Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 48 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After this, Joseph was told, "Look, your father is sick." So he took his two sons, Manasseh and Ephraim. Haheze igihe gito, Yosefu yumva ko se agwaye. Nuko Yosefu aja kumuraba ajanye n’abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu.
2 Jacob was told, "Look, your son Joseph has come to you." Israel mustered his strength and sat up on the bed. Nuko babwira Yakobo bati: “Umuhungu wawe Yosefu araje kukuraba.” Isirayeli aca arinanata yicara ku buriri bwiwe.
3 Jacob told Joseph, "El Shaddai—our Father Almighty—appeared to me at Luz in the land of Canaan and blessed me. Abwira Yosefu ati: “Imana Mushoboravyose yanyiyerekeye i Luzi mu gihugu c’i Kanani, irahampezagirira.
4 He said to me, 'I will make you fruitful, multiply you, and make you into a group of peoples; I will give this land to your offspring after you as an everlasting possession.' Irambwira iti: ‘Nzokugwiza, uruvyaro rwawe ndarugire rwinshi cane. Muri wewe hazova amahanga menshi, kandi nzoha iki gihugu c’i Kanani uruvyaro rwawe kibe icabo bwegu ibihe vyose.’
5 Now, your two sons born to you in Egypt before I came to you here are mine. Ephraim and Manasseh will be mine, like Reuben and Simeon. Aba bahungu bawe wavyariye muri Egiputa imbere y’uko ndahaza, ndabafata nk’abanje. Efurayimu na Manase ni abana banje nk’uko Reyubeni na Simeyoni ari abanje.
6 But children you father after them are yours; they'll be called under their brothers' names in their inheritance. Abo uzovyara inyuma yabo, bazoba abana bawe kandi bazoragwa amatongo mu bice bizohabwa bene se Efurayimu na Manase.
7 As for me, when I came from Paddan, Rachel died beside me in the land of Canaan, on the way, still some distance from Ephrath; I buried her there on the way to Ephrath" (that is, Bethlehem). Igihe nariko ndava i Padani, Rasheli yapfiriye mu gihugu c’i Kanani. Twari tukiri mu nzira twerekeye muri Efurata, ari ho i Betelehemu. Aho ni ho namuhamvye mu mubabaro mwinshi, i ruhande y’inzira ija muri Efurata.”
8 When Israel saw Joseph's sons, he said, "Who are these?" Isirayeli abonye abahungu ba Yosefu, arabaza ati: “Aba ni ba nde?”
9 Joseph said to his father, "These are my sons, whom our Father gave me here." He said, "Please bring them to me, so I may bless them." Yosefu aramwishura ati: “Aba ni abahungu Imana yampereye hano muri Egiputa.” Yakobo aravuga ati: “Banyegereze, ndabahezagire.”
10 Israel's eyes were dim with age—he couldn't see well. So Joseph brought them close to him, and he kissed and embraced them. Isirayeli yasa n’uwabaye impumyi kubera ubusaza, ntiyari akibona neza. Nuko Yosefu amwegereza ba bahungu, Yakobo arabasoma yongera arabagumbira.
11 Israel told Joseph, "I never expected to see your face—now our Father has even let me see your offspring." Isirayeli abwira Yosefu ati: “Sinigeze nibaza ko nzosubira kukubona, ariko raba Imana yampaye no kubona abana bawe na bo!”
12 Then Joseph took them from between his father's knees and bowed with his face to the ground. Maze Yosefu akura ba bahungu ku mavi ya Isirayeli, arunama ashika hasi.
13 Joseph took both—Ephraim in his right hand, toward Israel's left, Manasseh in his left, toward Israel's right—and brought them near him. Hanyuma afata ba bahungu biwe, Efurayimu amutumbereza i buryo bwiwe, atumberanye n’ukubamfu kwa Isirayeli; Manase na we amushira i bubamfu bwiwe, atumberanye n’ukuryo kwa Yakobo; maze yongera kubegereza sekuru.
14 Israel reached out his right hand and put it on Ephraim's head—the younger—then his left hand on Manasseh's head, crossing his hands—for Manasseh was the firstborn. Ariko Isirayeli agorora amaboko yiwe ayanyuranije ukuryo agushira ku mutwe wa Efurayimu, naho ari we yari muto; hanyuma ukubamfu kwiwe agushira ku mutwe wa Manase, naho Manase ari we yari imfura.
15 Then he blessed Joseph and said, "Our Father, before whom my fathers Abraham and Isaac walked—our Father who has been my shepherd all my life long to this day, Nuko ahezagira Yosefu avuga ati: “Imana ya data Isaka na sogokuru Aburahamu bagendeye imbere mu bwizigirwa, Imana yambereye umwungere ubuzima bwanje bwose gushitsa uwu musi;
16 the Messenger who has redeemed me from all evil—bless the boys. May my name live on in them, and the names of my fathers Abraham and Isaac; and may they grow into a multitude in the midst of the earth." umumarayika yandokoye akankiza ikibi cose, ihezagire aba bahungu. Baze bahamagarwe mw’izina ryanje no mu mazina ya Aburahamu na Isaka, kandi baze bagwire cane kw’isi.”
17 Joseph saw his father's right hand on Ephraim's head; it upset him, so he grasped his father's hand to move it from Ephraim's head to Manasseh's head. Yosefu abonye ko se yashize ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu, ntivyamunezera. Nuko afata ukuboko kwa se ngo agukure ku mutwe wa Efurayimu, agushire ku mutwe wa Manase.
18 Joseph said to his father, "No, my father, for this is the firstborn—put your right hand on his head." Yosefu abwira se ati: “Oya data, uwu ni we mfura yanje, ba ari we ushirako ukuryo kwawe ku mutwe.”
19 But his father refused and said, "I know, my son, I know. He too will become a people, he too will be great. Yet his younger brother will be greater than him, and his descendants will become many nations." Ariko se aranka, avuga ati: “Ndabizi, mwana wanje; ndabizi. Na we azohinduka ihanga, kandi na we azoba umuntu akomeye. Ariko murumunawe azomuruta, kandi uruvyaro rwiwe ruzohinduka amahanga menshi cane.”
20 That day he blessed them, saying, "Israel will bless through you, saying, 'May our Father make you like Ephraim and like Manasseh.'" And he put Ephraim before Manasseh. Uwo musi arabahezagira, avuga ati: “Abisirayeli bazotanga imihezagiro bakoresheje amazina yanyu bati: ‘Imana ize iguhe kumera nka Efurayimu na Manase.’ ” Nuko Yakobo ashira Efurayimu imbere ya Manase.
21 Israel said to Joseph, "Look, I am about to die, but our Father will be with you and bring you back to your fathers' land. Isirayeli abwira Yosefu ati: “Raba ngiye gupfa, ariko Imana izobana namwe kandi izobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza banyu.
22 And to you, rather than to your brothers, I have given one mountain slope that I took from the hand of the Amorites with my sword and with my bow." Kandi wewe, nguhaye umugabane urenze ku yo nahaye bene so, nguhaye akarere nanyaze Abamori nkoresheje inkota n’umuheto vyanje.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]