Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 40 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After these things, the king of Egypt's cupbearer and baker sinned against their lord, the king of Egypt. Haheze igihe, uwari ajejwe guha umwami wa Egiputa ivyo kunywa, n’uwari ajejwe imikate y’umwami, bamucumurako.
2 Pharaoh was furious with his two officials, the chief cupbearer and the chief baker. Nuko Farawo ashavurira cane abo bakuru uko ari babiri: uwujejwe ivyo kunywa n’uwujejwe imikate.
3 He put them in custody in the guard captain's house, the prison where Joseph was held. Aca abashira mw’ibohero Yosefu yari arimwo, mu kigo c’umukuru w’ingabo zirinda umwami.
4 The captain of the guard assigned Joseph to serve them; they remained in custody for some days. Maze umukuru w’imbohe abazeza Yosefu, kugira ngo abarabe. Bamaze igihe kitari gito mw’ibohero,
5 Then both of them, the cupbearer and baker of Egypt's king, imprisoned in the prison, each dreamed a dream in one night, each dream with its own meaning. umwe yari ajejwe ivyo kunywa vy’umwami n’uwari ajejwe imikate y’umwami wa Egiputa, uko ari babiri, bagira indoto ijoro rimwe, kandi indoto yose yari ifise insiguro yayo.
6 When Joseph came to them in the morning, he saw that they were troubled. Mu gitondo Yosefu aje kubaraba asanga ntibamerewe neza.
7 He asked Pharaoh's officials with him in custody in his master's house, "Why do you look downcast today?" Arababaza ati: “Ni kuki mubabaye uno musi?”
8 They told him, "We each had a dream, with no one to interpret it." Joseph replied, "Don't interpretations belong to our Father? Please tell them to me." Baramwishura bati: “Twese twarose iri joro, ariko nta n’umwe ashobora kutubwira ico izo ndoto zisigura.” Yosefu arababwira ati: “Imana ni yo itanga ubwenge bwo gusigura indoto. Nimumbwire ivyo mwarose.”
9 The chief cupbearer told Joseph his dream: "In my dream a vine stood before me. Wa mukuru yari ajejwe guha umwami ivyo kunywa abwira Yosefu indoto yiwe ati: “Mu ndoto nabonye igiti c’umuzabibu imbere yanje.
10 The vine had three branches; as it sprouted, its blossoms opened, and the clusters ripened into grapes. Ico giti cari gifise amashami atatu. Kigitangura kuzana amababi, gica kirashurika, cama amahando y’inzabibu zihiye.
11 Pharaoh's cup was in my hand; I took the grapes, squeezed them into Pharaoh's cup, and put the cup in Pharaoh's hand." Nari mfise igikombe c’umwami mu minwe, nuko nca mfata ya mahando y’inzabibu ndayakanyira muri ca gikombe, nca nshira ca gikombe mu minwe ya Farawo.”
12 Then Joseph said to him, "This is its interpretation: the three branches are three days. Yosefu aramubwira ati: “Insiguro y’indoto yawe ni iyi: Ayo mashami atatu asigura imisi itatu.
13 In three days Pharaoh will lift up your head, restore you to your position, and you will put Pharaoh's cup in his hand, as before, when you were his cupbearer. Mu misi itatu, Farawo azokurekura, akubabarire, maze agusubize mu gikorwa cawe. Uzosubira umuhereze igikombe nk’uko wamye ubikora ukimukorera.
14 But remember me when it's well with you; please do me kindness—mention me to Pharaoh, so he may bring me out of this house. Uze unyibuke niyo vyose vyakungendera neza, umvugire ku mwami, kugira ngo ankure muri iri bohero.
15 For I was indeed kidnapped from the land of the Hebrews, and even here I've done nothing to deserve this dungeon." Jewe baranyuruje, bankura mu gihugu c’Abaheburayo, none raba ndapfunzwe, ariko nta kibi nakoze cotuma mba ndi muri iri bohero.”
16 Seeing the interpretation was good, the chief baker said to Joseph, "I too had a dream: three baskets of white bread on my head. Wa mukuru yari ajejwe imikate y’umwami abonye ko insiguro y’indoto ya mugenziwe ari nziza, abwira Yosefu ati: “Nanje narose mbona nikoreye ibiseke bitatu vy’imikate.
17 The top basket held all kinds of baked goods for Pharaoh, but birds were eating them from the basket on my head." Mu giseke co hejuru, harimwo imikate y’ubwoko butandukanye ya Farawo. Hanyuma mbona inyoni ziza kunobagura ya mikate muri ca giseke cari ku mutwe wanje.”
18 Joseph replied, "This is its interpretation: the three baskets are three days. Yosefu aramubwira ati: “Ibiseke bitatu bisigura imisi itatu.
19 In three days Pharaoh will lift your head off you and hang you on a tree—birds will eat the flesh off you. Mu misi itatu, Farawo azoguca umutwe, akubambe ku giti. Maze inyoni zizoza zikunobagure.”
20 On the third day, Pharaoh's birthday, he gave a feast for all his officials, and lifted the head of his chief cupbearer and the head of his chief baker among them," Haheze imisi itatu, ku musi wo kwibuka ivuka ryiwe, umwami ategura umusi mukuru, atumira abategetsi bakorana n’abakora ku kirimba. Nuko ahamagaza umwe yari ajejwe ivyo kunywa vyiwe n’uwari ajejwe imikate ngo baze mu bandi bategetsi.
21 restoring the chief cupbearer to his position, so he placed the cup in Pharaoh's hand. Asubiza wa mukuru yari ajejwe ivyo kunywa mu gikorwa ciwe, na we aca ashira igikombe mu minwe y’umwami.
22 But he hanged the chief baker, just as Joseph had interpreted to them. Wa mukuru yari ajejwe imikate we aramubambisha, nk’uko Yosefu yari yabimusiguriye.
23 Yet the chief cupbearer did not remember Joseph—he forgot him. Ariko wa mukuru ajejwe ivyo kunywa vy’umwami ntiyasubira kwibuka Yosefu; aramwibagira rwose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]