Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 46 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So Israel set out with all he had, came to Beersheba, and sacrificed to our Father, whom his father Isaac had worshiped. Nuko Isirayeli afata urugendo aja muri Egiputa hamwe n’ivyo yari atunze vyose. Ashitse i Berisheba ashikanira ibimazi Imana ya se Isaka.
2 And our Father spoke to Israel in visions of the night, "Jacob, Jacob." He said, "Here I am." Mw’ijoro, Imana ivugana na we mu nzozi iti: “Yakobo! Yakobo!” Aritaba ati: “Sabwe!”
3 He said, "I am your Father, whom your father worshiped. Do not be afraid to go down to Egypt, for there I will make you a great nation. Imana iramubwira iti: “Ndi Imana, Imana ya so. Ntutinye kuja muri Egiputa, kuko muri kirya gihugu nzohagwiriza umuryango wawe ube ihanga rinini.
4 I myself will go down with you to Egypt, and I will surely bring you back; and Joseph's own hand will close your eyes." Nzojana nawe muri Egiputa, kandi nzokugarukana. Wewe uzopfira muri Egiputa, ariko Yosefu ubwiwe ni we azokwugara amaso yawe.”
5 Jacob set out from Beersheba. Israel's sons carried their father Jacob, their little ones, and their wives in the wagons Pharaoh had sent for him. Nuko Yakobo ava i Berisheba, abahungu biwe bamujana muri Egiputa, hamwe n’abana babo n’abagore babo, mu mikogote Farawo yarungitse ngo imujane.
6 They took their livestock and the goods they had acquired in the land of Canaan, and came to Egypt—Jacob and all his offspring with him. Bajana n’amasho n’imikuku yabo n’ivyo bari batungiye mu gihugu c’i Kanani. Uko ni ko Yakobo n’umuryango wiwe wose bagiye muri Egiputa.
7 His sons and grandsons, daughters and granddaughters—all his offspring he brought with him to Egypt. Yajanye n’abahungu n’abakobwa biwe, n’abuzukuru, muri make yajanye n’uruvyaro rwiwe rwose muri Egiputa.
8 These are the names of Israel's sons who came into Egypt—Jacob and his sons: Reuben, Jacob's firstborn. Aya ni yo mazina y’abakomoka kuri Isirayeli (Yakobo n’abahungu biwe) bagiye muri Egiputa: Reyubeni imfura ya Yakobo.
9 The sons of Reuben: Hanoch, Pallu, Hezron, and Carmi. Abahungu ba Reyubeni ni: Hanoki, Palu, Hezironi na Karumi.
10 The sons of Simeon: Jemuel, Jamin, Ohad, Jachin, Zohar, and Shaul the son of a Canaanite woman. Abahungu ba Simeyoni ni: Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Sawuli, abo yavyaye ku mugore w’Umunyakananikazi.
11 The sons of Levi: Gershon, Kohath, and Merari. Bene Lewi ni: Gerishoni, Kohati na Merari.
12 Judah's sons: Er, Onan, Shelah, Perez, Zerah; but Er and Onan died in Canaan. Perez's sons: Hezron and Hamul. Abahungu ba Yuda ni: Eri, Onani, Shela, Perezi na Zera (ariko Eri na Onani bari bapfiriye mu gihugu c’i Kanani). Abahungu ba Perezi ni: Hezironi na Hamuli.
13 The sons of Issachar: Tola, Puvah, Iob, and Shimron. Abahungu ba Isakari ni: Tola, Puwa, Yashubi na Shimuroni.
14 The sons of Zebulun: Sered, Elon, and Jahleel. Abahungu ba Zebuloni ni: Seredi, Eloni na Yahileli.
15 These are Leah's sons, born to Jacob in Paddan-aram, with his daughter Dinah; his sons and daughters numbered thirty-three. Aba ni bo bahungu Leya yavyaranye na Yakobo i Padani-Aramu, uretse umukobwa wiwe Dina. Abo bahungu n’abakobwa biwe bose hamwe bari murongo itatu na batatu.
16 The sons of Gad: Ziphion, Haggi, Shuni, Ezbon, Eri, Arodi, and Areli. Abahungu ba Gadi ni: Zefoni, Hagi, Shuni, Eziboni, Eri, Arodi na Areli.
17 Asher's sons: Imnah, Ishvah, Ishvi, Beriah, and their sister Serah. Beriah's sons: Heber and Malchiel. Abahungu ba Asheri ni: Imuna, Ishuva, Ishuvi na Beriya. Mushiki wabo yitwa Sera. Abahungu ba Beriya ni: Heberi na Malukiyeli.
18 These are the sons of Zilpah, whom Laban gave to his daughter Leah; she bore these to Jacob—sixteen in all. Aba ni bo bahungu Yakobo yavyaye kuri Zilupa, uwo Labani yari yahaye umukobwa wiwe Leya nk’incoreke, bose bari icumi na batandatu.
19 The sons of Rachel, Jacob's wife: Joseph and Benjamin. Abahungu Yakobo yavyaye kuri Rasheli ni: Yosefu na Benyamini.
20 Manasseh and Ephraim were born to Joseph in Egypt by Asenath, daughter of Potiphera, priest of On. Muri Egiputa, Yosefu yavyaye Manase na Efurayimu kuri Asenati, umukobwa wa Potifera, umuherezi w’i Oni.
21 The sons of Benjamin: Bela, Becher, Ashbel, Gera, Naaman, Ehi, Rosh, Muppim, Huppim, and Ard. Abahungu ba Benyamini ni: Bela, Bekeri, Ashibeli, Gera. Namani, Ehi. Roshi, Mupimu, Hupimu na Aridi.
22 These are the sons of Rachel who were born to Jacob—fourteen persons in all. Abo ni bo bahungu Yakobo yavyaye kuri Rasheli, bose bari icumi na bane.
23 The sons of Dan: Hushim. Umuhungu wa Dani ni: Hushimu.
24 The sons of Naphtali: Jahzeel, Guni, Jezer, and Shillem. Abahungu ba Nafutali ni: Yahaziyeli, Guni, Yezeri na Shilemu.
25 These are Bilhah's sons, whom Laban gave to his daughter Rachel; she bore these to Jacob—seven in all. Abo ni bo bahungu Yakobo yavyaye kuri Biluha, uwo Labani yari yahaye umukobwa wiwe Rasheli nk’incoreke; bose bari indwi.
26 Jacob's direct descendants who came to Egypt—excluding his sons' wives—totaled sixty-six. Abajanye na Yakobo muri Egiputa bose; abakomoka kuri we, ukuyemwo abagore b’abahungu biwe, bashika mirongo itandatu na batandatu.
27 Joseph had two sons born in Egypt. Jacob's household that came to Egypt numbered seventy in all. Ushizemwo abahungu babiri Yosefu yavyariye muri Egiputa, umuryango wa Yakobo mu gihugu ca Egiputa wari ugizwe n’abantu mirongo indwi.
28 Jacob sent Judah ahead to Joseph to lead the way to Goshen; they reached the land of Goshen. Bagiye gushika, Yakobo arungika Yuda imbere kugira ngo ahure na Yosefu, maze amwereke inzira ija i Gosheni. Bahashitse,
29 Joseph readied his chariot and went up to Goshen to meet his father Israel. He appeared to him, fell on his neck, and wept on his neck a long time. Yosefu ategura imikogote yiwe, aja i Gosheni guhura na se, Isirayeli. Abonye se, aramvura amaboko aramugumbira maze amara umwanya muremure arira.
30 Israel said to Joseph, "Now let me die, since I've seen your face and you're still alive." Isirayeli abwira Yosefu ati: “Ubu rero harageze ko mpfa, kuko nsubiye kubona mu maso hawe kandi mbonye ko ukiriho.”
31 Joseph told his brothers and his father's household, "I will go up and tell Pharaoh, and say to him, 'My brothers and my father's household, who were in Canaan, have come to me. Nuko Yosefu abwira abavukanyi biwe n’umuryango wose wa se ati: “Ngira nje kwa Farawo ndamubwire nti: ‘Abo tuvukana n’umuryango wose wa data baje kundaba bavuye mu gihugu c’i Kanani.
32 The men are shepherds, for they have been keepers of livestock; they've brought their flocks, herds, and all they have.' Abo bagabo ni abungere kandi ni aborozi. Baje bazananye n’amasho n’imikuku yabo n’ivyo batunze vyose.’
33 When Pharaoh calls you and says, 'What is your occupation?' Farawo niyabatumako akababaza umwuga wanyu,
34 you will say, 'Your servants have raised livestock from our youth until now, we and our fathers,' so you may settle in Goshen; for every shepherd is detestable to the Egyptians." muze mumwishure muti: ‘Twebwe abasavyi bawe twamye turi aborozi b’ibitungwa kuva mu bwana bwacu, nk’uko na ba sogokuruza bacu bakora.’ Nimwamwishura uko, azoca abemerera kuba mu karere ka Gosheni, kuko Abanyegiputa basanzwe bakumira abungere bose.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]