Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 47 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Joseph came and told Pharaoh, "My father and my brothers, with their flocks, herds, and all they own, have come from Canaan. They are now in Goshen." Nuko Yosefu aja kwa Farawo, aramubwira ati: “Data n’abavukanyi banje baje bava mu gihugu c’i Kanani. Bazananye n’amasho yabo n’imikuku yabo n’ivyo batunze vyose; ubu bari mu karere ka Gosheni.”
2 From among his brothers he took five men and presented them to Pharaoh. Yosefu yari yajanye na batanu muri bene se, maze abereka Farawo.
3 Pharaoh asked Joseph's brothers, "What is your work?" They told Pharaoh, "Your servants tend sheep, we and our fathers alike." Farawo abaza bene se ba Yosefu ati: “Umwuga wanyu ni uwuhe?” Baramwishura bati: “Twebwe abasavyi bawe turi abungere b’ibitungwa, nk’uko ba sogokuruza babikora.
4 They said to Pharaoh, "We came to live in this land as foreigners, since there's no pasture for your servants' flocks—the famine is severe in Canaan. Now please let your servants settle in Goshen." Twaje kuba hano muri Egiputa igihe gito, kuko ata buragiro bw’imikuku yacu bugisigaye mu gihugu c’i Kanani. Hari amapfa ateye ubwoba. Nuko rero turakwinginze utwemerere, twebwe abasavyi bawe, kuba mu karere ka Gosheni.”
5 Pharaoh said to Joseph, "Your father and your brothers have come to you. Farawo abwira Yosefu ati: “Ko so na bene so bagusanze hano,
6 Egypt lies before you. Settle your father and brothers in the best of the land—let them live in Goshen. If you know capable men among them, put them in charge of my livestock." igihugu cose ca Egiputa kiri imbere yawe, bahitiremwo aharuta ahandi kuba heza abe ari ho baba. Bareke bibere mu karere ka Gosheni. Kandi muri bo nihaba harimwo abafise ubihanga budasanzwe, ubazeze kuragira imikuku n’amasho vyanje na vyo.”
7 Then Joseph brought his father Jacob in and presented him to Pharaoh, and Jacob blessed Pharaoh. Nuko Yosefu azana se Yakobo amwereka Farawo, maze Yakobo ahezagira Farawo.
8 Pharaoh asked Jacob, "How many years have you lived?" Farawo abaza Yakobo ati: “Umaze imyaka ingahe?”
9 Jacob answered Pharaoh, "My years as a wanderer are 130. Few and hard, they haven't reached my fathers' years of wandering." Yakobo aramwishura ati: “Maze imyaka ijana na mirongo itatu ngendagenda kuri ino si. Imyaka yanje yabaye mike kandi yarangumiye. Sinashikije imyaka ba sogokuruza bamaze bagendagenda kw’isi.”
10 Then Jacob blessed Pharaoh and went out from his presence. Nuko Yakobo yongera guhezagira Farawo, maze arasohoka ava ku kirimba.
11 So Joseph settled his father and brothers, giving them land in Egypt's best territory, the region of Rameses, as Pharaoh had ordered. Nuko Yosefu aha se na bene se ahantu harusha ahandi kuba heza muri Egiputa, ahitwa mu karere ka Ramusesi, baba ari ho baba nk’uko Farawo yari yategetse.
12 Joseph fed his father, his brothers, and all his father's household, by the number of their children. Yosefu aha se, bene se n’imiryango yabo yose ivyokurya, afatiye ku gitigiri c’abana bari bafise.
13 No food remained in all the land, for the famine was very severe, and the land of Egypt and land of Canaan wasted from the famine. Yamara amapfa yarushiriza gukomera mu gihugu cose, kandi abantu bicwa n’inzara mu gihugu ca Egiputa no mu gihugu c’i Kanani.
14 Joseph gathered all the silver found in the land of Egypt and the land of Canaan for the grain they were buying, and Joseph brought the silver into Pharaoh's house. Nuko Yosefu yegeranya amahera yose yavuye mu kudandaza ingano mu gihugu ca Egiputa na Kanani, ayajana mu bubiko bwa Farawo.
15 When the silver ran out in the land of Egypt and land of Canaan, all the Egyptians came to Joseph, saying, "Give us food! Why should we die before you? Since silver is gone." Abantu bo muri Egiputa n’i Kanani batagisigaranye uruhera na rumwe, Abanyegiputa bose baza kwa Yosefu baramubwira bati: “Turakwingize uduhe ivyokurya. Uremeye ko dupfira mu maso yawe? Amahera yacu yose yaheze.”
16 Joseph answered, "Turn over your livestock; I'll give you food in exchange for your livestock, since your silver's gone." Yosefu arabishura ati: “Ko amahera yanyu yaheze, nimuzane imikuku yanyu, nanje ndabahe ivyokurya mu gishingo cayo.”
17 They brought their livestock to Joseph, and he gave them bread for the horses, flocks, herds, and donkeys. He provided them bread that year for all their livestock. Nuko bazanira Yosefu ibitungwa vyabo na we abaha ivyokurya. Mu kibanza c’amafarasi, imikuku y’impene n’intama, amasho y’inka n’indogoba vyabo, Yosefu abaha ivyokurya vyo kubamaza umwaka.
18 That year ended, and they came to him the second year and said, "We can't hide from my lord that our silver is gone and the livestock belong to my lord; nothing is left for my lord but our bodies and our land. Uwo mwaka uheze, bagaruka mu wukurikira baramubwira bati: “Nyakwubahwa, ntidushobora kuguhisha ukuri. Amahera yacu yaraheze, kandi amasho yacu n’imikuku vyacu ubu ni ivyawe. Nta co dusigaranye twotanga atari imibiri yacu n’amatongo yacu.
19 Why die before your eyes—we and our land? Buy us and our land for food; we and our land will serve Pharaoh. Give us seed to live, not die, and keep the land from turning desolate." None tugupfire mu maso, twebwe n’amatongo yacu? Tugure twebwe n’amatongo yacu, hanyuma uduhe ivyokurya. Twebwe n’amatongo yacu duhisemwo kuba abagurano ba Farawo. Twebwe duhe ingano gusa kugira ngo tubeho, ntidupfe; kandi amatongo ntahinduke ubugaragwa.”
20 So Joseph bought all Egypt's land for Pharaoh, because each Egyptian sold his field—the famine was too severe for them. The land became Pharaoh's. Nuko Yosefu agurira Farawo amatongo yose yo muri Egiputa. Abanyegiputa bamugurishako amatongo yabo yose kuko amapfa yari abarembeje. Maze amatongo yose aba aya Farawo.
21 He moved the people into the cities, from one end of Egypt to the other. Abantu na bo abagira abagurano biwe, kuva ku ruhande rumwe rwa Egiputa gushika ku rundi.
22 Only he did not buy the priests' land, since Pharaoh gave them a fixed portion they lived on; so they did not sell their land. Itongo ryonyene ataguze ryari itongo ry’abaherezi. Bari basanzwe baronka ivyo kubafasha bahabwa na Farawo, kandi baronka ivyokurya bikwiye bivuye muri iyo mfashanyo ya Farawo, ni co gituma batagurishije itongo ryabo.
23 Joseph told the people, "Look, I have bought you and your land for Pharaoh today. Here's seed—sow the land. Maze Yosefu abwira abantu ati: “Murabona ko uno musi nabaguze mwebwe n’amatongo yanyu. Ngira ndabahe rero imbuto kugira ngo mushobore gutera imirima yanyu.
24 At harvest, give Pharaoh a fifth; keep four parts as seed for the field and food for you, your households, and your children." Iyimbura niryagera, ica gatanu c’umwimbu wanyu muzogiha Farawo. Umwimbu usigaye uzoba uwanyu kugira ngo mushobore gutera imirima yanyu kandi mufungure n’imiryango yanyu n’abana banyu.”
25 They said, "You saved our lives. May we find favor in my lord's eyes, and we will be Pharaoh's slaves." Baramwishura bati: “Nyakwubahwa, ko watugiriye ubuntu, ukarokora ubuzima bwacu, natwe tuzoba abagurano ba Farawo.”
26 So Joseph made it law in Egypt—still in force today—that a fifth goes to Pharaoh. Only the priests' land did not become Pharaoh's. Nuko Yosefu aca asohora itegeko, kandi iryo tegeko riracakora gushika n’uno musi mu gihugu ca Egiputa; ko Farawo ategerezwa kuronka ica gatanu c’ivyimbuwe vyose mu gihugu ciwe. Itongo ryahawe abaherezi ni ryo ryonyene ritabaye irya Farawo.
27 Israel lived in Egypt's land, in Goshen's land. They gained property there, and were fruitful and multiplied greatly. Ico gihe, Abisirayeli na bo baba mu karere ka Gosheni muri Egiputa. Baharonkera amatongo n’amatungo kandi baragwira baba benshi.
28 Jacob lived in Egypt seventeen years; his life totaled 147 years. Yakobo yabaye muri Egiputa imyaka icumi n’indwi; imyaka yose yamaze yabaye ijana na mirongo ine n’indwi.
29 When Israel's time to die drew near, he called his son Joseph and said, "If I have found favor with you, please put your hand under my thigh and show me faithful love and loyalty. Please don't bury me in Egypt, Igihe ciwe co gupfa cegereje, Isirayeli atumako umuhungu wiwe Yosefu, aramubwira ati: “Nimba ngiriwe ubuntu mu maso yawe, shira ukuboko kwawe musi y’itako ryanje undahire ko uzonyereka urukundo rudahera n’ubwizigirwa mu gushitsa ico ngusavye: ntuze umpambe muri Egiputa.
30 but let me lie with my fathers. Carry me out of Egypt and bury me in their tomb." Joseph said, "I will do as you say." Ninapfa ndakwinginze uze ukure umubiri wanje muri Egiputa, umpambe hamwe na ba sogokuruza.” Yosefu aramwishura ati: “Nzobikora nk’uko ubivuze.”
31 Jacob said, "Swear to me." Joseph swore to him. Then Israel bowed at the head of his bed. Yakobo aravuga ati: “Ndahira wemeze ko uzobikora uko.” Nuko Yosefu aramurahira, maze Isirayeli arunama asenga Imana yishimikije inkoni yagendesha.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]