife; and there I buried Leah, Aho ni ho bahamvye Aburahamu na Sara umugore wiwe, na Isaka na Rebeka umugore wiwe ni ho bahambwe, kandi ni ho nahamvye Leya.
32 the field and the cave that is in it were bought from the Hittites. Iryo tongo n’isenga riri muri ryo vyaguzwe ku Baheti.”
33 Jacob finished commanding his sons, drew his feet into the bed, breathed his last, and was gathered to his people." Ahejeje kubwira abana biwe ayo majambo, Yakobo yuriza amaguru yiwe ku buriri, aracikana, ahamvya ba sekuruza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]