Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 39 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Joseph was brought down to Egypt; Potiphar, Pharaoh's Egyptian official and captain of the guard, bought him from the Ishmaelites who had brought him down there. Igihe Yosefu yajanwa muri Egiputa, yaguzwe na Potifari, umusoda mukuru w’Umunyegiputa, amugura ku Bishimayeli. Uwo Potifari yari umukuru w’ingabo zicungera ubuzima bwa Farawo, umwami wa Egiputa.
2 Our Father was with Joseph; he thrived, serving in his Egyptian master's house. Nuko Uhoraho abana na Yosefu, na we agira umugisha mu vyo yakora vyose. Yosefu yaba mu nzu ya shebuja w’Umunyegiputa.
3 His master saw our Father was with him, our Father making all he did succeed in his hand. Shebuja abonye ko Uhoraho ari kumwe na we, kandi ko amuha kuroranirwa mu vyo akora vyose,
4 Joseph found favor with him and served him; his master put Joseph over his house, entrusting him with all he owned. ivyo bituma Yosefu agira igikundiro imbere yiwe, amuha kugenzura ivyo mu nzu yiwe, amuzeza ivyo yari atunze vyose.
5 From when he put Joseph over his house and all he owned, our Father blessed the Egyptian's house for Joseph's sake; our Father's blessing was on all he had, house and field. Kuva umusi Yosefu azezwa inzu ya shebuja n’ivyiwe vyose, Imana yaciye itangura guhezagira urugo rwa Potifari Umunyegiputa kubera Yosefu; umuhezagiro w’Uhoraho uba ku vyo yari atunze vyose mu rugo no mu mirima.
6 Potiphar left all he owned in Joseph's care, aware of nothing except what he ate. Joseph was well-built and handsome. Nuko Potifari aha Yosefu ububasha bwose ku vyo yari atunze vyose, ntiyagira igisubira kumuraza ishinga uretse ivyokurya gusa. Yosefu yari umuhungu mwiza mu maso no mu gihagararo.
7 After these things, his master's wife cast her eyes on Joseph and said, "Sleep with me." Nuko muka Potifari atangura kumwipfuza, aramubwira ati: “Ingo turyamane!”
8 He refused, telling his master's wife, "Look, with me here, my master oversees nothing in the house; all he owns he has put in my hands. Ariko Yosefu aramwankira ati: “Urabona ko databuja ata kintu kimuraje ishinga, kuko yanjeje ivyo mu nzu yiwe vyose.
9 He is no greater in this house than I am; he's held back nothing from me except you, since you are his wife. How could I do this great evil and sin against our Father?" Nta muntu n’umwe muri iyi nzu andusha ububasha. Nta kintu na kimwe databuja yisigarije kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None nokwubahuka gute gukora ikibi nk’ico, ngacumura ku Mana?”
10 Day after day she spoke to Joseph, but he refused to listen to her, to lie beside her, to be with her. Wa mugore abandanya agora Yosefu ku musi ku musi, ariko Yosefu yanka kuryamana na we, amwigira kure uko bishoboka.
11 One day Joseph entered the house to do his work, with no household man inside. Umusi umwe, Yosefu yinjira mu nzu gukora ibikorwa vyiwe ata wundi muntu n’umwe ahari.
12 She caught him by his garment, saying, "Sleep with me!" He left it in her hand and fled outside. Wa mugore amufata impuzu, aramubwira ati: “Ingo turyamane!” Yosefu aramwiyaka arasohoka, ariko wa mugore asigarana umutamana wiwe mu minwe.
13 When she saw that he had left his garment in her hand and fled outside, Abonye ko Yosefu ahunze akamusigarana umutamana wiwe,
14 she called the men of her household and said, "Look—he brought us a Hebrew man to mock us. He came in to me to sleep with me, and I screamed loudly. ahamagara abakozi biwe arababwira ati: “Raba iri bara! Umugabo wanje yazanye uwu mugurano w’Umuheburayo kudutukisha. Yinjiye mu cumba canje ashaka kumfata ku nguvu, maze nca ndakoma induru nyinshi.
15 When he heard me cry out, he left his garment beside me and fled outside. Yumvise nkomye induru ngatabaza, yaciye yiruka arahunga, ariko asiga umutamana wiwe.”
16 She kept his garment beside her until his master came home." Nuko wa mugore agumya umutamana wa Yosefu kugeza umugabo atashe.
17 She told him the same story: "The Hebrew servant you brought us came to me to mock me. Ashitse, aca aramubwira uko vyagenze, ati: “Wa mugurano w’Umuheburayo wazana yinjiye mu cumba canje kudutukisha.
18 But when I cried out, he left his garment beside me and fled outside." Nkomye induru ngatabaza, aca arahunga aja hanze, asiga umutamana wiwe.”
19 When his master heard his wife's words to him—"Your servant did these things to me"—his anger flared. Shebuja yumvise inkuru y’umugore wiwe, avuga ati: “Ibi ni vyo wa mugurano wawe yankoreye,” aca arashavura cane.
20 Joseph's master took him and put him in the prison holding the king's prisoners. He stayed there in the prison. Nuko afata Yosefu amuterera mw’ibohero bapfungiramwo imbohe z’umwami. Ariko Yosefu ari muri iryo bohero,
21 But our Father was with Joseph, showing him covenant love and favor with the prison warden. Uhoraho abana na we, amuha kugira ikiganza ciza, agira igikundiro mu maso y’umukuru w’ibohero.
22 The prison warden put Joseph in charge of all its prisoners; whatever was done there, he did. Bidatevye, umukuru w’ibohero amuha kuganza abandi bapfungwa no kugenzura ibibera mw’ibohero vyose.
23 The warden checked nothing in Joseph's care, since our Father was with him—whatever he did, our Father made succeed. Umukuru w’ibohero ntiyasubira kugira ikimuraza ishinga, kuko vyose Yosefu yabiraba. Uhoraho abana na Yosefu, atuma ivyo akora vyose bimugendera neza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]